Imvo n’imvano ku mpunzi z’Abarundi zimaze imyaka 50 i Tanzania zihunze ubwicayi bwa 1972

Tumaze iminsi tubashikiriza ivyabaye mu Burundi aho kw'itariki 29 z’ukwezi kwa kane mu 2022, imyaka 50 yari irumanye mu Burundi habaye ubwicanyi bw’agahomerabunwa, bwahitanye abantu bivugwa ko bari hagati y' ibihumbi 150 n’ibihumbi 300, ariko hakaba hakiri impari kuwabutanguye n’uko bwokwitwa. Hari Abahutu bavuga ko ari genocide yakorewe Abahutu, hakaba n'Abatutsi na bo bakavuga ko yari genocide yari yabanje gutegurwa gukorewa Abatutsi. Akanama kajejwe kumenyekanisha ukuri no kunywanisha CVR gaherutse kumenyasha ko ivyabaye mu 1972 gushika mu 1973 ari ihonyabwoko ryakorwe Abahutu, naho ubwicanyi bwakorewe Abatutsi n'Abatwa muri ico gihe bwo bukaba ari ubwicanyi bwakorewe kiremwa muntu. Ariko hari Abatutsi bavyamiriye kure. Ivyo CVR yemeje mu cegeranyo, vyanemejwe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka. Ubu hasigaye ko leta ivyemeza bigashirwa mw'itegeko nshinga ry'u Burundi.

Ubwo bwicanyi bwatanguriye mu bumanuko bw’igihugu hanyuma bushwara igihugu cose, bwahitanye abantu ibihumbi amajana abandi bahungira mu bihugu bibanyi. Muri bo, hari abo ico gihe baciye bahungira mu gihugu ca Tanzania mu makambi ya Ulyankuru, Mishamo na Katumba. Benshi muri bo, bakaba bamaze kuronswa ubwenegihugu bwa Tanzania, ariko bakaba bakiba muri ayo makambi.

Mu gihe bari baramutse bahimbaza imyaka 50 Tanzania ibakiriye nk’impunzi, n’inyuma y’imyaka 14 baronkejwe ubwenegihugu, BBC Gahuzamiryango yashatse kumenya uko abo barundi babayeho kuva bagishika muri ico gihugu, imbere y’uko baronka ubwenegihugu n’inyuma y’aho. Iyo ntambara yatumye bomoka yatanguye gute? Bamaze guhunga bagize izihe ngorane? Bakiriwe gute n’abanyagihugu ba Tanzania? Akarusho baronse inyuma yo kuronka ubwenegihugu n’akahe?

Ivyo ni bimwe mu vyo twaganiriye na bamwe mu barundi baba muri imwe muri izo kambi, ya Ulyankuru iri mu ntara ya Tabora. Muri kino kiganiro rero mukaba mugiye kuba hamwe na Cyriaque Muhawenayo.