Sierra Leone: Ikimodoka gitwara ibitoro caturitse gihitana abatari bake i Freetown

Ibitoro vyafashwe n'umucanwa igihe vyaseseka biva muri iyo kamyo

Ahavuye isanamu, PRESIDENT JULIUS MAADA BIO/ TWITTER

Insiguro y'isanamu, Ibitoro vyafashwe n'umucanwa igihe vyaseseka biva muri iyo kamyo

Abantu 94 nibo bamaze kumenyekana ko baraye bapfuye abandi bababa 92 barakomereka igihe ikimodoka gitwara ibitoro caturika ku mugwa mukuru wa Sierra Leone, Freetown.

Iri sanganya ryabaye igihe iyi kamyo ipima imetero 12 yagongana n'iyindi modoka ku mahwane y'amabarabara hasanzwe hari abantu benshi.

Amareresi yerekanwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu yerekana ibiziga vy'abantu bahiye bagatokombera mu mabarabara akikuje iki kimodoka.

Umukuru w'ico gihugu Julius Maada Bio, iyo ari i Glasgow mu nama mpuzamakungu kw'ihindagurika ry'ikirere, avuga ko yababajwe cane n'umuriro uteye ubwoba hamwe n'abantu bahasize ubuzima mu buryo bubabaje cane.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, avuga ko reta yiwe "izokora uko ishoboye kwose kugira ngo ishigikire imiryango yahuye n'ivyago".

Umukuru w'igisagara ca Freetown Yvonne Aki-Sawyerr avuga ko yabonye amasanama "ateye ubwoba cane" ariko ko ivyononekaye gushika ubu bitaramenyekana neza.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Facebook, avuga ko hari "ibihuha bivuga ko abarenga 100 ari bo bapfuye", ariko gushika ubu ubutegetsi ntiburatanga ibiharuro ntabanduka vy'abahasize ubuzima.

Uwurongoye uburuhukiro bwegukira reta yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko bamaze kwakira ibiziga 91.

Iri sanganya rivugwa ko ryabaye nijoro ku wa gatanu nk'isaha zine z'ijoro mu masaha mpuzamakungu (isaha zitandatu z'ijoro mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda).

Abenshi mu bapfuye ni abazibiriwe mu mamodoka yabo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abenshi mu bapfuye ni abazibiriwe mu mamodoka yabo

Ikinyamakuru kimwe kivuga ko imodoka yunguruza abantu (bus) yari yuzuye yahiye igatokombera, mu gihe amaduka n'ibibanza vy'idandarizo mw'isoko yegereye aho iryo bara ryabereye vyafashwe n'umuriro igihe ibitoro vyaseseka bigakwiragira mu mabarabara.

Brima Bureh Sesay, umukuru w'igisata kijejwe kurwanya ibiza muri Sierra Leone, yabwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko ivyabaye ari "isanganya riteye ubwoba...riteye ubwoba".

Iki gisagara kiri ku nkengera y'ibahari gisanzwe gituwemwo n'abantu barenga umuriyoni cagiye gihura n'ibiza biteye ubwoba muri ino myaka.

Mu kwa gatatu, abantu barenga 80 barakomeretse igihe umuriro waduka mu karere kamwe k'ico gisagara watumye abarenga 5000 bata izabo.

Ni mu gihe mu 2017 abarenga 1000 bapfuye mu gihe imvura y'isegenya yateje ibihomoka vyihaye inkumbi mu gisagara, bigatuma abababa 3000 basigara mu kangaratete.

Map