Izinga rya Man ryahaye u Burundi imiriyoni £1.3 nk'imfashayo yo kurwanya ihindagukira ry'ibihe

Ahavuye isanamu, Send a Cow
Reta y'izinga rya Man yahaye ishirahamwe ry'abagiraneza imfashanyo ingana n' imiriyoni 1.3 z'amapawundi ( yababa imiriyaridi 3 .5 mu mafaranga y'amarundi) mu ntumbero yo gufasha kurwanya "ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe".
Iri shirahamwe International Development Partnership (IDP) ryacishije iyi mfashanyo mu rindi shirahamwe Send a Cow risanzwe rirangurira imigambi mu Burundi.
Richard Granville ajejwe ibijanye n'imfashanyo muri iryo shirahamwe, avuga ko aya mafaranga yatanzwe agiye gufasha "umugambi w'imyaka ibiri" mu "ntara ya Mwaro".
Reta y'iryo zinga ryo ku mugabane w'Uburayi isanzwe yarategekanijwe amafaranga y'ama pawundi agera ku miriyoni 2.5 y'imfashanyo mpuzamakungu.
Igisata c'ihindagurika ry'ibirere ni kimwe mu bisata bibiri iri shirahamwe IDP ryahisemwo gufasha mu kiringo ca 2021-2023.
'Imvura igwa nabi nabi'
Umushikiranganji wa mbere Howard Quayle avuga ati: "Ikiza karanda ca coronavirus carerekanye ingene twese dukeneraniye kw'isi yose kandi ndanezerewe kubona iri zinga rya Man rishobora gufasha muri iki gikorwa kidasanzwe".

Ahavuye isanamu, Google
Granville avuga ko Uburundi bwama "buhura n'ingaruka zikomeye z'ihindagurika ry'ikirere" mu gihe ibice 94% vy'abanyagihugu "babeshejweho n'uburimyi bwo ku rugero ruto kandi bushingiye ku mvura".
Domothile Niyonzima w'imyaka 43 asanzwe aba i Mwaro, avuga ati: "Ikibazo nyamukuru ni uko ata mfungurwa zikwiye turonka, kubera tudafise intabire yo gutabira isi yacu".
Unicef ivuga ko abantu barenga 114.000 mu Burundi bataye izabo kubera ibiza bishingiye kw'ihindagurika ry'ibihe.
Umukuru w'ishirahamwe Send a Cow mu Burundi Gloria Nimpundu avuga ko iri shirahamwe rifasha abarimyi mu "kubaha amazi n'isi ndimwa nziza" kandi ko "akarusho kariko karibonekeza".

Ahavuye isanamu, Send A Cow
Avuga ko "ikibazo c'imvura igwa nabi nabi kandi itizewe kigenda ciyongera" gituma bigorana "kwitegurira irima n'iyimbura".
"Muri iyi myaka iheze, izuba ryaratikije ibiterwa mu nyuma naho imyuzure iratikiza imirima".
Yongerako y'uko uwu mugambi uriko urarangurirwa i Mwaro uzofasha imiryango ishika 5250 "kwikenura mu buryo bw'amafaranga mu guhangana n'ihindagurika ry'ikirere, biciye mu kurima n'ukworora kijambere".










