Intambara ya Ukraine: Putin aragabisha Finland ko kwinjira muri OTAN/NATO ryoba ari 'ikosa'

Finland yarongereje amafaranga agenewe igisirikare muri ino myaka iheze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Finland yarongereje amafaranga agenewe igisirikare muri ino myaka iheze

Umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin yagabishije mugenziwe wa Finland ko kwinjira muri OTAN/NATO, igihugu ciwe kigatakaza kamere ko kutagira aho cegamiye, bishobora kuba "ikosa".

Yabwiye Perezida Sauli Niinistö ko ata kintu kihari kibangamiye umutekano wa Finland.

Yavugize ibi mu kiganiro bagiranye kuri terefone igihe umukuru w'igihugu wa Finland yamuhamagara, imbere y'uko Finland imenyesha ku mugaragaro mu misi mike iri imbere ko yasavye icese kwinjira muri iryo huriro.

Suède nayo nyene yaramaze kumenyesha ko yipfuza kwinjira muri iryo huriro rihuza ibihugu vyo mu burengero, inyuma y'aho Uburusiya bukoreye igitero kuri Ukraine.

Finland isangiye urubibe rungana n'ibirometero 1300 n'Uburusiya. Gushika ubu, ntiyari bwigere yinjira muri OTAN kugira ngo ntihave igiriranira ingorane n'uyo mubanyi wayo wo mu buseruko.

Putin ntiyagabishije ko ashobora kwihora Finland kuri iyo ngingo, ariko umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire avuga ko Uburusiya buzotegerezwa kwihora.

Hagati aho, ingingo y'Uburusiya yo guhagarika guha Finland umuyagankuba ibonwa ko ari ikimenyetso ca mbere.

Mw'itangazo, ikompanyi y'Uburusiya ishora umuyagankuba RAO Nordic ivuga ko hari ingorane zo kuriha.

Umuyobozi nshingwabikorwa mu gisata kijejwe umuyagankuba muri Finland Reima Paivinen yabwiye BBC ko ingingo y'Uburusiya yo guhagarika umuyagankuba ata ngaruka mbi yagize.

Avuga ko umuyagankuba Finland igura mu Burusiya ingana hafi na 10% y'umuyagankuba wose mu gihugu, akongerako y'uko bashobora kuwusubiriza n'uwuva mu yandi masoko.

Inyuma y'ikiganiro co kuri terefone hagati ya Perezida Niinistö na Perezida Putin ejo ku wa gatandatu, Kremlin ivuga ko umukuru w'Uburusiya yashimangiye ko mu gihe "Finland yohagarika poritike imaze imyaka n'imyaka yo kutagira aho yegamiye gisirikare bishobora kuba ikosa kubera ko ata ngorane ku mutekano wayo zihari".

Yongerako iti: "Iyo mpinduka muri poritike y'ico gihugu ishobora kugira ingaruka mbi ku migenderanire hagati y'Uburusiya na Finland imaze imyaka itari mike ishingiye ku mubano mwiza n'ugukorera hamwe hagati yavyo".

Perezida Niinistö avuga ko yabwiye Putin ingene ingendo ziherutse kwerekanwa n'Uburusiya, harimwo n'igitero kuri Ukraine, "zahinguye ibijanye n'umutekano wa Finland".

Avuga ati: "Mu kiganiro cacu ntitwaciye ku ruhande kandi twabwizanye ukuri, mbere cabaye ata guterana amajambo. Twaritwararitse kwirinda icuka kibi".

Igihugu gishobora kuba intambamyi muri uwo mugambi wa Finland na Suède wo kwinjira muri OTAN ni Turukiya, inyuma y'aho Perezida Recep Tayyip Erdogan yagirije ibi bihugu vyompi ko bihaye indaro "imirwi y'iterabwoba", akavuga ko atanashigikiye ivyo ibi bihugu bisaba.

Aha vyabonetse ko yashaka kuvuga umuhari Kurdistan Workers' Party (PKK) ufatwa na Turukiya nk'umurwi w'iterabwoba. PKK imaze imyaka mirongo irwanya Turukiya mu kurondera ubutaka bwegukira abo mu bwoko bw'aba Kurdes.

Turukiya kandi iriyamiriza umuhari w'inyeshamba wo muri Syria uzwi nka People's Protection Units (YPG), ufatwa nk'ishami rya PKK, n'aho wifatanije na Amerika mu kurwanya umuhari wiyita Reta ya ki-Islam (Etat Islamique/ Islamic State).

Ibibihugu vya Suède na Finland vyompi birafise abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Kurdes, mbere nko mu nama nshingamateka ya Suède hoho harimwo abashingamateka bafise amamuko mu ba Kurdes. Perezida Erdogan ntiyerekanye ivyemezo vy'uko aba bantu bafitaniye ubucuti na PKK.

Abashikiranganji b'imigenderanire ba Suède, Turukiya na Finland bari mu mibonano mu ntubmero yo gutorera umuti ibibatandukanya.

Imbere y'ibi biganiro, umushikiranganji w'imigenderanire wa Turukiya Mevlut Cavusoglu yasubiyemwo ivyavuzwe n'umukuru w'igihugu ciwe ariko yerekana ko ashaka ibiganiro. .

Yasubiwemwo na AFP avuga ati: "Benshi mu banyagihugu ba Turukiya ntibashigikiye ko ivyo bihugu vyinjira muri iri shirahamwe kubera bishigikiye umuhari w'iterabwoba wa PKK...ariko ibi ni ibibazo dukeneye kuganirako n'ibihugu vya OTAN hamwe n'ibi bihugu nyene".

Ishirahamwe OTAN rihurikiyemwo ibihugu vyo mu burengero ryashinzwe mu 1949 mu ntumbero yo kwikingira ibitero vyari gushobora kuva mu cahoze ari Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviyeti (URSS/USSR).

Perezida Putin avuga ko kimwe mu vyatumye atera igihugu kibanyi ca Ukraine ari uko cashatse kwinjira muri iryo huriro.

Map of Sweden and Finland with 1,340km (830 mile) border highlighter
line