Greece: Umupatiri i Athens yafashwe inyuma y'uko ateye aside abasenyeri

Police at Petraki Monastery

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igitero cabereye mu kigo c'abihebeye Imana Petraki muri Athènes

Umupatiri yahagaritswe ku mugwa mukuru w'Ubugiriki Athens/Athènes inyuma yo gutera aside abasenyeri indwi bo mw'idini ry'aba Orthodox, nk'uko bivugwa n'igiporisi.

Ibi vyabaye igihe uyu mupatiri w'imyaka 36 yariko yumvirizwa n'urwego rujejwe indero inyuma y'umutaga w'ejo ku wa gatatu, nk'uko bibandanya bivugwa n'igiporisi.

Abasenyeri batatu bariko baravurirwa mu bitaro kubera ubushe batewe n'iyi aside, bakaba bahiye mu maso.

Umuporisi yirutse aja gutabara abo basenyeri, na we nyene ari mu bitaro.

Uwagirizwa gukora aka kabi - umupatiri ashobora kwirukanwa muri iryo dini - yagirizwa ko afise uruhara mu rudandaza rw'ibiyayuramutwe, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru ANA.

Nk'uko ibimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu bibitangaza, abo basenyeri bari bakoranye kugira ngo baganire ingene bomwirukana - bakamwambura ubupatiri - inyuma y'aho bivugiwe ko mu kwa gatandatu mu 2018 yafatanywe amagarama 1,8 y'urumogi.

monastery

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iki gitero cabereye muri iki kigo c'abihebeye Imana mu gihe uyu mupatiri yariko arumvirizwa

Ikinyamakuru Ta Nea kivuga ko uyo mupatiri yinjiye mu kigo c'ababihebeye Imana ca Petraki kiri i Athènes agiye kwumvirizwa, akaba yinjiranye "icupa rinini ririmwo iyo aside".

Umuzamu yashoboye gufata uyo mupatiri ageze kw'irembo ry'ico kigo, na we nyene yaraturiwe n'iyo aside, akaba yaciye asimbanwa kwa muganga.

Umukuru w'igihugu c'Ubugiriki Katerina Sakellaropoulou ariyamiriza iki gitero, nayo umushikiranganji wa mbere Kyriakos Mitsotakis akaba yavuganye n'uwurongoye iryo dini mu Bugiriki, Musenyeri mukuru wa Athènes, Ieronymos II.

Umushikiranganji wa mbere Mitsotakis avuga ko ababajwe cane n'iki gitero, akaba yijeje uyu musenyeri ko "reta izokora uko ishoboye mu kuvura abakomeretse kugira bashobore gukira ningoga".