South Africa: 'Umwami w'aba Khoisan' yahagaritswe kubera indimo z'urumogi ku biro vy'umukuru w'igihugu

Ibinyamakuru vyo muri Afrika y'Epfo bivuga ko umuryango wa King Khoisan ushavujwe n'iri hagarikwa ry'uwabo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ibinyamakuru vyo muri Afrika y'Epfo bivuga ko umuryango wa King Khoisan ushavujwe n'iri hagarikwa ry'uwabo

Igipolisi ca Afrika y'Epfo caranduye ibiterwa bitari bike vy'urumogi rwa cannabis rwarimwe hafi y'ibiro vya Perezida Cyril Ramaphosa i Pretoria.

Ibi biterwa vyari ivy'abaharanira agateka k'abasangwabutaka bazwi nka Khoisan, bamwe muri bo bakaba bari bamaze imyaka itatu bacumbitse muri ako gace.

Indongozi yabo isanzwe yiyita King Khoisan (umwami Khoisan) yaseguye igiterwa kinini ca cannabis igihe abapolisi bariko bamukwega.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryasubiyemwo amajambo yiwe avuga ati: "Mwa bapolisi mwe...muratanguje intambara".

Abandanya avuga ati: "Twari twibereye ng'aha mu mahoro. Ubu rero turabajeko".

Yaciye ahagarikwa.

We na bagenziwe baharanira uburenganzira bwabo bahagaritswe kubera "urudandaza rwa dagga [cannabis], imirima itemewe n'amategeko no kurima dagga, hamwe no kutambara agapfukamunwa mu bantu igihe igipolisi cabategeka kukambara", niko AFP yabwiwe.

Aba Khoisan ni bo basangwabutaka ba Afrika y'Epfo ba kera cane, ariko mu karere bisanga bakumiriwe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Aba Khoisan ni bo basangwabutaka ba Afrika y'Epfo ba kera cane, ariko mu karere bisanga bakumiriwe

Mu 2018, uyu murwi wari ucumbitse mu gace ko gusamiramwo akayaga (espace vert/green space) hanze y'ibiro vy'umukuru w'igihugu, hafi y'igishusho kinini ca Nelson Mandela, mu ntumbero yo guharanira ko ururimi rwabo rwemerwa.

Mu kiganiro yagiranye n'ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo IOL gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, umugore wa King Khoisan yerekanye uburakari ku vyabaye.

Umwamikazi Cynthia ati: "Ndababaye cane, cane rwose. Umukuru w'igihugu ntagomba kuza" kuvugana na bo. Yabwiye IOL ko aba banyagihugu bo mu bwoko wa Khosian ata kindi baharanira atari ukwemerwa.

Abandanya avuga ko abantu bamye bakoresha ibi biterwa nk'umuti, nko kuvura kanseri n'umurindi w'amaraso. Uru rumogi rwa cannabis rwari rwatewe mu karima k'imboga.

Mu 2018, umuntu ku giti ciwe kwihereza urumogi ari aha wenyene vyarakuwe mu vyaha bihanwa n'amategeko muri Afrika y'Epfo.

Aba Khoisan ni bo basangwabutaka ba Afrika y'Epfo ba kera cane, ariko mu gihugu ni inkehwa muri kino gihe.

Muri Afrika y'Epfo, cannabis izwi kw'izina rya "dagga"

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Muri Afrika y'Epfo, cannabis izwi kw'izina rya "dagga"