Guinea-Bissau: Igipfungu kibandanya ciyongera kuri coup d'Etat yapfuvye

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Nicolas Négoce
- Igikorwa, BBC News, Bissau
Mu ntango y'uku kwezi, vyaboneka nk'aho Guinée-Bissau/Guinea-Bissau yari iguye muri ya ndwara yiswe "akaranda k'ama coups d'Etat muri Afrika y'Uburengero", ariko muri kino gihe, hari abafise amakenga ku vyatangajwe n'ubutegetsi ku bijanye n'ivyabaye.
Inyuma y'ama coups d'Etat arenga cumi yabaye kuva igihugu kironse intahe yo kwikukira mu 1974, kikaba kandi ari umuhora w'ibiyayuramutwe, amakuru ava muri Guinée-Bissau avuga ko hari abantu bashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Umaro Sissoco Embaló yaje kwerekana ko umutekano w'igihugu uhungabanya.
Mali, Guinée/Guinea na Burkina Faso vyose vyari biherutse kugwa mu minwe y'abasigikare, ari ho mu nyuma naho, kw'igenekerezo rya 01 Ruhuhuma (ukwa kabiri) abantu bitwaje inkoho barateye ku kirimba c'umukuru w'igihugu ku mugwa mukuru Bissau.
Uyu mukuru w'igihugu w'imyaka 49 yari mu nyubakwa mu nama kumwe na reta yiwe.
Ariko, inyuma y'ukurasana kwamaze amasaha atanu bigatuma abantu 11 bahasiga agatwe, Perezida Embaló yatangaje ko bari bafise ibintu mu minwe kandi ko wari umurwi w'abacuruza ibiyayuramutwe bashaka kwigarurira ubutegetsi.
Mu rindi jambo yashikirije muri ino ndwi, yashize ahabona amazina y'abantu batatu bigeze gufatwa na Amerika bariko bagerageza kwinjiza urumogi rwa cocaine avuga ko ari bo baskaka gusenyura ubutegetsi.

Ahavuye isanamu, AFP
Umwe muri bo yahoze arongoye igisata ca gisirikare c'ingabo zirwanira mu mazi, José Américo Bubo Na Tchuto, umukuru w'igihugu akavuga ko we nyene ubwowe yiboneye abo bandi babiri mu gihe yariko agerageza kwinyegeza abari bamuteye.
Aba bantu bose barapfunzwe, gushika ubu akaba ataco baravuga ku vyo bagirizwa.
Ku wa kane. atuje kandi yiyoroheje, umukuru w'igihugu yabwiye abanyamakuru ko yarokotse abashaka agatwe kiwe kubera ukwemera kwiwe.
Kuvuga ko ibiyayuramutwe bifitaniye isano n'iki gitero, bishingiye ku kuntu Guinée-Bissau izwi cane ko ari inzira y'ibi biyayuramutwe biva muri Amerika y'ubumanuko bija i Bulaya.
Ishirahamwe ONU hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyarigeze muri kahise kuvuga ko iki gihugu gifise abantu imiriyoni zibiri ari "igihugu c'ibiyayuramutwe" (narco-state), aho abanyaporitike baronswa uburyo n'inkozi z'ikibi kandi ko no muri reta hari imirwi y'abanyaporitike ikingira uru rudandaza ruteye kubiri n'amategeko.
Mu 2019, Perezida Embaló yatsinze amatora yabayemwo induru hanyuma yemerera abanyagihugu ko atazokwihanganira urudandaza rw'ibiyayuramutwe.
Abamushigikiye bavuga ko yashizeho inzira yorohereza igipolisi gushobora kurwana uru rudandaza ariko nta wuzi nimba harabaye akarusho.
Lucia Bird wo mw'ishirahamwe Global Initiative Against Transnational Organized Crime avuga ati: "Hari bamwe mu bahoze bakora uru rudandaza bagarutse".
'Turi mu mahoro'
Ariko, hanze y'inyubakwa za reta, hibazwa vyinshi.
Mu nzu yo kwimosherezamwo iri hagati mu gisagara ca Bissau, umwe mu bariko barimosha aremeza ko ata mugambi wo gutembagaza ubutegetsi wigeze uba.

Ahavuye isanamu, AFP
Ati: "Vyose bimeze neza. Turi mu mahoro hano Bissau, Nta kintu na kimwe cigeze kiba. Raba hano".
Hagati aho, n'aho ata ngabo nyinshi zizunguruka, haradutse icuka kibi, mbere umugore umwe wewe akivugira ko womenya "igihugu kiriko kirasubira inyuma".
Umunyaporitike akomeye atavuga rumwe n'umukuru w'igihugu, uyu nawe akaba ari uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Domingos Simoes Pereira arongoye umugambwe wa mbere ukomeye mu gihugu, ntiyemera ivyatangajwe na reta ku vyabaye.
Yabwiye BBC ati: "Wombwira gute ingene haba ukurasana amasaha atanu yose ariko ntihigere harungikwa abasirikare gutabara reta? Ivyo ntibibaho".
"Abanyagihugu ba Guinée-Bissau barakeneye kumenya vy'ukuri icinyegeje inyuma y'uku gushaka gusenyura ubutegetsi. Ni bande babikoze? Bari bangahe? Ni nde yari abarongoye? Bari bafise intumbero nyabaki?".
Umukuru w'igihugu ntarashobora kwishura ibi bibazo, ariko yaratanguje amatohoza. Ku wa kane, yarashimangiye ko "abafashe inkoho ari abantu bafitaniye isano n'urudandaza rw'ibiyayuramutwe".
'Igitero c'irementanya'
Abajijwe nimba acemera ko igisirikare kimushigikiye mu gihe kitihutiye kuza kumutabara, yavuze ati 'ego', ariko yongerako y'uko ikintu nyamukuru ari uko yemera Imana.
Hari iyindi nsiguro itangwa n'umuhinga mu vya poritike Rui Landim ishobora gusigura ingene umukuru w'igihugu yarokotse n'igituma igisirukare gisa n'ikitashatse kwihutira gutabara.
Yabwiye BBC ko yibaza ko Perezida Embaló ari we yoba yarateguye iki gitero we nyene kugira ngo yumvishe ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afrika y'Uburengero, CEDEAO/ ECOWAS "ko ryorungika ingabo zikamufasha kuguma ku butegetsi".

Ahavuye isanamu, AFP
Ukutumvikana hagati yawe n'umushikiranganji wa mbere hamwe n'inama nshingamateka kwaratumye atakaza inguvu.
Ariko umukuru w'igihugu avuga ko kubona CEDEAO yaremeye kurungika ingabo vyerekana ko akarere gafatanye mu nda.
Mu gihe hari igipfungu ku bintu nyavyo vyabaye inyuma y'indwi hafi zibiri ziheze, hari benshi umutima utari mu nda.
Inyuma y'umwanya muto iki gitero kibaye, hari bamwe baciye bahungira hagati mu gihugu kandi gushika n'ubu ntibaragaruka.










