Denise Bucumi Nkurunziza arihanangiriza abamwiyitirira kuri Facebook

Insiguro y'amajwi, Denise Bucumi arihanangiriza abamwiyitirira kuri Facebook

Umutambukanyi w'uwahoze ari umukuru w'igihugu c'u Burundi, Madame Denise Bucumi Nkurunziza, aheruka gusohora ubutumwa bwa video aho agabisha abantu kudaha amatwi abamwiyitirira baciye ku rubuga hwaniro Facebook, no mu buryo bwa telefone.

Ngo abo bamwiyitirira baraka abantu amafaranga mu kugira ivyo babemerera birimwo n'akazi, mu gihe wewe avuga ko ata konte ya Facebook yigeze agira.

Yavuganye na Robert Patrick Misigaro atangura amubaza ingene yamenye yuko hari abamwiyitirira.

Umviriza ico kiganiro aho hejuru.