Mu mafoto: Ivyaranze Raúl Castro mu myaka irenga 60 ya poritike

Ahavuye isanamu, Getty Images
Raúl Castro yavuye ku butegetsi nk'umunyamabanga wa mbere w'umugambwe Parti Communiste ya Cuba.
Iyo ngingo itumye ku ncuro ya mbere mu myaka irenga 50, uwo mugambwe - utegetse iryo zinga kuva ushingwa mu 1965 - udatwarwa na Raúl Castro canke umuhisi mukuruwe , Fidel.
Fidel Castro yarongoye revolution yatembagaje reta ya Cuba mu 1959 hanyuma murumunawe Raúl akaba yari umwe mu ndongozi zayo.
Yavutse itariki 3 ukwezi kwa gatandatu mu 1931 hanyuma yiga amashuri kw'ishuri ry'aba Jesuite ku murwa mukuru wa Cuba, mu nyuma aja kwiga ivy'ubutunzi kuri kaminuza ya La Havane ari naho yinjiriye umugwi w'abakiri bato b'aba communiste.
Mu 1953, yarafashije mukuruwe, Fidel, gutegura no gushira mu ngiro igitero caburijwemwo kw'ikambi ya gisirikare ya Moncada i Santiago de Cuba mu kugerageza gukura ku butegtetsi Fulgencio Batista.
Yaciriwe umunyororo w'imyaka 13 kubera uruhara muri ico gitero ariko aza kugirirwa ikigongwe mu 1955 aca ahungira muri Mexique.
Aho yaciye aba umugenzi w'umu revolutionnaire w'umunya Argentine Ernesto "Che" aca amuhuza na Fidel Castro.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Raúl Castro yagarutse muri Cuba mu kwa 12 mu 1956 mu bwato Granma nk'umwe mu bagize umugwi w'abo kwa mukuruwe bari barahunze wari uzwi nk'umuhari w'aba revoutionnaire w'uwa 26 Mukakaro (ukwezi kw'indwi), Mouvement Revolutionnaire du 26 Juillet.
Baciye bagira urugamba rw'uturwi duto duto (guerrilla) bahereye mu mitumba ya Maestra, urugamba rwahavuye rubashikana kw'itembagazwa rya reta ya Gen Batista, banatuma Batista ahunga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Fidel Castro yabaye umushikiranganji wa mbere aca ashinga Raúl kuba umukuru w'ingabo, Forces Armées Révolutionnaires, ikibanza yagumyemwo gushika mu 2008.

Ahavuye isanamu, Ullstein Bild
Yaba ahagarikiye defire z'igisirikare canke asomera abanya Cuba mu gihugu hagati, akenshi yaboneka yambaye umwambaro w'ibara ry'urwatsi rutoto rudakeye cane (vert olive).

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images
Se wa Fidel na Raúl Castro yari umurimyi w'igikaju atunze hanyuma Raúl rimwe na rimwe akaba yarifotoreza mu mirima y'ico giterwa ca mbere gikomeye muri Cuba.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu 1965, Raúl Castro yarahawe amabanga y'umunyamananga wa kabiri wa komite nkuru mu mugambwe wari uhejeje gushingwa wa Parti Communiste de Cuba.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mukuruwe, Fidel, yari afise ikibanza c'umunyamabanga wa mbere kuva mu 1965 gushika mu 2011, aho yaca atanga imihoho hanyuma Raúl Castro agaca afata ikibanza kibonwa nk'ica mbere gikomeye cane muri Cuba.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Raúl Castro yamaze umwanya mununi mu buzima bwiwe ari mu kwaha kwa mukuruwe Fidel, mu gihe ciwe nk'umukuru wa Cuba - ubwa mbere nk'imfatakibanza kuva mu 2006 mu nyuma icese kuva mu 2008 gushika mu 2018 - Castro mutoya uretse kwakira Papa François muri iryo zinga mu 2015...

Ahavuye isanamu, Getty Images
...yaranakoranye mu minwe n'umukuru wa Amerika Barack Obama mu cabaye nk'ikimenyetso co gushusha imigenderanire hagati y'ivyo bihugu mu 2015.

Ahavuye isanamu, MANDEL NGAN
Abo bategetsi barasubiye kubonana mu 2016 igihe Barack Obama yasanga Raúl Castro aho yariko arorera umupira wa baseball muri La Havane mu rugendo mbonekarimwe rw'uwo mutegetsi wa Amerika muri iryo zinga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aho Fidel Castro apfiriye ku wa 25 ukwa 11 mu 2016, murumunawe niwe yaguweko n'umuhango wo gushira agasandugu karimwo umunyota wiwe mu ruhafu rwo mw'itongo ry'abapfuye rya Santa Ifigenia i Santiago de Cuba.

Ahavuye isanamu, AFP
Amafoto yose yitirwa uwayafashe.














