Mu mafoto: isanganya rya Freetown muri Sierra Leone ryaratikije ibintu

Ibisigarira vyahiye n'amamodoka yahiye nivyo vyasigaye igihe imodoka itwara igitoro yagongana n'iyindi bigatuma haduka umuriro ku mugwa mukuru wa Sierra Leone, Freetown.

Ikimodoka gitwara ibitoro caraturitse nijoro ku wa gatanu haca haduka umuriro wahitanye abantu n'ibintu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ikimodoka gitwara ibitoro caraturitse nijoro ku wa gatanu haca haduka umuriro wahitanye abantu n'ibintu
Abantu batari bake barapfuye abandi barakomereka igihe iki kimodoka gitwara igitoro cagongana n'iyindi modoka ntoya

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu batari bake barapfuye abandi barakomereka igihe iki kimodoka gitwara igitoro cagongana n'iyindi modoka ntoya
Amamodoka atari make n'amapikipiki vyaratikiriye muri iri sanganya ryo mw'ijoro ryo ku wa gatanu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amamodoka atari make n'amapikipiki vyaratikiriye muri iri sanganya ryo mw'ijoro ryo ku wa gatanu
Umukuru w'igisagara ca Freetown Yvonne Aki-Sawyerr avuga ko ivyononekariye mw'iryo sanganya vyose bitaramenyekana neza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igisagara ca Freetown Yvonne Aki-Sawyerr avuga ko ivyononekariye mw'iryo sanganya vyose bitaramenyekana neza
Gushika uno musi ku wa gatandatu, abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka bari bakirwana n'umuriro waturutse kw'iryo sanganya mu gihe abakomeretse bariko baravurirwa mu bitaro bitandukanye i Freetown

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gushika uno musi ku wa gatandatu, abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka bari bakirwana n'umuriro waturutse kw'iryo sanganya mu gihe abakomeretse bariko baravurirwa mu bitaro bitandukanye i Freetown
Gushika uno musi ku wa gatandatu mu gitondo, abajejwe umutekano bari bagose ahabereye iryo sanganya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gushika uno musi ku wa gatandatu mu gitondo, abajejwe umutekano bari bagose ahabereye iryo sanganya
Abasirikare bari kw'irondo mu gihe abategetsi ba reta bashika ahabereye iri sanganya kugira birabire ivyabaye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare bari kw'irondo mu gihe abategetsi ba reta bashika ahabereye iri sanganya kugira birabire ivyabaye