Ukraine: Kuki urukurikirane rw'imiduga rw'Uburusiya rwa 64km hafi ya Kyiv rwahagaze?

Ahavuye isanamu, EPA
Urukurikirane runini rw'imiduga ya gisirikare y'Uburusiya, bivugwa yuko rufise uburebure bwa 64km hafi y'umurwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, ntiruratera intabwe n'imwe mu minsi itatu nk'uko ministre ajejwe kwivuna abansi w'Ubwongereza abivuga.
Ariko abajejwe ivyo kwivuna abansi muri Amerika bo bavuga yuko Uburusiya bugifise intumbero yo gukikuza no gufata uwo muji utuwe n'abantu bashika imiriyoni zitatu - hagakoreshwa umukenyuro wo kuwukumira nivyakenerwa.
Amasanamu ya satelite aheruka yerekana ubunini bw'urwo rukurikirane ateje ubwoba bw'uko igitero coba cimirije.
Ariko abajejwe intwaro mu Bwongereza no muri Amerika bavuga yuko ikibazo c'ibikoresho gishobora kuba kiriko kiratuma haba ugukwega ibirenge.
Mu gutanga amakuru yo ku rugamba kwabaye mu gitondo c'uno wa kane, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi yavuze ko urwo rukurikirane "rwateye intambwe ntoyi cane mu minsi itatu" kandi rukaba rukiri ku birometero birenga 30 uvuye i Kyiv.
Kubera iki urwo rukurikirane rwandara?
Hari imvo nyinshi zishobora gusigura igituma urwo rukurikirane runini, rurimwo ibiduga bitamenwa, vya muzinga hamwe n'ibifaru bikwegwa n'imodoka, rwahagaritse kwegereza umurwa mukuru.
Izo mvo zirimwo ibibazo vy'ibikoresho, ukwirwanako kutari kwitezwe kw'abanye-Ukraine hamwe no kudebukirwa kw'abasirikare b'Uburusiya.
Ku bijanye n'ibikoresho, gupfa kw'imiduga hamwe n'ubwinshi bwayo biriko birateza ibibazo, nk'uko leta y'Ubwongereza ibivuga. Ivyo kurya hamwe n'ibitoro bivugwa ko ari bikeyi, kandi hari amakuru yuko ububi bw'amapine hamwe no kudafatwa neza naco gishobora kuba ari ikibazo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
General Sir Richard Barrons, yahoze ari umugaba mukuru w'igisirikare c'Ubwongereza yabariye ikiganiro Today ca BBC Radio 4 ati: "Hari ikibazo gikomeye c'uburyo bwo kuronka ibitoro, ivyo kurya, ivyuma vyo gusubiriza ivyapfuye mu miduga hamwe n'amapine... baheze mu vyondo ku buryo vyagoranye cane gukurayo imiduga."
Ariko, yavuze yuko ibibazo vyo kugenzura no gutanga amategeko - nk'akarorero imihora ya radio idakora neza hamwe n'itumanako ku mihora yugururiye bose - bishobora kuba biriko birateza ibibazo bikomeye kurusha.
Ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi, Pentagon, bwavuze yuko Uburusiya bufise ibibazo vy'ibikoresho kandi bwafashe ingingo yo gusubiza amaso inyuma no kwihweza "intambwe itatewe hamwe n'ingene vyokosorwa kugira hisubizwe umwanya watakaye".
Kwivuna kwa Ukraine nakwo kwibazwa yuko kuri mu vyatumye gutera imbere kw'urukurikirane rw'imiduga y'Uburusiya kudindira, nk'uko Pentagon ibivuga, ariko yongeyeko yuko idashobora kwemeza ayo makuru ubwayo.
Oleksandr Danylyuk, yahoze ari umunyamabanga w'urwego rujejwe umutekano no kwivuna abansi muri Ukraine yabari BBC ati "muri rusange abantu bari muri rurya rukurikirane bagenda baradebukirwa buri munsi", ivyo akabihushanya n'ingoga zifiswe n'igisirikare ca Ukraine kirwanira umurwa mukuru.
Kuwa kabiri, abajejwe kwivuna abansi muri Amerika babariye abamenyeshamakuru ko hari ibimenyetso vyerekana ibibazo vyo kudebukirwa/gucika inkokora mu gisirikare c'Uburusiya, gisanzwe gikoresha abasirikare benshi bakijamwo kw'itegeko.
Abo barongozi bagira bati "ntabwo ari bose bari bazi yuko bazorungikwa mu bikorwa vya gisirikare".
Urwo rukurikirane rurashobora gusamburwa?
Hariho ubushobozi bwo kurwanira mu kirere Ukraine ifise, kandi yarakoresheje indege zitagira abadereva zikomeye zikorerwa muri Turkiya mu gusambura izindi nkurikirane z'imiduga z'Uburusiya.
Ariko nk'uko bivugwa na Gen Barrons, Kyiv nta bushobozi bwa gisirikare bukwiye ifise bwo gusambura urukurikirane rungana kuriya.
Yagize ati "baravyifashemwo neza mu kugaba ibitero ku nkurikirane baturutse imbere no mu mpande", ariko ukwonona ukwo ari kwo kwose kwozanana mu kirere kwokora ku hantu hato.
Uburusiya kandi nabwo butegerezwa kuba bufise uburyo bwo kwivuna bwo mu kirere bukingiye uru rukurikirane bukaba bworasa abanye-Ukraine, nk'uko Gen Barrons yabandanije avuga. Rero igitero co mu kirere cotuma Ukraine itakaza nyinshi mu ndege zayo kandi izo isanzwe ifise ari nkeyi.

Ahavuye isanamu, AFP via getty images
Bamwe mu batangaza amakuru y'iyi ntambara bavuga yuko OTAN yari ikwiye kuraba ko yosambura urwo rukurikirane, ariko ivyo vyokwunyura ibintu kuko hohakwa kwaduka intambara hagati y'ibihugu bifise ibirwanisho ruhonyanganda.
None uru rukurikirane rugiye gukora iki?
Naho havuzwe izo ngorane zose, ukuri ni uko hari urukurikirane runini rw'ibikoresho vya gisirikare vy'Uburusiya ruri mu buraruko bwa Kyiv kandi umwanya ni umwanya ruzotera imbere.
Uwahoze ari umukuru w'igisirikare mu Bwongereza, General Lord Dannatt, yabariye BBC ati "uru rukurikirane runini... ruzozunguruka kandi rukumire umurwa mukuru", yongerako yuko ukugerageza kw'Uburusiya kwo gufata Kyiv ibarabara ku rindi kwokwonona vyinshi cane.

Ahavuye isanamu, Reuters
Gen Barrons yanavuze yuko urwo rukurikirane rukirimwo ubushobozi bwinshi bwa gisirikare bwobangamira cane Kyiv.
Yavuze yuko bishoboka ko urwo rukurikirane ruba igice c'abasirikare bazokikuza Kyiv hakoreshwe ibikoho biremereye hamwe n'abasirikare barwanira hasi.
Hazogera igihe kimwe aho Abarusiya bazoba bafise amahitamwo abiri. Barashobora kuzotanga itegeko ryo gushira ibirwanisho hasi, canke bakemera ko umuji utazoheba urugamba, bawutere co kimwe nk'uko bateye umuji wa kabiri munini muri Ukraine ari wo Kharkiv.
Kuri ubu abanyagihugu ba Kyiv ico bokora conyine ni kurindira bakaraba ico urwo rukurikirane ruzokora.













