Umukuru wa UNAids Winnie Byanyima avuga ingene yakorewe ihohoterwa ry'igitsina

Winnie Byanyima

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Winnie Byanyima yavuze ko igihe yashika mu Bwongereza yumva bimutera isoni cane kubwira inzego zijejwe abinjira n'abasohoka ihohoterwa yari yaragiriwe

Umukuru w'ishami rya ONU rijejwe kurwanya Sida/Aids, UN Aids, Winnie Byanyima, ku ncuro ya mbere yavuze ivyamushikiye vyo guhohoterwa no kuburabuzwa bishingiye ku gitsina.

Madame Byanyima avuga ati: "Narashegeshwe, nari mfise imyaka 18…Nahatswe gusambanywa ku nguvu."

Yabwiye ikiganiro ca BBC Desert Island Discs ko atawe yari bwigere abwira iyo nkuru yiwe ariko ko cabaye igihe gikomeye mu buzima bwiwe.

Yavuze ko ari umunyeshure muri kaminuza i Kampala mu 1977, umwigisha yagiye mu cumba iwe avuga ko yemeye ko bakundana azoca aronka amanota yo kumenya mu vyigwa vyiwe.

Madame Byanyima avuga ko yibuka ingene yari "umukobwa muto yiyemera".

"Navuze nti: 'Sinkeneye uwumfasha' nca ndamubwira ngo agende."

'Ijambo guhohotera ntiryabaho'

Yashitse abibiwira abavyeyi biwe, baca babona ko atomara iyo myaka kuri kaminuza aburabuzwa, bavuga ko akwiye kuhava. Hari incuti y'umuryango yari izinanye na bamwe mu ba jenerari, aca avuga ko yofasha mu kurondera impapuro zo kuja hanze.

Haca hategekanywa ko bajana nawe mu bushikiranganji bw'amashure. Ariko ntiyigeze amujana ku bushikiranganji. Ahubwo yaciye amutwara mu modoka gushika i muhira iwe, yitwaza ko hari ikintu yibagiwe. "Twarashitse mu nzu iwe, aca avuza umuziki. Iyo ndirimbo yari The First Cut is the Deepest aca aza kumfata", nk'uko avyibuka.

"Narakomye induru, aramaramara, aca arahagarika, anshira mu modoka ansubiza kuri kaminuza aca avuga ko ndi ikijuju, ko nkiri umwana. 'Bene ibi birashika'. Yavyise ngo: "Ibintu birashika'.

"Narashegeshwe. Nari mfise imyaka 18. Sinari bwigere ndyamana n'umuhungu. Nahatswe gusambanywa ku nguvu.

"Ico gihe nta n'ijambo ryari rihari ryo kuvuga guhohotera canke kuburabuza bifatiye ku gitsina. Hari ugusambanya ku nguvu, ariko ntiwubahuka kubivuga", nk'uko uwo mukuru wa UNAids yibuka.

Yarashoboye gushika mu Bwongereza ariko amaze gushika, ntiyashobora kubwira abajejwe abasohoka n'abinjira ivyari vyamushikiye.

"Navuze ko mwene wacu yari yishwe. Navuze ko nari mfise ubwoba ko nanje nshobora kwicwa. Ariko sinashobora kuvuga ko nahatswe gusambanywa ku nguvu canke ko naburabujwe kenshi bifatiye ku gitsina. Vyari biteye isoni cane", nk'uko abivuga.

Ubuzima ku ntwaro ya Amin

Yarasubiye muri Uganda aca aba umushingamateka imbere y'uko amara imyaka myinshi akora muri Union Africaine/African Union na ONU. Mu 2013, Madame Byanyima yabaye umukuru wa Oxfam International. Ico gihe iryo shirahamwe ryari ryugarijwe n'akamaramaza k'ihohotera rifatiye ku gitsina, ryari vyabaye imbere y'uko aba umukurru w'iryo shirahamwe.

Madame Byanyima avuga ati: "Igihe kimwe vyaranse ko nifata muri ivyo bihe bigoye, hari mu kiganiro n'umumenyeshamakuru w'umunya-Canada, yansugereje cane.

"Nariko ndagerageza kutivugira, nshaka kwerekana ko ntahura ububabare bwo guhohoterwa bifatiye ku gitsina."

Ntiyamubwiye ivyo yigeze gucamwo wenyene ubwiwe "ariko vyari bindi ku mutima", nk'uko abivuga.

"Inyuma y'ico kiganiro nararize, ndazi ubwo bubabare canke nari ndabuzi, nca nibuka ivyo naciyemwo. Nico gituma ata kindi nari gukora atari ugusaba imbabazi. Sinashobora kugwanira abakozi, nagwaniye uwo yari yahohotewe."

Madame Byanyima yavuze kandi ku bwana bwiwe mu gihe c'intwaro ya Amin "abona abapfa, abona abakubagurwa".

"Kw'ishure, abo mu muryango baje gutora umunyeshure bakamujana hanyuma akagaruka haheze indwi akaza yariharanguye (yimosheje igipara) kandi agandaye.

"Twaca tumenya ko se yishwe canke yabuzwe irengero kandi ivyo ntitwashobora kubivuga", nk'uko Byanyima avuga.

"Abantu bahamba uwabo mw'ijoro kuko wategerezwa kwifata nk'uko ata muntu yapfuye. Kuko ubivuze canke ukavyerekana, nawe bashobora guca bakuzira".

Yiga ivy'ubu 'ingenieur' i Manchester mu mpera z'imyaka ya 1970, Madame Byanyima yaraharaniye kwiyamiriza Amin mu nyuma yinjira mu mugwi witwaje ibigwanisho.

"Kuba muri iyo mihari vyaramfashije gusohora ishavu nari mfise no kwumva ko ndi kumwe n'abandi, nibaza ko ivyo vyankijije," nk'uko abandanya avuga.

Yagenywe kuba umukuru wa UNAids mu 2019.