Covid: Umugore yiyugaraniye muri toilet amasaha atanu amaze kumenya ko yanduye ari mu kirere

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwigisha w'umunyamerika avuga ko yamaze amasaha yishize ukwa wenyene ku bushake bwiwe mu kazu ka surwumwe k'indege amaze gusanga afise umugera wa Covid- 19 indege ija iri mu kirere.
Marisa Fotieo avuga ko yumvise mu muhogo hamubabaza igihe yari mu ndege iva Chicago ija Reykjavik muri Islande ku wa 20 Kigarama (12).
Madame Fotieo avuga ko yigiriye igipimo cihuta yifashishije ibikoresho yari yitwaje, gica cemeza ko afise umugera.
Yaciye aguma mu kazu ka surwumwe mu mwanya w'urugendo wari usigaye, umwe mu bakozi bo mu ndege akaba yagumye amushira ivyo kurya n'ivyo kunywa.
Ntivyashotse bimenyekana niba yari yerekanye ko yipimishije Covid-19 imbere y'uko yurira iyo ndege.
Madame Fotieo wo muri Michigan, yabwiye NBC News ati: "Vyari ibintu bitesha umutwe. [Harimwo] abantu 150 muri iyo ndege, ubwoba nari mfise kwari uko nobandukiza".
Video yashize kuri Tiktok yifashe ari muri ako kazu ka surwumwe k'iyo ndege ya Icelander yarabwe incuro zirenga miriyoni zine.
Yashimiye umukozi wo mu ndege yamwitayeho muri ico gihe kitari coroshe.
Yabwiye NBC ati: "Yaguma araba ko mfise ivyo nkeneye vyose muri ayo masaha atanu yari asigaye kuva ku vyo kurya n'ivyo kunywa kandi akaguma aza kuraba ko meze neza".
Madame Fotieo yavuze ko yaciye ashika yishira ukwa wenyene mw'ihoteri ya Croix Rouge ashitse muri Islande.
Ivyo vyamushikiye mu gihe ubwoko bushasha bwa Omicron buriko burakwirakwira bwatumye ibitigiri vy'abandura biduga cane muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ivyigwa vyerekana ko ubwo bwoko butababaza kunganya ubundi ariko ko bwandukira cane kuburusha.
Kuba abantu benshi bategerezwa guca bishira ukwa bonyene (mu kato) kubera baba banduye muri iyi minsi birabangamiye imirimo, harimwo n'iyo indege. Ihungabana mu ngendo z'indege ryarabandanije ku munsi ugira gatandatu kuri uyu wa kane aho hafuswe ingendo 1.100 mu gihugu cose, nk'uko bitangazwa n'urubuga rukurikirana ivy'ingendo z'indege FlightAware.










