DRC-Burundi: Tshisekedi na Ndayishimiye bumvikanye ku bikorwa vy'iterambere bikomeye

Prezida Evariste Ndayishimiye w'u Burundi na Felix Tshisekedi wa Kongo

Ahavuye isanamu, Twittwe @GeneralNeva

Insiguro y'isanamu, Ni rwo rugendo rwa mbere umukuru w'igihugu c'u Burundi agize i Kinshasa inyuma y'urwo Perezida Petero Buyoya yagize mu mwaka w'1997

Abakuru b'ibihugu vya Republika ye Demokrasi ya Congo n'u Burundi bashize umukono ko masezera yo gufashanya arimwo ibikorwa vy'iterambere vyo ku rwego rwo hejuru hamwe n'imigenderanire.

Hari mu mpera z'urugendo umukuru w'igihugu c'u Burundi Evariste Ndayishimiye yagiriye muri Congo ku butumire bwa mugenzi wiwe Felix Tshisekedi.

Mu masezerano impande zompi zateyeko igikumu harimwo umugambi wo kwubaka ibarabara ry'indarayi rizova mu karere ka Uvinza muri Tanzania rice i Musongati n'i Gitega gushika i Uvira, ribandanye gushika mu gisagara ca Kindu, umugwa mukuru w'intara ya Maniema.

Mu kiganiro bagiranye n'abamenyeshamakuru bavuze kandi ko baganiriye ingene hokwubakwa ikiraro gifatanya intara ya Cibikoke n'akarere ka Uvira, nka bimwe mu bikorwa vy'iterambere hagati y'ibi bihugu vyompi.

Nta giciro canke igihe ntarengwa c'ivyo bikorwa batangaje uno musi, ariko itangazo basohoye rimenyesha ko hagiye gushingwa umurwi w'abahinga bava mu bihugu vyompi kugira ngo bigire hamwe ingene iyi migambi y'aba bategetsi bompi yoja mu ngiro.

Mu bindi baganiriyeko bumvikanye ko Perezida Ndayishimiye azofasha kugira ngo igihugu ca Congo gishobore kwinjira mw'ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko.

Prezida Evariste Ndayishimiye w'u Burundi na Felix Tshisekedi wa Kongo

Ahavuye isanamu, Twitter @GeneralNeva

Insiguro y'isanamu, Prezida Ndayishimiye na Prezida Tshisekedi banavuganye ku kibazo c'umutekano mu buseruko bwa Congo

Prezida Tshisekedi nawe yemerera mugenziwe ko azomufasha kugira ngo u Burundi bushobore kwinjira mw'ishirahamwe ry'iterambere ry'ibihugu vyo muri Afrika y'Ubumanuko, SADC.

Hampande y'imigambi y'iterambere bumvikanye no gufashanya mu bijanye n'ikibazo c'umutekano, na rirya mu ntara ya Kivu y'Epfo muri Congo havugwamwo imirwi y'inyeshamba z'Abarundi zirwanya ubutegetsi bwa Gitega, ivyatumye Uburundi bugenda buvugwa kwinjiza ingabo muri ico gihugu guhangana n'iyi mirwi.

Babwiye abamenyeshamakuru ko bumvikanye kurandurana n'imizi imirwi yose y'inkozi z'ikibi ihungabanya umutekano w'ibihugu vyompi.

Prezida Tshisekedi yanakeje Evariste Ndayishimiye ku mwaka amaze ku butegetsi, n'ingene u Burundi ari igihugu cibeshejeho kandi carafatiwe ibihano, kinashobora no kurwanya ca kiza karanda ca Covid-19.

Ku ruhande rwiwe, Prezida Ndayishimiye yavuze ko Congo atari igihugu kigenzi gusa, ko ahubwo ari igihugu kivukanyi.

Yahojeje abakongomani ku bibazo biheruka gushika mu buseruko bwa Congo biturutse ku kirunga ca Nyiragongo na za nyamugigima zakurikiye.

Prezida Evariste Ndayishimiye w'u Burundi na Felix Tshisekedi wa Kongo

Ahavuye isanamu, Twitter @GeneralNeva

Insiguro y'isanamu, Bumvikanye ko u Burundi buzofasha Congo kwinjira muri EAC, Congo nayo ikabufasha kwinjira muri SADEC

Imigenderanire n'amakungu yarahagurukiwe

Inyuma y'imyaka irenga itanu ubu, imigenderanire y'u Burundi n'ayandi makungu yaraciyemwo agatosi biturutse ku ndyane za politike zadutse mu mwaka w'2015, aho bamwe babona ko bwiyugariyeko amarembo.

Ku mwaka umwe amaze ku butegetsi Prezida Evariste Ndayishimiye aboneka ko yahagurukiye bikomeye iyi migenderanire, gushika ubu akaba amaze gukora ingendo indwi mu mahanga, mu bihugu vya Guinee Equatoriale, Misiri, Centrafrique, Tanzania, Uganda, Kenya hamwe rero na Republika y'Intwaro Rusangi ya Congo.

Ni rwo rugendo rwa mbere umukuru w'igihugu c'Uburundi agize i Kinshasa inyuma y'urwo Perezida Petero Buyoya yagize mu mwaka w'1997.