Imvo n'imvano ku mishamirano hagati ya Russia na Ukraine

Mu kiganiro c’uyu musi, tuganira ku nkuru imaze iminsi ivugwa kw'isi y'igihugu ca Ukraine aho amakuru avuga ko gishobora guterwa umwanya uwo ari wo wose n’igihugu kibanyi c’Uburusiya. Ukraine cahoze ari kimwe mu bihugu bigize Reta Zunze Ubumwe z’ Abasoviete (URSS/USSR) imbere y’uko ivyo bihugu vyiyonkora mu 1991 bica birikukira. Intara ya Crimée/Crimea ibamwo abarusiya benshi yaciye yegukira Ukraine, ariko umugwa mukuru wayo, Sebastopol, ugumamwo ibirindiro vya gisirikare vy’Uburusiya.

Mu 2014, Uburusiya bwarigaruriye iyo ntara bukoresheje inguvu, bugirako buratangaza ko ibaye iyabwo bwite, inyuma y’imyiyerekano yatumye prezida yari yatowe Viktor Ianoukovich, yagirizwa kuba mu kwaha k’Uburusiya, ata agahungira muri ico ihugu. Ivyo bihugu vyagumye birabana ribi, ibintu bikaba vyagiye kwunyuka aho Ukraine isabiye kwinjira mw’ishirahamwe ryo kugwaniriza umwansi hamwe ry’abanyaburaya, OTAN/NATO, ivyo Uburusiya buterekwa na gato. Inyuma y’amatora yo 2019 muri Ukraine yashikanye ku butegetsi prezida Volodymyr Zelensky, hari icizere ko hashobora kuba agahengwe, mbere n’umukuru w’Uburusiya Vladimir Putin aravuga ko yiteguye gusubira kugirana imigenderanire myiza n’ico gihugu.

Ibintu vyasubiye kuba ndanse mu mpera z’umwaka uheze, aho Uburusiya bwarunze ingabo zirenga 100.000 ku rubibe bihana na Ukraine. Ukraine na yo yaciye ihamagaza igitigiri nk’ico c’abasirikare bama bagavye mu kwitegurira ibitero vy’Uburusiya bishobora kuba umwanya uwo ari wo wose. Ku ruhande rumwe hari Uburusiya, ku rundi ruhande Ukraine n’ibihugu vya Buraya hamwe na Amerika bihurikiye mw’ishirahamwe Otan, ubu biguma bishigikira mu majambo no mu bikoresho vya gisirikare biguma birungika muri Ukraine no mu bihugu vy’incuti vyegereye Uburusiya.

Hagiye haba ibiganiro bihuza impande zose ariko gushika ubu nta co birashikako. Uburusiya buguma buhakana ko ata mu gambi bufise wo gutera Ukraine, ariko ibihugu vyo bishigikiye Ukraine bivuga ko ari umwanya n’umwanya ibitero bigatangura, mbere bimwe bimwe bikaba bimaze gutahukana ababiserukira bahora muri ico gihugu, bikanasaba abanyagihugu bavyo kuva muri Ukraine. Inyuma y’imyimenyerezo Uburusiya bwari bumazemwo imisi ku rubibe buhana na Ukraine, inkuru zivuga ko zimwe mu ngabo zabwo zitanguye kuva muri ako karere mugabo umukuru wa Ukraine n'ishirahamwe rya OTAN bakavuga ko Ata bimenyetso bifatika barabona vyemeza ko izo ngabo z'Uburusiya zatanguye kuvayo.

None mu vyo ukuri Uburusiya na Ukraine bipfa iki? Uburaya na Amerika bufise izihe nyungu murI Ukraine? Kubera iki Uburusiya butipfuza ko Ukraine ija muri Otan? Mu gihe iyo ntambara yokwaduka, yogira izihe nkurikizi mu karere ivyo bihugu birimwo no hirya no hirya no hino kw’isi, dore ko hari n'abamaze kuvuga ko yaba intambara ya gatatu y'isi ?

Ivyo ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro c’imvo n’imvano mwateguriwe na Cyriaque Muhawenayo.