Sudan: Ingabo za Ethiopia 'zirukanywe' inyuma yo kuvogera ubutaka bwayo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sudani ivuga ko yirukanye ingabo za Ethiopia zariko zigarageza kuvogera ubutaka bw'ico gihugu.
Umukuru w'igisirikare ca Sudani Jenerali Abdel Fattah al-Burhan,avuga ko ibi vyerekana ko igisirikare arongoye citeguye gukingira ubusugire bwaco inyuma ya coup d'Etat yaburijwemwo mu ndwi iheze.
Mw'itangazo yasohoye, Sudani ivuga ko ibi vyabereye mu karere ka Umm Barakit.
Igisirikare ca Ethiopia nticishuye BBC igihe yagerageza kukibaza ico kibivugako.
Ariko, televiziyo al-Jazeera yasubiyemwo umutegetsi wo muri reta ya Ethiopia avuga ati: "Turahakanye ko ingabo zacu ata kintu na kimwe zakoreye ku rubibe rwa Sudani, canke ngo zirondere kwinjira muri ico gihugu".
Akarere ka Umm Barakit kari mu ntara ya al-Fashaga iteye impari hagati y'ibi bihugu ku rubibe, ahasanzwe harangwa icuka kibi hagati yavyo.
Kuva mu myaka mirongo, abanya Ethiopia bamye barimira ku butaka bumera cane Sudani ivuga ko ari ubwayo.
Imigenderanire hagati ya Sudani na Ethiopia yaratitutse kuva Ethiopia itanguye kwuzuza urugomero runini cane ku ruzi Nil, n'intambara yadutse mu ntara ya Tigray iri mu buraruko.

Mu mezi aheze, haravuzwe imishamirano mu ntara ya al-Fashaga.
Kuva mu mpera z'umwaka uheze, Sudan yabandanije yegeraniriza ingabo zayo muri ako karere, mu gihe ONU nayo mu ntango z'uwu mwaka yatangaje ko ingabo za Eritrea, iza Ethiopia n'imirwi y'abarwanyi bo mu bwoko bw'aba Amhara, nabo nyene bariko barakorera muri ako karere gateye impari.










