Biden yakuye impari zari zihari ku Munyafrika wa mbere n'umugore wa mbere yorongora OMC/WTO

Ngozi Okonjo-Iweala
Insiguro y'isanamu, Ms Okonjo-Iweala w'imyaka 66 niwe mu kenyezi wa mbere wa Nijeriya yabaye umushikiranganji w'ikigega ca reta n'uw'imigenderanire

Ubutegetsi bwa Joe Biden bwarangtje impari zari zimaze igihe ku wuzoba umukuru w'ishirahamwe ry'ubudandaji kw'isi OMC/WTO mu kwemeza ko "ashigikiye cane" uwahoze ari umushikiranganji w'ikigega ca reta wa Nijeriya.

Ngozi Okonjo-Iweala niwe yari imbere mu bahiganira ico kibanza gushika mu kwezi kw'icumi aho ubutegetsi bwa Donald Trump bwamenyesha ko bushaka uwundi mugore, umunya Koreya y'Ubumanuko,Yoo Myung-hee.

Umupfasoni Yoo yaciye akuramwo akarenge mu bahiganira ico kibanza.

Mu gihe yokwemezwa, umupfasoni Dr Okonjo-Iweala niwe azoba abaye umugore wa mbere kandi umunya Afrika wa mbere arongoye iryo shirahamwe.

Umpfasoni Okonjo-Iweala arakeza uwo bahora bahanganye muri ico kibanza, akavuga ati: "Hari igikorwa gikomeye kiri imbere tugiye gukorera hamwe".

Mu kw'icumi, akanama kajejwe kugena abarongora OMC/WTO kasavye ibihugu 164 birihurikiyemwo gushigikira igenwa ry'umupfasoni Okonjo-Iweala kugira asubirire uwusanzwe arirongoye, ari we Roberto Azevedo; ico gihe, umuvugizi waryo yavuze ko ibihugu vyose bishigikiye igenwa ryiwe kiretse" igihugu kimwe".

Perezida Donald Trump - mu gihe yavuga ko OMC ari "amahano" kandi ko yegamiye ku ruhande rw'Ubushinwa - yashaka umupfasoni Yoo, umushikiranganji w'ubudandaji wa Koreya y'Ubumanuko.

Ejo ku wa gatanu, umupfasoni Yoo yavuze ko ingingo yiwe yo gukuramwo akarenge yayifashe habaye "umwumvikano" na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yavuze ati: "Koreya y'Ubumanuko ikozokora uko ishoboye kugira ngo bashike ku mwumvikano ku wugiye kurongora OMC kandi izokorana nawe yongere igire uruhara mw'inagurwa rya OMC".

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika, Maison Blanche/White House vyakeje umupfasoni Yoo ku kungene yashoboye kwiyamamariza bikomeye ico kibanza n'igikorwa kidasanzwe yakoze nk'umukenyezi wa mbere wa Koreya y'Ubumanuko ajejwe ubudandaji.

Mw'itangazo ivyo biro vyasohoye, vyavuze ko "Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziteguriye intambwe ya kabiri kugira ngo OMC ishike ku mwumvikano ku bijanye n'uworongora OMC".