Tony Blair avuga ko ingingo ya US yo gukura ingabo muri Afghanistan ari 'ubujuju'

Ingabo z'Ubwongereza n'iza Amerika ziracari ku kibuga c'indege kugira zifashe guhungisha abafise uburenganzira bwo kwinjira mu ndege

Ahavuye isanamu, MOD

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Ubwongereza n'iza Amerika ziracari ku kibuga c'indege kugira zifashe guhungisha abafise uburenganzira bwo kwinjira mu ndege

Tony Blair yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza avuga ko ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo gukura ingabo muri Afghanistan ari iy'"ubujuju", ibi yabivuze mw'ijambo yashikirije ubwa mbere kuva Kabul yigaruriwe n'aba Taliban ku wa Mungu uheze.

Aciye ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe, yavuze ko guta Afghanistan n'abanyagihugu bayo "biteye agahinda, ni akaga kandi ntivyari bikenewe".

Blair ni we yari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza igihe iki gihugu gitera Afghanistan, kiri kumwe na Amerika mu 2001, inyuma y'ibitero vyo ku wa 11 z'ukw'icenda 2001.

Avuga ko imirwi y'abarwanyi yose yiyitirira idini irya Islam izoryoherwa cane kubona ingabo mpuzamakungu zivuye muri Afghanistan.

Blair avuga ko ari "nkenerwa ko ingabo z'Ubwongereza ziguma muri Afghanistan "gushika abo bose bipfuza guhunga bavanywe muri ico gihugu".

Uyu yahoze arongoye umugambwe w'Abakozi (Labour) avuga ati : "Dutegerezwa guhungisha kandi tugaha indaro abo bose dufiseko ububasha - abo banya Afghanistan badufashije kandi twakoranye, kandi bafise uburenganzira bwo gukingirwa".

Yongerako y'uko ibi bidategerezwa gukoranwa "akarigangamuhogo, ahubwo bikorwe mu bugwaneza nk'igikorwa ngombwa".

Blair avuga ko ingingo yo kuva muri Afghanistan yatumwe n'imvo za poritike, akayifata ko yafashwe "hisunzwe icivugo ca poritike c'ubujuju co kurangiza 'intambara zidahera'" - icivugo cakoreshwa na Perezida Joe Biden wa Amerika mu gihe yari mu myiyamamazo y'amatora.

Amerika ifise integuro yo kugeza ku wa 31 igikorwa co kuva muri Afghanistan - ariko Perezida Biden avuga ko ingabo za Amerika zishobora kuguma muri ico gihugu inyuma y'iryo genekerezo kugira zifashe guhungisha abantu.

Tony Blair ari kumwe n'ingabo z'Ubwongereza mu ntara ya Helmand mu 2006

Ahavuye isanamu, MOD

Insiguro y'isanamu, Tony Blair ari kumwe n'ingabo z'Ubwongereza mu ntara ya Helmand mu 2006

Blair aremera ko hari amakosa yakozwe kuri Afghanistan, ariko ko "ku gihamana kibi hakozwe ayandi makosa mu gukosora aya makosa".

Avuga ko n'ubwo hari "utunenge, inyungu nyazo zashitsweko mu myaka 20 iheze" zisa n'uko zipfuye ubusa.

Avuga ko "imirwi y'abarwanyi yose yiyitirira idini irya Islam kw'isi yose iri mu munezero".

Yongerako y'uko Uburusiya, Ubushinwa na Irani ari vyo bigiye kuhungukira.

Perezida Biden yiyemeje ko "umunyamerika uwo ari we wese ashaka gutaha, tuzogutahana", ariko akaba yemeza ko iki gikorwa co guhungisha abantu ari co "gikorwa ca mbere kigoye gushika ubu".