Kenya: hadutse uruhagarara biturutse kw'isashe yitiranijwe n'intare

- Umwanditsi, Na Peter Mwai
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
Abapolisi batatu b'abanya-Kenya bajejwe gucungera amashamba ivyo ari vyo vyose ntiborohewe mu gihe begera umuhana barikanuye, inyuma y'amakuru bahawe yavuga ko hari intare yatorotse yabonetse mu karere.
Ariko hadaciye akanya, baguye mu gahundwe basanze ico bise intare ari isashe yari mu biti vy'urugo - ikaba yari icapuyeko umutwe w'intare nyayo.
Umurimyi wo mu kigwati ca Kinyana kiri ku kirometero kimwe gusa uvuye kw'ishamba ry'ibikoko, Mt Kenya National park, niwe yatabaje inyuma yo kubona ico yibajije ko yari intare hanze gato y'umuhana w'umukoresha wiwe.
Iyo sashe yari yashizwe muri ivyo biti vy'urugo na nyene inzu, aho yari yayiteyemwo imivyaro y'amavoka kugira ngo ntihave yuma.
Umukuru w'umutumba Cyrus Mbijiwe yabwiye BBC ko n'aho ata makuru aherutse y'intare zitoroka muri ako karere, bamwe mu banyagihugu baba kuri uwo mutumba baridoga ko ibitungwa vyabo bigenda amazimayongo.
Ati: "Twabifashe nka nkama. Ubwa mbere twakoze ibishoboka vyose kugira ngo ntihagire uwugirirwa nabi, hanyuma abajejwe gucungera amashamba baca bakora amatohoza ari ho basanga ari isashe".

Nyene umuhana siho yari ari igihe abajejwe gucungera amashamba batumwako. Amaze gushika, yasabwe kwinjirira mu muryango wo ku rundi ruhande rw'inzu kugira ngo ntahave ahura n'intare.
Iyo sashe yari neza na neza musi y'idirisha; bamaze kwegera, abajejwe amashamba basanze icafashwe ko ari intare ata mubiri gifise - kuko yari isashe.
N'aho habaye ubwoba ku kintu kitari ic'ukuri, igisata ca Kenya kijejwe amashamba cashimiye "abanyagihugu kubona baciye batabaza kugira ngo ntihahave haduka induru ".










