Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi – Rwanda: Imvo n'Imvano ku nkino ngororamubiri mu biyaga binini
Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo ry'icenda ukwezi kwa cumi mu 2021. Ikiganiro c'uyu musi cerekeye inkino za athlétisme mu bihugu vy'ibiyaga binini.
Haraciye amezi abiri habaye inkino za Olympike zabereye i Tokyo mu Buyapani aho Uburundi bwari bwaserukiwe n'abanonotsi batandatu harimwo umwigeme rurangiranwa Francine Niyonsaba, Urwanda na rwo ruserukirwa n'abanonotsi batanu.
Nta munonotsi n'umwe w'ivyo bihugu yashoboye gutahukana umudari muri izo nkino.
Ariko inyuma y'izo nkino za Olympike, umwigeme Francine Niyonsaba yagirijwemwo kugira amakosa ariko ariruka imetero 5000, bigatuma ahagarikwa muri iryo higanwa, uwo mwigeme yabandanije guhiganwa mu zindi nkino mpuzamakungu zari zitunganijwe muri Amerika n'i Buraya.
Aho mbere yashoboye kugira umwanya wa mbere mwiza kw'isi mu kwiruka imetero 2000 i Zagreb ku mugwa mukuru w'igihugu ca Croatia, mu gihe hari haheze imisi mike abaye uwa mbere ku metero 5000 i Zurich mu Busuisse.
Uwo mwigeme yakiriwe nk'intwari atahutse mu Burundi kw'itariki 22 z'ukwezi guheze kwa 9. Umunonotsi yaheruka gutahukana umudari wo mu rwego rwo hejuru mu Burundi ni Vénuste Niyongabo, yatahukanye umudari w'inzahabu mu nkino za Olympike zabereye i Atlanta muri Amerika, mu 1996.
Muri kahise, ibihugu vy'Uburundi n'Urwanda vyamye bigira abanonotsi bashika kure mu mahiganwa atandukanye ariko bakabura amahirwe yo gutahukana imidari ya Olympike.
Iyindi midari ariko barayitsindiye bagenda banaca n'imihigo mu mahiganwa atandukanye. Aho twavuga nka Mukamurenzi Marcianna yatanguye kumenyekana ubwa mbere mu Rwanda aho yaca umuhigo mu 1977.
Kuva ubwo atangura kuza aja guserukira Urwanda mu mahiganwa yo muri Afrika no mu yandi marushanwa yo ku rwego rw'isi harimwo n'inkino za Olympike yagiyemwo ubwa mbere i Los Angeles muri Amerika mu 1984.
Yatsindiye imidari myinshi n'ibikombe vyinshi. Hari ivyo yatakaje kubera ibihe vya jenoside yabaye mu Rwanda muri 94, mugabo ivyo afise ubu bishika kw'i 180. Ubu aba mu gihugu c'Ubufaransa aho avuga ko aciruka n'aho ashitse mu myaka 62.
Kubera iki ata banonotsi benshi bo mu Rwanda no mu Burundi bashika kure ngo batahukane imidari? Reta yogira uruhe ruhara muri iyo nzira? Uruhara rw'inararibonye mu kwinonora imitsi rwoba uruhe? Amakompanyi y'ubudandaji atandukanye aramaze kumenya akamaro ko gushigikira abanonotsi?
Ivyo ni vyo bibazo tugiye guhigira inyishu muri kino kiganiro c'Imvo n'Imvano, mukaba muri kumwe na Cyriaque Muhawenayo muri studios za BBC i Nairobi.
Uretse Francine Niyonsaba, acaruka, muri kino kiganiro tugiye kuba hamwe n'inararibonye mu vyo kwinonora imitsi zabaye rurangiranwa cane.
Francine Niyonsaba nyene, n'aho ari we muto mu batumire b'uyu musi, tumutere iri teka kuko aherutse na we kuritera igihugu ciwe c'Uburundi, akarere n'umugabane wa Afrika. BBC iboneyeho n'akaryo ko kugukeza aho uri mu karuhuko mu Burundi.
Uwundi tugiye kuba hamwe kandi ni inararibonye Dieudonné Kwizera batazira Muvuduka, nawe uri mu Burundi.
Turi kumwe kandi n'umutegarugori Mukamurenzi Marcianna na we nyene mu gihe ciwe yabiciye biracika mu gihugu c'Urwanda, ubu uri i Bordeaux mu Bufaransa.
Hamwe rero na Mathias Ntawurikura na we nyene wo mu Rwanda, ari i Kigali.