Abanyeshure bo mu mashure y'intango banyurujwe mu buraruko bwa Nigeria

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bitwaje ibigwanisho banyuruje igitigiri kinini c'abana biga mu mashure mato mato n'abigisha babo mu ntara ya Kaduna iri mu buraruko bwa Nigeria, mu karere ka Birnin-Gwari.
Ivyo bishitse inyuma y'imisi mike abandi banyeshure barenga mirongo ibiri bo mw'ishure ry'isumbuye banyurujwe muri iyo ntara nyene.
Ababa muri ako gace babwiye BBC ko abo bitwaje ibigwanisho banyuruje abo bana biga kw'ishure rya reta mu kigwati ca Rema, mu karere ka Birnin-Gwari, ku musi wa mbere mu gatondo, igihe abana bariko barashika kw'ishure kwiga.
Ntibiramenyekana igitigiri c'abantu banyurujwe. Abategetsi bavuga ko batazi neza igitigiri nyaco c'abanyeshure n'abigisha boba banyurujwe.
Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, abanyeshure barenga 800 baramaze kunyuruzwa n'imigwi y'abicanyi hirya no hino muri Nigeria.
Ariko bubaye ubwa mbere hanyuruzwa abana bo mu mashure mato mato.

Ahavuye isanamu, YUSUF TIJJANI
Abanyeshure mirongo itatu n'icenda - higanjemwo abigeme - banyurujwe mw'ishure ryisumbuye ku musi wa kane, n'ubu ntibararekurwa.
Mu bisanzwe abafashwe ingwati bakunze kurekurwa inyuma y'ibiganiro n'ababanyuruje, babanje gusaba amafaranga.
Hagati aho, abategetsi b'intara ya Kaduna bavuga ko, mu mpera z'iyinga, baburijemwo irindi gerageza ryo kunyuruza abana ryari ritumbereye ishure ry'isumbuye.










