Djokovic yashitse iwabo muri Serbia inyuma yo kwirukanwa na Australia ku mpari za visa

Ahavuye isanamu, Reuters
Novak Djokovic yashitse muri Serbie inyuma yo kwirukanwa muri Australia.
Uwo mugabo ari kw'isonga mu rukino rwa tennis mu bagabo, yirukanywe atsinzwe urubanza rwa visa rwari rushingiye ku kuba aticandagishije.
Abamushigikiye bari baje ku bwinshi ku kibuga c'indege ca Belgrade bazungagiza amabendera y'igihugu basemerera ngo "turakunda Novak" .
Umwe mu bafana yavuze ati: "Birateye isoni ivyo bakoreye Novak muri Australia.
"Birateye isoni aho isi igeze.
"Jewe naricandagishije, natewe incanco zibiri, ariko nibaza ko ata n'umwe yari akwiye guhatirwa gukora ikintu…yaciriwe urubanza kubera uburenganzira bwiwe bwo guhitamwo ico ashaka".
Australian Open y'uwu mwaka yatanguye i Melbourne kuri uyu wa mbere.
Djokovic yari ategekanijwe gukina kuri uyu wa mbere, ariko iyirukanwa ryiwe ryatumye harangira amahirwe yiwe yo kuba uwa mbere mu gutsinda Grand Slam ya 21.
Hisunzwe amategeko ya Australia agenga abasohoka n'abinjira, Djokovic w'imyaka 34, ntazosubira kuronka iyindi visa mu kiringo c'imyaka itatu.
Ariko umushikiranganji wa mbere Scott Morrison yavuze ko ashobora gusubira kwemererwa kwinjira muri ico gihugu vuba "mu gihe kibereye".
Mu kiganiro na radiyo yo muri Australia 2GB ku wa mbere, yavuze ati: [Ingingo ibuza kwinjira] irarenga ikiringo c'imyaka itatu, ariko hariho amahirwe yo kugaruka "mu gihe kibereye" kandi ivyo bizokwigwa hageze".
Itegeko rya Australia rirategekanya imvo zishobora gutuma iyo ngingo y'ikiringo c'imyaka itatu ivanwaho.
Ivyo bisigura ko Djokovic ashobora kwitaba Australian Open mu mwaka uza.
Ariko ubu hari n'ikibazo c'ukwitaba kwa Djokovic ihiganwa rya French Open, Grand Slam ikurikira ku rutonde rw'uyu mwaka.
Inama nshingakateka y'Ubufaransa yaraye yemeje itegeko risaba abantu barenza imyaka 16 kuba bafise icemeza ko bicandagishije kugira bemererwe kwinjira ibibanza rusangi, harimwo n'ibibanza vy'inkino.
Ubushikiranganji bw'Ubufaransa bujejwe inkino bwavuze ku wa mbere ko ata muntu n'umwe buzoha uruhusha rudasanzwe rwo kutisunga iryo tegeko ry'urupapuro rwo kwicandagisha, buvuga ko rikora no ku bakinyi babibigize umwuga co kimwe n'abaja kurorera.
Ariko umuvugizi yavuze ko hari naho ibintu vyoba vyahindutse imbere y'uko iryo higanwa riba mu kwezi kwa Rusama (ukwa 5).
Djokovic yahatiwe kuva muri Australia inyuma y'aho abacamanza bemereje ingingo y'umushikiranganji ajejwe abasohoka n'abinjira Alex Hawke yo gufuta visa yiwe ku mvo z'amagara y'abanyagihugu.
Iyo ngingo yarangije igihe ca wavahe wajahe aho uwo munya-Serbia yariko arakora ivyo ashobora vyose kugira agume muri ico gihugu agwanire ikibanza ciwe ca mbere muri tennis.
Ubwa mbere yari yahawe uruhusha rwo kwa muganga rwo kwinjira muri Austrialia n'imigwi ibiri itandukanye y'abahinga mu vy'amagara y'abantu - umwe wari warondewe n'urwego rwa tennis muri Australia, uwundi nawe warondewe na reta y'intara ya Victoria - inyuma yo gupimwa ko yanduye coronavirus mu kwezi kwa Kigarama(12).

Ahavuye isanamu, Reuters
Ariko kuba uwo mukinyi yagerageje kwinjira muri ico gihugu aticandagishije vyateye ishavu mu banyaguhugu.
Urwego rwa Australia rujejwe imbibe rwaciye rumupfunga itariki 5 Nzero (ukwa mbere) kubera kutuzuza ibisabwa mu bijanye na coronavirus, visa yiwe ica irafutwa.
Umucamanza yarasheshe iyo ngingo ku wa mbere uheze, ariko reta mu nyuma ikoresha izindi ngingo irongera irafuta visa yiwe.
Iyo ntambara y'amategeko yaheze ku wa gatandatu igihe abacamanza bemereje ingingo ya reta, bituma Djokovic ata yindi nzira asigarana atari ukuva muri ico gihugu.










