Amwe mu mafoto yaranze Africa muri ino ndwi

Aya ni amwe mu mafoto meza ku mugabane wa Africa no hanze:

Utu twana two muri Guinea twipfuze amababi y'amateke mu mvura, hari Boffa ku wa Mungu 25/7/2021

Ahavuye isanamu, Alamy

Insiguro y'isanamu, Utu twana two muri Guinea twipfuze amababi y'amateke mu mvura, hari Boffa ku wa Mungu 25/7/2021
Mu gihugu kibanyi ca Côte d'Ivoire, uyu mwana yikoreye igisamba c'inanasi atwaye kw'isoko mu gisagara ca Abidja, hari k uwa gatatu, 28/7/2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu gihugu kibanyi ca Côte d'Ivoire, uyu mwana yikoreye igisamba c'inanasi atwaye kw'isoko mu gisagara ca Abidja, hari k uwa gatatu, 28/7/2021
Kuva amahiganwa ya Olempike atanguye, abanonotsi ba Afrika babandanya bahanzwe amaso, harimwo uyu munya Senegal Ibrahima Diaw akina table tennis canke ping pong, hari ku wa gatandatu 24/7/2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuva amahiganwa ya Olempike atanguye, abanonotsi ba Afrika babandanya bahanzwe amaso, harimwo uyu munya Senegal Ibrahima Diaw akina table tennis canke ping pong, hari ku wa gatandatu 24/7/2021
Umusi umwe imbere y'aha mu birori vyo kwugurura izi nkino, abaserukiye Colombia bariko bifata selfie bari kumwe n'abaserukiye Kenya, hari k uwa gatanu 23/7/2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umusi umwe imbere y'aha mu birori vyo kwugurura izi nkino, abaserukiye Colombia bariko bifata selfie bari kumwe n'abaserukiye Kenya, hari k uwa gatanu 23/7/2021
I Tokyo mu nkino za Olempike, umurwi w'aba Kenya bakina rugby binjiye mu kibuga mu rukino rwabahuje n'umurwi wa Afrika y'Epfo, hari ku wa mbere 26/7/2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, I Tokyo mu Buyapani mu nkino za Olempike, umurwi w'aba Kenya bakina rugby binjiye mu kibuga mu rukino rwabahuje n'umurwi wa Afrika y'Epfo, hari ku wa mbere 26/7/2021
Kuri uwo musi nyene, umunonotsi w'umunya Maroc Mehdi Essadiq akina inkino zizwi nka triathlon yafashe isanamu akubise umwibiro, hari ku wa 26/7/2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kuri uwo musi nyene, umunonotsi w'umunya Maroc Mehdi Essadiq akina inkino zizwi nka triathlon (zigizwe no kwiruka kw'ikinga/igare, kwoga no kwiruka) yafashe isanamu akubise umwibiro, hari ku wa 26/7/2021
Umukinyi wa box wo muri Maroc Abdelhaq Nadir, ariko atana mu mitwe n'umunya Maurice Richarno Colin mu nkino za Olempike i Toyko, hari k uwa Mungu 25/7/2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukinyi wa box wo muri Maroc Abdelhaq Nadir, ariko atana mu mitwe n'umunya Maurice Richarno Colin mu nkino za Olempike i Toyko, hari k uwa Mungu 25/7/2021
Uyu ni umunonotsi wa Afrika y'Epfo, Kaylene Corbett mu nkino zo kwoga yafashwe isanamu ari mu mazi mu nkino za Olempike i Toyko, hari ku wa 29/7/2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uyu ni umunonotsi wa Afrika y'Epfo, Kaylene Corbett mu nkino zo kwoga yafashwe isanamu ari mu mazi mu nkino za Olempike i Toyko, hari ku wa 29/7/2021
Umukinyi w'umukobwa Racheal Kundananji wa Zambia yafashwe isanamu ariko aracenga umupira igihe umurwi wa Zambia watana mu mitwe n'umurwi w'Ubushinwa ku ruhande rw'abagore, mu nkino za Olempike i Tokyo hari ku wa 24/7/2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'umukobwa Racheal Kundananji wa Zambia yafashwe isanamu ariko aracenga umupira igihe umurwi wa Zambia watana mu mitwe n'umurwi w'Ubushinwa ku ruhande rw'abagore, mu nkino za Olempike i Tokyo hari ku wa 24/7/2021
Umukinyi wa basketball wa Nigeria Josh Okogie yafashwe isanamu atereye umupira mu gikapu mu rukino rwahuje Nigeria na Australia ku ruhande rw'abagabo, hari ku wa Mungu 25/7/2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umukinyi wa basketball wa Nigeria Josh Okogie yafashwe isanamu atereye umupira mu gikapu mu rukino rwahuje Nigeria na Australia ku ruhande rw'abagabo, hari ku wa Mungu 25/7/2021
Kuri uwo musi nyene, abanyagihugu ba Tunisia bihaye amabarabara ku mugwa mukuru Tunis mu munezero ntangere inyuma y'aho umukuru w'ico gihugu yari ahejeje gutembagaza inama nshingamateka no kwirukana umushikiranganji wa mbere, hari k uwa Mungu 25/7/2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuri uwo musi nyene, abanyagihugu ba Tunisia bihaye amabarabara ku mugwa mukuru Tunis mu munezero ntangere inyuma y'aho umukuru w'ico gihugu yari ahejeje gutembagaza inama nshingamateka no kwirukana umushikiranganji wa mbere, hari k uwa Mungu 25/7/2021
Alassane Ouattara na Laurent Gbagbo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku ba nya Côte d'Ivoire, kubona umukuru w'igihugu cabo Alassane Ouattara (i buryo) n'uwo yasubiriye Laurent Gbagbo (i bubamfu) bafatanye amaboko banatwengatwenga, hari ku wa kabiri 27/7/2021, vyabaye ifoto y'indwi kuri bo. Aba bahoze ari abakeba ruhebwa bariko bagerageza kunywanisha abanyagihugu inyuma y'intambara yahitanye abatari bake, haraciye imyaka cumi.
Ku musi wakurikiye, i Abidjan, uyu musore yariko akora utugenegene kw'ipikipiki yiwe, hari ku wa 28/7/2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku musi wakurikiye, i Abidjan muri Côte d'Ivoire nyene, uyu musore yariko akora utugenegene kw'ipikipiki yiwe, hari ku wa gatatu 28/7/2021
Uyu mukenyezi yari yajumarariwe mu gihe yihweza imyiyerekano yabereye ku mugwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa, biyamiriza inyeshamba zirwanira mu ntara ya Tigray, hari ku wa kabiri 27/7/2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uyu mukenyezi yari yajumarariwe mu gihe yihweza imyiyerekano yabereye ku mugwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa, biyamiriza inyeshamba zirwanira mu ntara ya Tigray, hari ku wa kabiri 27/7/2021
Aba ni imisore yari mu birori vyo gusezera, hari ku wa kabiri, 27/7/2021, mu gihe yari ihejeje kwiyandikisha mu gisirikare ca Ethiopia kugira ngo baje kurwanya inyeshamba za Tigray muri ya ntambara yaduka muri ico gihugu mu kwa cumi na rimwe umwaka uheze,

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Aba ni imisore yari mu birori vyo gusezera, hari ku wa kabiri, 27/7/2021, mu gihe yari ihejeje kwiyandikisha mu gisirikare ca Ethiopia kugira ngo baje kurwanya inyeshamba za Tigray muri ya ntambara yaduka muri ico gihugu mu kwa cumi na rimwe umwaka uheze,

Amasanamu yose yatangiwe uruhusha.