Mason Greenwood: Umusatiziri wa Manchetser United yarekuwe vy’agateganyo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Manchester United Mason Greenwood yarekuwe vy'agateganyo inyuma yo guhagarikwa yagirizwa gufata ku nguvu umugore.
Uyu mukinyi w'imyaka 20 yahagaritswe kandi ku wa Mungu yagirizwa ihohotera, inyuma y'uko yagirijwe ku mbuga hwaniro.
Mu nyuma yahagaritswe yagirizwa ko yafashe umuntu ku nguvu mbere agatera ubwoba bwo kwica umuntu ku wa kabiri.
Manchester United yari yamenyesheje ko uyu musatirizi atari gusubira mu myimenyerezo gushika hafashwe izindi ngingo.
Igipolisi ca Greater Manchester cavuze ko Greenwood yahagaritswe inyuma y'aho kimenyeye ko "hari amashusho n'amareresi yashizwe ku mbuga hwaniro n'umugore yavuga ihohotera yakorewe".
Iki gipolisi kivuga ko abacamanza bari bategetse ko aguma mu gasho gushika ku wa gatatu ariko ubu yarekuwe vy'agateganyo mu gihe ayandi matohoza akibandanya.

Ahavuye isanamu, Reuters
Inyuma y'aho uyu musatirizi ahagarikiwe, ikigo EA Sports gikora udukino two kuri videwo cavuze ko Greenwood yakuwe mu dukino twa FIFA.
Cavuze ko yari yakuwe mu gakino kitwa FIFA 22 aca akurwa no ku rutonde rw'abo gikoresha mu gakino FIFA Ultimate Team hamwe na Ultimate Draft.
Ikompanyi ikora ivyambarwa vy'abanonotsi, Nike, yari yamenyesheje ko ihagaritse imigenderanire n'uyu mukinyi.
Umuvugizi wayo yavuze ati: "Turababajwe cane n'ibi birego kandi tuzobandanya dukurikiranira hagufi iki kibazo".
Amaze gutangura gukinira Manchester United mu kwa gatatu 2019, Greenwood yarateye igikumu mu kwa kabiri kw'umwaka uheze ku masezerano yo gukinira uyu murwi mu kiringo c'imyaka ine, amaze gutera intambwe nk'umwe mu bigishijwe n'uyu murwi.
Ku wa Mungu, uyu murwi wavuze ko "udashobora kwihanganira ihohotera iryo ari ryo ryose" kandi ko wari wamenyeshejwe ivyo uyu mukinyi yagirizwa, ariko ko ataco wari kuvuga imbere y'uko "ukuri kumenyekana ku vyabaye".
Mu rindi tangazo ryasohowe ejo ku wa kabiri, uyu murwi washimangiye ko wiyamiriza wivuye inyuma ihohotera iryo ari ryo ryose.










