Mu mafoto: Ivyaranze Raúl Castro mu myaka irenga 60 ya poritike

Umu 'revolutionnaire wo muri Cuba Major Raul Castro avukana na Fidel Castro. (Photo by © Lester Cole/CORBIS/Corbis via Getty Images). 20 January 1959

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Raúl Castro yari afise imyaka 27 igihe aba ''revolutionnaires'' batembagaza ubutegetsi bw'igitugu bwa Fulgencio Batista.

Raúl Castro yavuye ku butegetsi nk'umunyamabanga wa mbere w'umugambwe Parti Communiste ya Cuba.

Iyo ngingo itumye ku ncuro ya mbere mu myaka irenga 50, uwo mugambwe - utegetse iryo zinga kuva ushingwa mu 1965 - udatwarwa na Raúl Castro canke umuhisi mukuruwe , Fidel.

Fidel Castro yarongoye revolution yatembagaje reta ya Cuba mu 1959 hanyuma murumunawe Raúl akaba yari umwe mu ndongozi zayo.

Yavutse itariki 3 ukwezi kwa gatandatu mu 1931 hanyuma yiga amashuri kw'ishuri ry'aba Jesuite ku murwa mukuru wa Cuba, mu nyuma aja kwiga ivy'ubutunzi kuri kaminuza ya La Havane ari naho yinjiriye umugwi w'abakiri bato b'aba communiste.

Mu 1953, yarafashije mukuruwe, Fidel, gutegura no gushira mu ngiro igitero caburijwemwo kw'ikambi ya gisirikare ya Moncada i Santiago de Cuba mu kugerageza gukura ku butegtetsi Fulgencio Batista.

Yaciriwe umunyororo w'imyaka 13 kubera uruhara muri ico gitero ariko aza kugirirwa ikigongwe mu 1955 aca ahungira muri Mexique.

Aho yaciye aba umugenzi w'umu revolutionnaire w'umunya Argentine Ernesto "Che" aca amuhuza na Fidel Castro.

(L-R) Raul Castro and Ernesto (Che) Guevara. (Photo by Ben Martin/Getty Images) 1 January 1964

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Raúl Castro na Che Guevara bahuriye ubwa mbere muri Mexique

Raúl Castro yagarutse muri Cuba mu kwa 12 mu 1956 mu bwato Granma nk'umwe mu bagize umugwi w'abo kwa mukuruwe bari barahunze wari uzwi nk'umuhari w'aba revoutionnaire w'uwa 26 Mukakaro (ukwezi kw'indwi), Mouvement Revolutionnaire du 26 Juillet.

Baciye bagira urugamba rw'uturwi duto duto (guerrilla) bahereye mu mitumba ya Maestra, urugamba rwahavuye rubashikana kw'itembagazwa rya reta ya Gen Batista, banatuma Batista ahunga.

(FILE) A 1959 photograph showing Commanders (L to R) Raul Castro, Antonio Nunez Jimenez, Ernesto "Che" Guevara, Juan Almeida and Ramiro Valdes in Havana during the first year of the Cuban revolution.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ifoto yo mu 1959 yerekana Raúl Castro (i bubamfu ) ari kumwe n'abandi ba revolutionnaire, harimwo Ernesto "Che" (agira gatatu uva i bubamfu)

Fidel Castro yabaye umushikiranganji wa mbere aca ashinga Raúl kuba umukuru w'ingabo, Forces Armées Révolutionnaires, ikibanza yagumyemwo gushika mu 2008.

Ernesto Che Guevara, Raul Castro (m) and his wife 1964 (Photo by Jung/ullstein bild via Getty Images)

Ahavuye isanamu, Ullstein Bild

Insiguro y'isanamu, Raúl Castro ari kumwe n'umugore wiwe (i buryo) na Che Guevara (i bubamfu)

Yaba ahagarikiye defire z'igisirikare canke asomera abanya Cuba mu gihugu hagati, akenshi yaboneka yambaye umwambaro w'ibara ry'urwatsi rutoto rudakeye cane (vert olive).

Raúl Castro talking with a family in Cuba in 1964. (Photo by Gilberto Ante/Roger Viollet via Getty Images)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Rauel Castro talking with a family of countrymen. Cuba, 1964. (Photo by Gilberto Ante/Roger Viollet via Getty Images)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Se wa Fidel na Raúl Castro yari umurimyi w'igikaju atunze hanyuma Raúl rimwe na rimwe akaba yarifotoreza mu mirima y'ico giterwa ca mbere gikomeye muri Cuba.

Castro cutting sugar cane. Cuba, 1970. (Photo by Gilberto Ante/Roger Viollet via Getty Images)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu 1965, Raúl Castro yarahawe amabanga y'umunyamananga wa kabiri wa komite nkuru mu mugambwe wari uhejeje gushingwa wa Parti Communiste de Cuba.

Fidel Castro and his brother Raul attend a May Day parade December 2, 1996 in Havana, Cuba. (Photo by Sven Creutzmann/Mambo Photography/Getty Images)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Fidel na Raúl Castro bahanahana batwaye Cuba imyaka 60

Mukuruwe, Fidel, yari afise ikibanza c'umunyamabanga wa mbere kuva mu 1965 gushika mu 2011, aho yaca atanga imihoho hanyuma Raúl Castro agaca afata ikibanza kibonwa nk'ica mbere gikomeye cane muri Cuba.

Raul Castro, President of Cuba (R) tries to hold back his brother and Revolution leader Fidel Castro (L) from getting up, during the closing session of the 6th Party Congress after Raul Castro had been officially elected as Fidel Castro's successor as head of Cuba's ruling communist Party PCC in the Palacio de las Convenciones on April 19, 2011 in Havana, Cuba.(Photo by Sven Creutzmann/Mambo Photo/Getty Images)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Fidel Castro yashikirije ubutegetsi murumunawe ku mugaragaro mu 2011

Raúl Castro yamaze umwanya mununi mu buzima bwiwe ari mu kwaha kwa mukuruwe Fidel, mu gihe ciwe nk'umukuru wa Cuba - ubwa mbere nk'imfatakibanza kuva mu 2006 mu nyuma icese kuva mu 2008 gushika mu 2018 - Castro mutoya uretse kwakira Papa François muri iryo zinga mu 2015...

Pope Francis walks with Cuba's President Raul Castro (R) as he arrives at Jose Marti International Airport on September 19, 2015 in Havana, Cuba.

Ahavuye isanamu, Getty Images

...yaranakoranye mu minwe n'umukuru wa Amerika Barack Obama mu cabaye nk'ikimenyetso co gushusha imigenderanire hagati y'ivyo bihugu mu 2015.

US President Barack Obama (R) shakes hands with Cuba's President Raul Castro (L) on the sidelines of the Summit of the Americas at the ATLAPA Convention center on April 11, 2015 in Panama City. AFP PHOTO/MANDEL NGAN / AFP PHOTO / Mandel NGAN (Photo credit should read MANDEL NGAN/AFP via Getty Images)

Ahavuye isanamu, MANDEL NGAN

Abo bategetsi barasubiye kubonana mu 2016 igihe Barack Obama yasanga Raúl Castro aho yariko arorera umupira wa baseball muri La Havane mu rugendo mbonekarimwe rw'uwo mutegetsi wa Amerika muri iryo zinga.

US President Barack Obama speaks next to Cuban President Raul Castro (R) during a Major League baseball exhibition game between the Tampa Bay Rays and the Cuban national team at the Latinoamericano stadium in Havana on March 22, 2016. Obama praised the bravery of Cuban dissidents Tuesday in a meeting at the US embassy in Havana, although opponents back home dismissed the event as a "token" gesture. AFP PHOTO / Nicholas KAMM / AFP PHOTO / NICHOLAS KAMM (Photo credit should read NICHOLAS KAMM/AFP via Getty Images)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Aho Fidel Castro apfiriye ku wa 25 ukwa 11 mu 2016, murumunawe niwe yaguweko n'umuhango wo gushira agasandugu karimwo umunyota wiwe mu ruhafu rwo mw'itongo ry'abapfuye rya Santa Ifigenia i Santiago de Cuba.

Cuban President Raul Castro places the urn with the ashes of his brother Fidel Castro in his tomb at the Santa Ifigenia cemetery in Santiago de Cuba on December 4, 2016.

Ahavuye isanamu, AFP

Amafoto yose yitirwa uwayafashe.