Venus: NASA itangaza ko igiye gukora ingendo nshasha zibiri kuri uwo mubumbe

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikigo ca Amerika kijejwe kwiga ikirere (NASA), kimenyesha ko kigiye gukora ingendo zibiri kuri Venus mu ntumbero yo kwiga ikirere na kamere y'ubutaka bwayo (geology).
Izi ngendo, zitezwe gukorwa hagati y'imyaka ya 2028 na 2030, zikaba zateguriwe amadolari imiriyoni 500 kuri rumwe rumwe.
Umukuru wa NASA Bill Nelson avuga ko izi ngendo zizoba akaryo ko kwiga neza uwo mubumbe bataherukako mu myaka irenga 30.
Urugendo rwa nyuma ruheruka kuri uwu mubumbe ni urwakozwe mu mwaka wa 1990 n'ikigendajuru Magellan.
Hagati aho, hari ibindi bigendajuru vyagiye bizunguruka mu micungararo yawo kuva ico gihe.
Izi ngendo zateguwe inyuma y'umwihwezo w'abahinga batandukanye, hihwezwa n'akarusho zishobora kuzana mu bijanye n'ubuhinga hamwe n'ibikenewe mu nteguro yazo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Nelson ati: "Izi ngendo zibiri zifise intumbero yo gutahura ingene Venus yabaye nk'isi y'umuriro, ishobora gushongesha ubutare bwa plomb".
Venus ni wo mubumbe uza ubwa kabiri uvuye ku zuba, ukaba ari wo wa mbere ufise ubushuhe bwinshi gusumba iyindi mibumbe yose izunguruka ku zuba, ukaba ufise ubushuhe bwa 500 °C - ubushuhe bushobora gushongesha ubutare bwa plomb/lead.
Urugendo rwa mbere rwiswe Davinci+ (impfunyapfunyo y'icongereza ivuga 'Deep Atmosphere Venus Investigation of Noble gases, Chemistry, and Imaging'), ruzoba ari urwo gupima ikirere c'uwu mubumbe kugira ngo bamenye ingene catanguye n'ingene cabayeho.
Ruzoba kandi ari urwo kumenya nimba Venus yoba yarigeze kugira ibahari.
Bitegekanijwe ko Davinci+ izorungika amasanamu ya hafi cane y'uwu mubumbe yerekana ibigize inyubako yawo, bikazotuma abahinga bawugereranya n'imigabane y'isi.
Urugendo rwa kabiri rwiswe Veritas (impfunyapfunyo y'icongereza ya 'Venus Emissivity, Radio Science, InSAR, Topography, and Spectroscopy'), ruzotanga igicapo c'ubuso (surface) bw'uwu mubumbe kugira ngo bamenye kahise kawo, ingene wabayeho n'igituma utandukanye cane n'umubumbe w'isi.
Hazokoreshwa uburyo bwa radar mu kwerekana udusozisozi twawo no kuraba nimba hari ibirunga na za nyamugigima bikiwubako.
Tom Wagner wo mu gisata ca NASA kijejwe imibumbe, avuga ati: "Biratangaje kubona ata bintu vyinshi tuzi kuri Venus, ariko ibizova muri izi ngendo zompi bizotwereka neza uwo mubumbe ico ari co, kuva ku bicu ukaja ku birunga gushika no mu nda yawo".
Yongeyeko ati: "Bizomera nk'aho dusubiye kuvumbura uwu mubumbe".










