Imvo n'Imvano ku bwicanyi bwo mu 1972 mu Burundi (igice cya kabiri)
Twongeye kubaha ikaze muri iki kiganiro cy'Imvo n'Imvano cyo ku wa gatandatu tariki 7 z'ukwa 5 mu 2022. Nkuko nabibemereye ubushize, uyu munsi turabagezaho igice cya nyuma cy'ikiganiro twabagejejeho ku wa gatandatu ushize.
Ni ikiganiro cyavugaga ku myaka 50 ishize mu Burundi habaye ubwicanyi ndengakamere bwahitanye abantu bo mu bwoko bw'abahutu babarirwa hagati y'ibihumbi 150 n'ibihumbi 200. Hari n'abandi baguye muri ubwo bwicanyi b'abatutsi n'abatwa.
Umurwi w'igihugu, CVR, ushinzwe kumenya ukuri no kurekuriranira, wasohoye icyegeranyo ku itariki 20 z'ukwezi kwa 12 k'umwaka ushize, icyegeranyo kigaragaza ko mu matohoza bamaze gukora mu gihugu cyose, ubwo bwicanyi bwakorewe abahutu ari ihonyabwoko/ jenoside, naho ubwakorewe abatutsi n'abatwa ari ibyaha byakorewe inyokomuntu.
Abatumire bacu muri icyo kiganiro bari Aloys Batungwanayo, umukomiseri wa CVR wagize uruhare muri icyo cyegeranyo, Olivier Nkurunziza, umukuru w'umugambwe UPRONA;
François-Xavier Nsabimana, umuhuzabikorwa akaba n'uhagarariye imbere y'amategeko urunani rw'abacikacumu hamwe n'abakozweko n'ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu Burundi mu 1972, hamwe na Emmanuel Nkurunziza, ukuriye ishyirahamwe AC Génocide Cirimoso ryo muri Canada, akaba yaranaminuje mu kwiga ibya jenoside.
Muri iki kiganiro kandi turanabagezaho bamwe mu batanze ibitekerezo bamaze kumva igice cya mbere cy'iki kiganiro.
Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Félin Gakwaya.
