Intambara ya Ukraine: Poland ivuga ko izobaho n'aho Russia yoyima gaze

Pologne yinjiza gaz iguriwe ikompanyi Gazprom ikinjira iciye mu muringoti wa Yamal

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pologne yinjiza gaz iguriwe ikompanyi Gazprom ikinjira iciye mu muringoti wa Yamal

Pologne ivuga ko izoshobora "kubaho" inyuma y'aho Uburusiya buhagarikiye igurishwa rya gaze muri ico gihugu kuri uno wa gatatu, nk'uko amakuru abivuga.

Ikompanyi ntanganguvu y'Uburusiya Gazprom yabwiye Pologne na Bulgarie ko izohagarika igurishwa rya gaze mu bihugu "vy'abakeba" vyanse kuriha mu ma rouble.

Amakuru ava mu bigo vy'Ubumwe bwa Bulaya bijejwe gaze yerekana ko gaze yahora irungikwa muri Pologne ubu yahagaze.

Pologne ivuga ko izoronka gaze ahandi. Ntibiramenyekana neza nimba Bulgarie nayo nyene yakatiwe gaze.

Ibi bihugu vyompi vyaranse kuriha mu ma roubles - ifaranga ry'Uburusiya.

Ikompanyi ya Pologne ijejwe gaze, PGNiG, ivuga ko yari yabwiwe ko imihora yose ya gaze yategerezwa kwugarwa kuva isaha zibiri mu masaha yo mu ci ya Bulaya yo hagati (ni co kimwe n'ay'Uburundi no mu Rwanda).

Ubushikiranganji bwa Bulgaria bujejwe amasoko ntanganguvu buvuga ko bwabwiwe ko irungikwa rya gaze muri iki gihugu rihagarikwa kuva kuri uwu wa gatatu.

PGNiG igendera kuri Gazprom ku rugero hafi rwose rwa gaze yinjiza mu gihugu, 53% ya gaze yinjije mu gihugu yayiguze mu Burusiya mu gice ca mbere c'uno mwaka.

Ivuga ko iri hagarikwa ry'igurishwa ari uguhonyanga amasezerano, ikavuga kandi ko izofata izindi ngingo kugira ngo isubire kuronka gaze.

Bulgaria, igihugu gisanzwe kigendera kuri Gazprom ku rugero rurenga 90% rwa gaze gikoresha, ivuga ko yafashe ingingo zo kurondera ayandi masoko ariko nta mategeko yafashwe ku bijanye n'ikoreshwa rya gaze muri kino gihe.

Ubushikiranganji bw'ico gihugu bujejwe amasoko ntanganguvu buvuga ko Bulgarie yakoze ivyo yategerezwa gukora mu masezerano isanzwe ifitaniye na Gazprom kandi ko bwarishe ivyo bwategerezwa kuriha.

Buvuga kandi ko uburyo bushasha bwo kuriha bwashizweho n'Uburusiya buhonyanga amasezerano asanzwe ahari.

Aya makuru amaze kuja ahabona, ubushikiranganji bwa Pologne bujejwe ikirere buvuga ko iki gihugu gifise amasoko ntanganguvu akwiye.

Umushikiranganji ajejwe ikirere Anna Moskwa avuga ko bidakenewe kwikora kuri gaze y'integabizoza kandi ko badashobora guhagarika gaze ku bakiriya.

Icegera c'umushikiranganji wa Pologne ajejwe imigenderanire, Marcin Przydacz, avuga ko igihugu ciwe cari camaze kwitegura ko Uburusiya bwari gushobora kugabanya igurishwa rya gaz mu gihugu ciwe, gica kirondera ayandi masoko.

Yabwiye BBC ati: "Ndazi neza cane ko tuzotorera inyishu iki kibazo".

Avuga kandi ko iyi ngingo yo kwugara imihora ya gaze yerekana ko Moscou itari "incuti y'umwizigirwa mu gikorwa ico ari co cose c'ubucuruzi" aca asaba ibindi bihugu vya Bulaya nk'Ubudagi gushigikira ingingo yo guhagarika gukoresha amasoko ntanganguvu y'Uburusiya.

Polonge yari isanzwe iri mu nteguro zo guhagarika kugurira gaze mu Burusiya gushika mu mpera z'uno mwaka, aho amasezerano y'igihe kirekire na Gazprom azoba arangiye.

PGNiG ivuga ko ububiko bwayo bwo mu kuzimu bwari bwuzuye gushika ku rugero rwa 80% kandi ko, kubera ici ririko riregereza, atari benshi bayisaba.

Pologne nayo nyene irafise ayandi masoko, harimwo ikigo ca gaze y'amazi (gaz naturel liquéfié/liquefied natural gas, GNL/LNG) kiri ahitwa Swinoujscie.

Ku wa 01 Rusama (5), vyitezwe ko uwundi muringoti wa gaze iva muri Lithuania na woe nyene uzokwugururwa, bikazotuma Pologne ironka gaze ivuye muri ico gihugu.

Ni mu gihe uwundi muringoti mushasha uva muri Norvège, uzwi nka "Baltic Pipe", uzotangura gukora muri Gitugutu (10). Ushobora kwuzura rwose gushika mu mpera z'uno mwaka ugashobora guca usubirira gaze yose yava mu Burusiya.

Ibice vyababa 40% vya gaze ibihugu vyo mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya bikoresha isanzwe iva mu Burusiya.

Hagati aho, ibihugu vyinshi vyaramaze gufata ingingo yo kuvavanura n'amasoko ntanganguvu y'Uburusiya mu kwihora igitero cabwo kuri Ukraine.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaramaze guhagarika burundu igitoro, gaze n'ibizuku (charbon) vy'Uburusiya.

Ni mu gihe Ubwongereza butegura guhagarika kugurira igitoro mu Burusiya imbere y'uko uno mwaka urangira, hakazokurikira gaze vuba bishoboka, mu gihe Ubumwe bwa Bulaya nabwo buriko buragabanya gaze bugurirayo gushika ku bice bibiri vya bitatu.