CAR: Urubanza rw'abahoze barongoye inyeshamba ruratangura, bagirizwa ivyaha vy'intambara

Patrice-Edouard Ngaïssona yiyise umuhuzabikorwa wa poritike mu ngabo za anti-Balaka

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Patrice-Edouard Ngaïssona yiyise umuhuzabikorwa wa poritike mu ngabo za anti-Balaka

Uwahoze arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Centrafrique (RCA/CAR) agiye kurengutswa imbere ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI/ICC) yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara.

Patrice-Edouard Ngaïssona yahoze arongoye umuhari wa gikristu anti-Balaka yagirizwa kandi ivyaha vy'agahomerabunwa, ivyo yamirira kure.

We hamwe na Alfred Yekatom bagirizwa guhagararira ibitero vyakozwe ku banyagihugu b'Abasilamu muri ico gihugu mu 2013-2014.

Iki gihugu kiracari mu ndyane, aho bibiri vya bitatu vyaco biri mu minwe y'inyeshamba.

Iki gihugu cahoze gitwarwa n'abakoloni b'Abafaransa cinjiye mu ntambara mu 2013 igihe inyeshamba zo mu muhari Seleka zirwiriyemwo abasilamu zafata ubutegetsi muri ico gihugu kirwiriyemwo abakirisu.

Haciye havuka umurwi ugizwe ahanini n'abakirisu witwa anti-Balaka kugira ngo urwanye Seleka inyuma y'aho uwari umukuru w'ico gihugu François Bozizé yomorewe.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barishwe mu mishamirano yakurikiye, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigatangaza ko abarenga umuriyoni bateshejwe izabo.

Patrice-Edouard Ngaïssona ni nde?

Yiyise umuhuzabikorwa wa poritike mu ngabo za anti-Balaka.

Muri aya mabanga yiwe, sentare mpuzamakungu ivuga ko yakoze ivyaha vy'agahomerabunwa n'ivyaha vyo mu ntambara harimwo ubwicanyi, iyicarubozo hamwe no kwinjiza abana mu barwanyi.

Ngaïssona yarankiwe kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu matora yo mu 2015 kubera yagirizwa kugira uruhara muri ivyo vyaha, ibirego yamirira kure.

CPI yagiriza Ngaïssona gukoresha abana muri iyo ntambara

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, CPI/ICC yagiriza Ngaïssona gukoresha abana muri iyo ntambara

Yahoze arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Centrafrique, akaba yaranabaye umushikiranganji w'inkino igihe gito imbere y'uko agenwa kuja mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika (CAF) mu kwa kabiri mu 2018.

Igenwa ryiwe ryaraneguwe n'amashirahamwe atari make aharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Ico gihe yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Iyaba ivyo nagirizwa vyari ivy'ukuri, uno musi simba ndi ng'aha".

Yongerako ati: "Jewe si mvanga poritike n'inkino - ivyo nakoze vyose nabikoze ku nyungu z'igihugu".

Abategetsi b'Ubufaransa bamuhagaritse mu kwa cumi na kabiri mu 2018 baca bamushikiriza CPI mu kwa mbere mu 2019.

Alfred Yekatom wewe ni nde?

CPI yagiriza Yekatom, azwi kw'izina ry'iritazirano nka Rambo, ko yakoze ubwicanyi, iyicarubozo, gutera abasivire no gukoresha abana mu ntambara igihe yari arongoye umurwi wabarwanyi b'umuhari anti-Balaka.

Arahakana ivyo yagirizwa.

Yekatom yaratowe nk'umushingamateka mu 2016 n'aho yari asanzwe ari mu bihano yafatiwe n'ishirahamwe ONU.

Yekatom (hagati) yafashwe n'igisirikare

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Yekatom (hagati) yafashwe n'igisirikare

Yahagaritswe mu kw'icumi mu 2018 inyuma y'aho arasiye mu nama nshingamateka aca ariruka, biturutse ku mpari hagati yiwe n'umushingamateka mugenziwe.

Ni we wa mbere muri RCA arungitswe muri CPI.

Ihuriro mpuzamakungu ry'agateka ka zina muntu rizwi nka FIDH, mu mpfunyapfunyo y'igifaransa, rivuga ko iki cerekana ko abategetsi b'ico gihugu biyemeje koko kurwanya ukudahana.

Ibintu bimeze gute muri RCA ubu?

Indyane zirabandanya muri RCA n'aho aba babiri bahoze ari bategetsi b'inyeshamba bahagaritswe.

Uwahoze ari umukuru w'ico gihugu Francois Bozizé yatahutse ava mu buhungiro mu 2019.

Yagirizwa ko ari we yateje indyane za kino gihe muri iki gihugu gifise ubutaka bwuzuye ubutare ariko abanyagihugu ari ba ntahonikora.

Hari inyuma y'aho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro rimuburije kwitoza mu matora aheruka mu kwa cumi na kabiri.

RCA

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuri iyi sanamu yo mu kwa munani 2017, abarwanyi ba anti-Balaka bari kw'irondo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa RCA

Ihuriro ry'imirwi y'inyeshamba - ivugwa ko ifitaniye ubucuti nawe - ryarigaruriye uturere tutari duke tw'igihugu rikaba rigabisha ko rishobora kwigarurira umugwa mukuru Bangui.

Bozizé arahakana ko ata migenderanire afitaniye n'inyeshamba zanse kwemera ko Perezida Faustin-Archange Touadéra ari we yatsinze amatora zanse kujamwo. Zisaba ko asubirwamwo.

Ingabo za ONU ziharurwa ku 12.000 zifashwe mu mugongo n'abasirikare b'u Rwanda, ab'Uburusiya n'ab'Ubufaransa ni zo zishigikiye reta, ariko ivyo ntivyabujije ko abasivire ibihumbi n'ibihumbi bahunga igihugu cabo.

Mu kwa mbere, ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi (HCR) ryavuze ko impunzi hafi 92.000 zahungiye muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, abandi barenga 13.000 nabo bahungira muri Kameruni (Cameroun), Tchad na Congo-Brazzaville. Rivuga ko abandi nabo bahungiye hagati mu gihugu.