Icegeranyo kivuga ko Diego Maradona yapfuye kubera ugusamara kw'abaganga

Diego Maradona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Diego Maradona yarerekanye ubuhinga budasanzwe nka kizigenza igihe Argentina itsindira igikombe c'isi mu 1986

Umurwi w'abahinga mu vyo buvuzi wemeje ko uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Argentine mu mupira w'amaguru Diego Maradona "atitaweho kandi habaye urwangara" imbere 'yuko asandaba.

Abashikirizamanza muri Argentina bari basavye uyo murwi gukora amatohoza ku bari bajejwe gukurikirana amagara ya Maradona inyuma y'aho apfiriye mu kw'icumi na rimwe umwaka uheze.

Maradona yahitanywe n'indwara y'umutima muhira iwe i Buenos Aires afise imyaka 60.

Mu ntango z'ukwa cumi na rimwe yari yabazwe mu bwonko ikivyimba cari cavuye kw'ivura ry'amaraso, akaba yagomba abandanye avurwa ingaruka z'inzoga.

Nk'umwe mu bakinyi babaye rurangiranwa mu bihe vyose, Maradona yahavuye agira ubuzima bubi bwaranzwe no kunywa ibiyayuramutwe n'inzoga nyinshi.

Urupfu rwa Maradona yabaye kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Argentina igihe iki gihugu gitahukana igikombe c'isi yose mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru mu 1986, rwababaje abakunzi b'umupira w'amaguru kw'isi, bakaba bibajije vyinshi ku bijanye n'abari bajejwe kumuvura.

Haciye imisi mike apfuye, abashikirizamanza baciye batangura amatohoza ku baganga n'abaforoma bari bajejwe kumuvura.

Mu kwa gatatu, abo bashikirizamanza batumyeko abahinga 20 muvyo ubuvuzi kugira ngo bihweze icatumye Maradona apfa bongere bihweze nimba harabaye urwangara.

Ico cegeranyo c'abahinga kivuga iki?

Ivyavuye mu matohoza y'abo bahinga vyatangajwe n'ibinyamakuru vyo muri Argentina ku wa gatanu.

Mu cegeranyo c'impapuro 70, uyo murwi werekana ko Maradona yasinzikaye cane hafi amasaha 12 imbere y'uko apfa. Muri iki gihe, "ntiyakurikiranywe bikwiye", nk'uko iki cegeranyo kibivuga.

Gisubiramwo ibiri muri ico cegeranyo, ikinyamakuru Clarin co muri Argentina kivuga ko uyo murwi wagiriza abaganga bari bajejwe kuvura Maradona "bamutanye wenyene"

Abo bahinga bavuga ko Maradona yari gushobora kuronka amahirwe yo gukira iyo ajanwa kuvurirwa kw'ivuriro hakumugumiza muhira, nk'uko ico kinyamakuru kibivuga.

Uyo murwi uvuga ko abari bajejwe kuvura Maradona batamuvuye neza kandi baranzwe n'urwangara, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters naryo ryaronse ico cegeranyo.

Diego Maradona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Maradona yari umuntu yubashwe cane muri Argentina no kw'isi yose kubera ubuhinga bwiwe mu mupira w'amaguru

Umuganga bwite wa Maradona Leopoldo Luque w'imyaka 39 hamwe n'uwari ajejwe gukurikirana ubuzima bwiwe bwo mu mutwe, bari mu baganga bariko barakorwako amatohoza n'aho bashikirizamanza.

Umurwi w'abahinga washikirije icegeranyo cawo, hasigaye ko abashikirizamanza bafata ingingo ku bijanye no kurengutsa abagirizwa. Ikinyamakuru Clarin kivuga ko bimwe muvyo bashobora kwagirizwa harimwo ubwicanyi.

Uru rupfu rwakozweko amatohoza inyuma y'uko babiri mu bakobwa ba Maradona bitwaye. Bavuze ko bagize amakenga ku kungene se wabo yakurikiranywe amaze kubagwa mu bwonko.

Muganga Luque wewe nta caha camwagiriye. Arahakana ko ataruhara yabigizemwo.

Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru akorora amosozi mu kwa cumi na rimwe, Muganga Luque yararize, avuga ko yakoze uko ashoboye kugira arokore ubuzima bw'umugenzi wiwe.

Uyu muganga yavuze ko yakoze "ivyo yari ashoboye vyose gushika aho ananirwa".