Burundi: Abatimbo ba Gishora baracishuza leta imiliyoni 12 kubera ikiraka batswe
Umugwi ndangakaranga w'abatimbo b'u Burundi wo mu Gishora (Gitega) uvuga ko wishuza leta amafaranga miliyoni 12 wakoresheje mu myiteguro y'urugendo rwo guherekeza umukuru w'igihugu.
Uwo mugwi wa Gishora niwo wari watoranijwe ngo uherekeze Prezida Evariste Ndayishimiye mw'isabukuru ryabereye i Dubai (Dubai Expo 2020) ryatanguye mu kwezi kwa Gitugutu 2021, uca ukurwa muri urwo rugendo ku munota wa nyuma.
Aho mu Gishobora, niho hasanzwe hari umuzi w'umuco wo kuvuza ingoma z'u Burundi, umuco w'ubuhinga bivugwa ko ushobora kuba umaze imyaka amajana.
Mu kwitegurira urwo rugendo, uwo mugwi uvuga ko wakoresheje amafaranga menshi mu gufata ingendo baja i Bujumbura kurondera impapuro za nkenerwa, kuriha aho barara hamwe n'ivyo bafungura.
Abo batimbo ba Gishora bavuga ko ico bobo bakeneye ari gushumbushwa ivyo bakoresheje bitegurira urugendo rwaje kujamwo abandi ku munota wanyuma kandi ku buryo butumvikana.
Bavuga yuko ikibazo cabo cakomeje guteragiranwa n'ubushikiranganji butandukanye.
Florentine Kwizera yavuganye n'umuyobozi wabo, Pacifique Nshimirimana, atangura amusigurira uko ico kibazo giteye (urashobora kwumva ico kiganiro aho hejuru).
Ibi ni ibindi woraba: