Ukraine: Umuvugizi wa Kremlin yemeje ko Russia imaze gutakaza vyinshi

Dmitry Peskov avuga ko Abarusiya bamaze gupfira muri Ukraine ari "amahano akomeye kuri twebwe"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Dmitry Peskov avuga ko Abarusiya bamaze gupfira muri Ukraine ari "amahano akomeye kuri twebwe"

Uburusiya bwemeye ko "bumaze gutakaza ingabo nyinshi cane" muri Ukraine, ni mu gihe uyu musi ugira 44 kuva iki gitero gitanguye.

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu Dmitry Peskov yabwiye ikinyamakuru co mu Bwongereza Sky News ko Abarusiya bamaze gupfira muri Ukraine ari "amahano akomeye kuri twebwe" .

Avuga ko afise icizere ko Moscou igiye gushika kw'ihangiro ry'iyi ntambara "mu misi iri imbere".

Amajambo ya Peskov aje inyuma y'aho Uburusiya bwirukaniwe mu Nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ku wa gatatu.

Ibihugu bishika 93 kuri 193 bigize Inama Nkuru ya ONU bemeje iyi ngingo, inyuma y'aho ingabo z'Uburusiya zagirijwe ko zahonyanze agateka ka zina muntu mu buryo bw'agahomerabunwa mu gisagara zari zigaruriye ca Bucha mu buraruko bwa Ukraine.

Mu kwishura, Moscou yaciye itangaza ko itanze imihoho muri iyo nama.

Iyi nama imenyesha ko "itewe cane umutima uhagaze n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu", mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagiriza Uburusiya ko bwakoze ayandi mahano akomeye i Borodyanka, igisagara kiri hafi y'umugwa mukuru Kyiv.

Peskov arahakana ko ingabo z'Uburusiya zishe abantu mu gisagara ca Bucha, yabwiye Sky News ko "turi mu misi y'amarementanya n'ibinyoma". Ata vyemezo atanga, yavuze ko amasanamu y'abasivire bishwe muri ico gisagara ari irementanya.

Hagati aho, kwemera ko Uburusiya bwahatakarije abantu benshi ni ikintu kidasanzwe.

Ku wa 25 Ntwarante (3), umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe kwivuna abansi yavuze ko 1.351 mu basirikare babwo bari biciwe mu ntambara. Ukraine yoyo ivuga ko Abarusiya bamaze kuhasiga ubuzima bababa 19.000.

Vyaba ibivugwa n'Uburusiya canke na Ukraine, nta ruhande rwigenga rurashobora kubihinyuza - abihweza ibintu n'ibindi bakagabisha ko Uburusiya bushobora kuba butuvya igitigiri c'ababwo bamaze gupfira mu ntambara, mu gihe Ukraine nayo ishobora kuba ikiduza kugira ngo itere intege abayo.

Abategetsi bo mu bihugu vy'Uburengero bemeza ko abasirikare b'Uburusiya bari hagati ya 7.000 na 15.000 ari bo bamaze kuhasiga ubuzima.

Ibisigarira vy'igifaru c'Uburusiya hafi ya Kyiv biriko bikuburwa na tingatinga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibisigarira vy'igifaru c'Uburusiya hafi ya Kyiv biriko bikuburwa na tingatinga

Peskov, umuvugizi wa Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya kuva mu 2000, avuga kandi ko Uburusiya buriko burarondera ingene bworangiza iyi ntambara.

Ati: "Abasirikare bacu bariko bakora uko bashoboye kwose kugira ngo ibi bikorwa vya gisirikare birangire, kandi turizeye ko mu misi iri imbere, atari kure cane, ibi bikorwa bizoshika ku ntego yavyo canke naho birangizwe n'ibiganiro hagati y'intumwa z'Uburusiya n'iza Ukraine".

Uburusiya bwarakuye ingabo zabwo ahegereye Kyiv ubu bukaba bwashize inguvu zose mu buseruko bwa Ukraine - ariko nta kimenyetso na kimwe cerekana ko intambara igiye guhagarara.

Icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Ukraine atera akamo abanya-Ukraine baba mu buseruko guhunga bakibishoboye, mu gihe ibibombe bibandanya bicucagirwa muri ako karere bitorohereza ibikorwa vyo guhungisha abantu.

Ejo ku wa kane, ibihugu vyo mu Burengero vyafatiye ibindi bihano Uburusiya mu vyo ubutunzi mu kwihora ku vyaha vy'intambara bwagirizwa muri Ukraine.

Ari imbere y'inama nshingamateka y'Uburusiya, Duma, umushikiranganji wa mbere Mikhail Mishustin yaremeje ko ingaruka z'urukurikirane rw'ibihano zisigura ko iki gihugu kigiye guhura n'ibibazo vyubutunzi bitari bwigere bibaho mu myaka mirongo.

Ati: "Nta nkeka, ibibazo biri mu gihugu bishobora gufatwa ko ari vyo vya mbere bikomeye bihanze Uburusiya mu myaka mirongo itatu iheze. Ibi bihano ntivyigeze bifatwa no muri vya bihe vy'umwiza w'igihe c'intambara yo kwikekana [Guerre froire/ Cold War]".

Ariko avuga ko ingaruka z'ibihano vyafashwe n'ibihugu vyo mu Burengero zabaye nto, akaba yabwiye abashingamateka ko "ikigega cacu, ari co mushinge w'ubutunzi bwose bw'igihugu, cifashe neza".

Inyuma yo gukoroka mu buryo butari bwigere bubaho mu mpera z'ukwa kabiri, ifaranga ry'Uburusiya, Rouble/Ruble, ryivyukiranije risubirana agaciro ryari rifise imbere y'intambara.

Perezida Zelensky wa Ukraine yasubiye gutera akamo ibihugu vyo mu Burengero ko vyomuha ibirwanisho bikomakomeye, akavuga ko ingabo ziwe zikeneye "ibirwanisho bizoha igihugu ciwe gutsinda ku rubuga rw'intambara kandi ko ari vyo bizoba ibihano bikomeye ku Burusiya".