Martha Koome : Umukuru mu bacamanza avuga ko ibiturire ari akamaramaza kuri Kenya

Umukuru wa sentare ntahinyuzwa muri Kenya (Chief justice) Martha Koome aremera ko ibiturire bikiri intambamyi imbere no hanze y'ubucamanza, akavuga ko ari "akamaramaza ku gihugu".
Madame Koone yabwiye BBC ko arajwe ishinga n'uko imanza zerekeye ibiturire n'ukunyuruza itunga ry'igihugu zimara igihe kirekire.
Ubucamanza bumaze imyaka myinshi bwagirizwa kurangwa n'ibiturire.
Icegera c'umukuru wa sentare ntahinyuzwa , Philomena Mwilu, ari mu rubanza akurikiranwa ku caha co gukoresha ububasha bwiwe nabi no gupfumbatishwa.
Arahakana icaha.
Umukuru mu bacamanza madame Koome avuga ko icizere mu bucamanza cayoyotse kandi ko ariko arakora uko ashoboye ngo abanya-Kenya baronke urwego bashobora kwizera kandi ruri n'ico rubamariye.
Avuga ati : "Abantu bose bavuga ko banka ibiturire, [none] bigenda gute ngo kibe cagumye ari ikibazo ? Ni ikibazo c'igihugu."
Uwo mugore w'imyaka 61 yashinzwe ayo mabanga mu kwezi kwa gatanu na Prezida Uhuru Kenyatta inyuma yo kuba uwa mbere mu ba kandida 10 babajijwe ku mboneshakure n'umugwi wa kenya ujejwe ubucamanza (Kenya's Judicial Service Commission). Niwe mugore wa mbere agiye muri ico kibanza muri Kenya.
Kutagura aho begamiye mu matora
Muri ico kiganiro, yanavuze ingene yakuriye mu muryango w'abirimizi aho se yari afise abagore batatu , Martha Koome akaba yari umwana agira umunani kuri nyina.
Ati "Gukurira ruguru vyatumye nkoresha ubushobozi bwanje bwose".
Avuga ko yagiriwe inama yo kwiga amategeko amaze guheza ari uwa mbere mw'ishure.
"Ni uko nahavuye niga amategeko, ibisigaye ni kahise."
Madame Koome yanavuze ku bijanye no gusubira kwubaka imigenderanire myiza n'urwego rw'ubutegetsi yabaye mibi inyuma y'aho mu 20217 sentare ntahinyuzwa ifutiye intsinzi ya Uhuru Kenyatta mu matora yari yabaye mu kwezi kw'umunani uwo mwaka. Sentare ntahinyuzwa yaciye itegeka ko amajwi asubira guharurwa, Kenyatta aca aratsinda mu nduru z'abatavuga rumwe nawe.
Kuva ico gihe igisata c'ubumanza kiguma cidoga ko cagabanuriwe uburyo mu ntumbero yo kurubuza gukora neza, mu gihe umukuru w'igihugu yirengagije ingingo za sentare kandi ntiyihutisha kugena abacamanza.
Avuga ko izo nzego zibiri z'igihugu zitegerezwa gukora kugira ngo zishire ibintu ku murongo.
Avuga ati: "Ni nk'intebe y'amaguru atatu. Havunsitse kumwe, intebe ntisubira guhagarara".
"Ushatse ko haba inzego z'igihugu zikora neza, hategerezwa kubamwo ubucamanza."
Anasaba ko hagenwa abandi bacanaza kugira bakure mu nzira imanza zimaze igihe kirekire , cane cane zijanye n'amatati y'amatongo.
Avuga ko hamwe yoronka abacamanza 20 ata manza zosubira kurenza imyaka itatu.
Umukuru wa sentare yijeje abanya-Kenya ko igisata c'ubucamanza citeguriye neza amatora yimirije mu gihugu mu mwaka uza. Ababwira ko sentare ataho zihengamiye mu guca imanza z'amatati ashobora kwaduka.










