Prezida wa Zambia Hichilema yashikirijwe "ikigega kiri gusa"

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru w'igihugu mushasha wa Zambia yabwiye BBC ko yashikirijwe ikigega kiri ''gusa'', mu gihe hari amafaranga '' ateye ubwoba'' yibwe.
Prezida Hakainde Hichilema yavuze ati: "Abantu baracagerageza kwimura amafaranga ku munota wa nyuma, amafaranga badafitiye uruhusha, amafaranga atari ayabo".
Hichilema yatsinze uwahora ku butegetsi Edgar Lungu mu matora y'umukuru w'igihugu mu kwezi guheze.
Uyo mukuru w'igihugu nta zina yadomyeko urutoke. Lungu yari amaze kuvuga ko ata caha yiyagiriza.
BBC yararondeye umugambwe wiwe kugira ugire ico uvuze kuri ivyo bivugwa.
Lungu yatwaye ico gihugu kirimwo ubutare bwinshi bw'umujumbu (cuivre/copper) kuva mu 2015. Yarakejwe cane kuba yashikirije neza ubutegetsi Hichilema , yatsinze amatora inyuma yo kugerageza ananirwa incuro zitanu.
'Ntihahishuwe' uko ideni ryose ringana
Hichilema yatsinze amatora yemerera abanya-Zambia kurwanya ibiturire, no kurangiza akaga ubutunzi burimwo katumye ideni rya Zambia riba umurengera.
Ubwa mbere kuva mu 1988, ubutunzi bwa Zambia bwarakongataye (recession) mu mwaka uheze. Ico gihugu kandi carananiwe no kwishura umwenda.
Mu kiganiro na BBC, umukuru w'igihugu mushasha yavuze ko ''ikigega ari nk'uko kigaragara".
Yongeyo ko ati : "Igihengeri ni kinini gusumba uko vyibazwa", kandi reta yahahora ntiyahishuye ingene ideni ryose ryangana.
Hichilema yavuze ati: "Hari vyinshi vyononekaye, nta kundi".
Avuga ko reta yiwe izogira "ukwihangana kungana n'ubusa" ku bijanye n'ibiturire kandi ko azoshika vuba ku muzi w'ico yita ubusuma bwo kwimurira amafaranga ahandi.
Yavuze ati: " Sinshaka kwihebura, ariko ivyo twashikiyemwo biteye akoba".
"Uba wibaza ko ata muntu yokwubahuka gukora ibintu nk'ivyo ariko birakorwa. Abantu barabikoze. N'ubu baracagerageza kubikora."
Prezida Hichilema yanavuze kandi ko hari "abantu benshi badakora, ariko bari ku rutonde rw'abahembwa" na reta.

Ahavuye isanamu, AFP
Hichilema yagenye umuhinga mu butunzi akaba yanahoze ari umujenama w'ikigega mpuzamakungu FMI/IMF Situmbeko Musokotwane gutwara ubushikirangani bujejwe ikigega.
Musokotwane yavuze buno nyene akigenwa ati: "Ata gikozwe ku bijanye n'amafaranga reta ikoresha, tuzosanga abaye ayo kuriha imishahara n'amadeni gusa", nk'uko asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Ivyegeranyo vyari bimaze gusohoka vyerekana ko Zambia iheraniye abayigurana bo hanze amafaranga aharurwa muri miriyaridi 12 z'ama dorari (ni miriyaridi hafi ibihumbi 24 mu mafaranga y'Uburundi).
Hafi 30% y'amafaranga igihugu cinjiza aja mu kuriha inyungu zo ku madeni , nk'uko bigereranywa n'ikigo S&P Global.
Mu mwaka uheze, Zambia yarananiwe no kuriha ideni, kikaba cabaye igihugu ca mbere co muri Afrika cananiwe no kwishura mu gihe c'ikiza ca Covid.
Ico gihugu kirahanzwe kandi no kwishura ayandi madeni.
Reta yahahora yari yarafashe amadeni cane - harimwo iryo mu Bushinwa - kugira hubakwe ibikorwa remezo.
Hichilema avuga ko reta yiyemeje kugarukana icizere mu bayiha ingurane.
Yavuze ko reta izogiranira ibiganiro n'Ubushinwa, kandi yizigiye ko "buzotahura ko twatoranye ibintu bigoye cane".
Ishirahamwe mpuzamakungu riraba akazi (OIT/ILO) rigereranya ko ubushomeri bwaduze gushika kuri 12% mu 2020 - urugero rwa mbere runini kuva mu 2011.
Kwiyemeza kugwiza no guha ubuzi abanya-Zambia bakiri bato ni kimwe mu vyatumye atsinda amatora.










