Menya ibanga 'ry'ikinogo cirabura' yagaragaye mw'ibahari ya Pacific

Ahavuye isanamu, Google Maps
Uwukoresha imbuga hwaniro yabonye ikarata iriko ikinogo cirabura hagati mw'ibahari ya Pasifike mu kwezi guheze, ivyatumye haba impari nyinshi, aho hatanzwe insiguro nyinshi zijanye n'ico kinogo.
Ico kinogo cabonetse mw'izinga ritabamwo abantu ryitwa Vostok.
Iryo zinga riri mu gihugu ca Kiribati kiri hagati mw'ibahari Pasifike.
Ico kinogo gitangaje cagaragaye muri iyi misi ya vuba hagati mw'ibahari Pasifike ubu ntikikiboneka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Habaye iki?
Igihe yariko arihweza kw'ikarata, uwukoresha imbuga hwaniro yabonye ko hari ikinogo cirabura kidasanzwe hagati mw'ibahari ya Pasifike.
Kandi ico kinogo cari kure y'ibihugu biri muri iyo bahari, ikintu catangaje abantu benshi ku mbuga hwaniro.
Kubera ivyo, hagiye haratangwa insiguro zitandukanye ku vyerekeye ico kinogo.
Iki kibazo caratangaje abantu benshi ku mbuga hwaniro. Ivyiyumviro n'ivyipfuzo vyaratanzwe vyibazwa ko ico gishobora kuba ari ikinogo.
Bamwe bavuga ko gishobora kuba ari ikirunga co musi y'ibahari, abandi bakibaza ko ari izinga ritahora riboneka canke ikambi ya gisirikare.
Mu nyuma ako karere kagiye kugaragara ko ari izinga rifise uburinganire kwadrato 6440 mu buseruko bwa Australia, ririmwo amashamba manini cane.

Ahavuye isanamu, Blue Planet II, BBC
Amazinga arongerekana ubunini mw'ibahari ya Pasifike
Abahinga bo muri kaminuza ya Aukland basanze ubunini bw'amazinga menshi mw'ibahari rya Pasifike bugenda bwongerekana n'aho hari ubwoba ko amazi ashobora kuduga ku rundi ruhande.
Abo bahinga basanze amwe mu mazinga yarongerekanye ku bice 8 kw'ijana mu myaka 70 iheze. Kugira babone izo mpinduka,, bihweje amafoto y'ibigendajuru [satelite], n'inkuru bakura muri ako karere.
Abashakashatsi bafise icizere ko ibimenyetso bizofasha ayo mazinga guhangana n'ukwiyongera kw'ubushuhe kw'isi mu misi iri imbere.
Dr Murray Ford ni umuhinga muvyerekeye isi yo ku nkengera y'amazi. Agira ubushakashatsi ku kungene isi imeze n'ingene iboneka.
Asigura ati:"Abantu bamwe bamwe babonye ifoto y'ivyatsi vyo mu mazi, musi yavyo hariyo amagufa. Bishobora kwigizwayo n'inguvu z'imikuba canke bikaribwa n'ifi hanyuma umucanga uri musi ugaca uja hanze. Uku ni ko amazinga avuka."
Dr Ford n'abo bakorana bariko baragenduye amwe muri ayo mazinga imyaka myinshi barabona uko aho hantu hagiye harahinduka.
Amafoto y'ibigendajuru zo kuva ku ntambara y'isi yose arerekana ivyahindutse kw'izinga rya Jeh.
Ayo mafotoarerekana ingene isi yahindutse muri iki gihe, n'ingene ahahoze ivyatsi vyo mu mazi ubu hahindutse isi.
Ford agira ati:"Ivyatsi vyo mu mazi bikwiye kuba bimeze neza kugira amazinga akure."

Ahavuye isanamu, UNIVERSITY OF AUCKLAND
Mu misi iri imbere bizoba bimeze gute?
Dr Ford asigura ati:"Nta muntu n'umwe zi umwanya ivyatsi vyo mu mazi bimara bimeze neza. Ukwuma gushobora gutuma bihinduka bikera bagaca biyamira mw'ibahari. Ukwiyongera kw'amazi mw'ibahari na vyo biterwa n'ukwiyongera k'ubushuhe."
"Turakeneye kugabanya ukwiyongera kwa gaze ya 'carbone' no guhagarika ukwiyongera kw'ubushuhe kw'isi. N'ibintu bikwiye gukorwa kw'isi yose. Kandi n'ibintu twese dushobora gukotra."
N'aho hari ibimenyetso ko amwe mu mazinga ashobora kwaguka, ibi ntibisigura ko tudakwiye kwibaza ivyerekeye ukwiyongera kw'amazi mw'ibahari. Birageramira amazinga ari hagati mw'ibahari n'abantu bayabamwo.
Ariko kubera ukwiyongera kw'ubushuhe mw'ibahari, inkengera za Pasifike zingenda zisenyuka.










