Burundi: Germain Rukuki yahanishijwe gufungwa umwaka n'ihadabu ry'ibihumbi 50

Ahavuye isanamu, GERMAIN RUKUKI
Germain Rukuki, umukozi w'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT, yahanishijwe umunyororo w'umwaka umwe inyuma yo kumara ine mw'ibohero.
Umwe mu bamuburanira yavuze ko urwo rubanza rwari mu mwiherero kuva mu kwezi kwa gatatu rwasomwe uyu musi na sentare y'iyungururizo ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Mu bisanzwe, sentare iba ifise iminsi 30 kugira ishikirize urwo yaciye.
Mu rubanza rwa mbere muri sentare nkuru ya Ntahangwa, uwo mukozi w'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT Burundi, yari yakatiwe gupfungwa imyaka 32 ku vyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu no kugarariza.
Germain Rukuki yagumye ahakana ivyo yagirizwa.
Germain Rukuki yakoreye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT Burundi, amaze imyaka hafi itatu aciriwe gupfungwa imyaka 32 ku vyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu no kugarariza.
Mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze urubanza rwiwe sentare gasamburamaza yarusubije mw'iburanishwa.
Yasanze hari amategeko ajanye n'iburanishwa ry'imanza atari yubahirijwe igihe rwacibwa.
'Kwitiranya Rukuki na ACAT'
Abashingwamanza ba Rukuki bagumye berekana ko inyanduruko y'urwo rubanza ari uko umushikirizamanza yagumye yitiranya Germain Rukiki ubwiwe n'ishirahamwe ACAT Burundi yakorera.
Abunganizi mu mategeko ba Germain Rukuki bongeye kwerekana ko umushikirizamanza aguma agaruka kuri ACAT avuga ko yatanze uburyo bwo gushigikira imigumuko, bo bagasanga rero ivyo bitobazwa Germain Rukiki kuko yari umukozi waryo asanzwe.
Bavuga ko hamwe vyoba vyarashitse ACAT igatanga uburyo vyobazwa ryonyene.
Bavuga kandi ko gushika ubu iryo shirahamwe ata rubanza ryigeze rishingishirizwa ngo ryagirwe n'icaha. Basaba ko hokwerekana ibimenyetso vy'uburyo Rukuki we nyene ku giti ciwe yatanze, igihe yabutangiye n'uwo yabuhaye.
Ku caha co kugarariza mu kubandanya akorera ishirahamwe ryahagaritswe, uruhande rw'uwurerwa rurabihakana.
Uretse ko ngo atabandanije akora, ruvuga ko 'n'iyo vyari gushika ico caha kitari kwitwa ''kugararariza''. Ngo kija mu vyo kurenga ku ngingo z'ubutegetsi zihanishwa ihadabu riri hagati y'ibihumbi 5 gushika bihumbi 50 bivanye n'urwego ruba rwafashe iyo ngingo






