Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Imvo n'Imvano kw'igandagurwa ry'umuganwa Rudoviko Rwagasore
Ndabahaye mwiriwe mwese abateze amatwi ikiganiro Imvo n'Imvano. Ikiganiro c'uno munsi kiragaruka kw'igandagurwa ry'umuganwa Rudoviko Rwagasore, incungu y'ukwikukira kw'igihugu c'u Burundi, mu kwezi guheze hakaba hari ibutswe imyaka 60 ihaciye agandaguwe.
Hari mw'ijoro ryo kuwa 13 z'ukwezi kw'icumu 1961, igihe yarasirwa kuri Hotel Tanganyika i Bujumbura, haciye igihe gitoyi abaye umushikirangaji wa mbere, wa mbere w'igihugu c'u Burundi, nyuma y'intsinzi y'umugambwe wiwe Uprona.
Igituma Imvo n'Imvano igaruka kuri iri gandagurwa, ni igitabo giheruka gusohoka c'umwanditsi akaba n'umushakashatsi w'Umubirigi, Ludo de Vitte.
Ico gitabo yise 'Meurtre au Burundi, La Belgique et l'assassina de Rwagasore', gishingiye ku bushakashatsi n'itohoza ryo ku rwego rwo hejuru, kirerekana uruhara rw'ubukoroni bw'Ububirigi mw'igandagurwa rya Rudoviko Rwagasore.
Si ubwa mbere Ububirigi buvugwa muri iryo gandagurwa, kanatsinda abarundi benshi canke abakurikiranye kahise k'ico gihugu, barazi amazina nka Kageorgis, Jean Ntidendereza, Joseph Birori, Henri Ntakiyica canke Antoine Nahimana, bahamwe n'icaha co kugandagura canke gufasha kugandagura iyo ncungu y'ukwikukira kw'u Burundi.
Ico rero umuntu yovuga ko ari gishasha iki gitabo kizanye, n'ibimenyetso simusiga vy'inyandiko, ibiganiro hamwe n'amanama vyabaye, vyerekana neza ko igandagurwa rya Rwagasore ryateguwe kandi rigashigikirwa n'uburongozi bw'ubukoroni bw'Ububirigi.
Muri iki kiganiro, ntitugaruka cane ku vyabaye canke ibikubiye vyose muri iki gitabo mu gihe duhimiriza umwe umwe ko yocisomera. Ahanini turarabira hamwe icigwa cokurwamwo, inkurikizi ku migenderanire y'u Burundi n'Ububirigi hamwe n'icokorwa. Ariko kandi turacishamwo twibukanye uko vyari bimeze mu Burundi, imbere na nyuma y'igandagurwa rya Rudoviko Rwagasore.
Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi muragishikirizwa na Robert Patrick Misigaro.