Umushikiranganji wa Sri Lanka yahimiriza umuti kama wa Covid yasanze yanduye

Ahavuye isanamu, AFP
Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Sri Lanka yari asanzwe ahimiriza umuti kama w'amazi mu ntumbero yo kurwanya Covid, yasanze yaranduye uwu mugera.
Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu, yabwiye BBC ko umushikiranganji Pavithra Wanniarachchi yapimwe ku wa gatanu agasanga yaranduye.
Yarahimirije cane uwu muti w'amazi wahinguwe n'umupfumu avuga ko ukora nk'urucanco rw'uwu mugera ubuzima bwose.
Kuva iki kiza caduka, Sri Lanka imaze kugira abantu 56.076 banduye hamwe na 276 bapfuye, ibiharuro vy'abandura bikaba vyasubiye kuduga kuva mu mezi aheze.
Umupfasoni Wanniarachchi abaye umushikiranganji wa kane yanduye coronavirus. Hari uwundi mushikiranganji na we nyene yari yafashe uwu muti yapimwe mu ntango z'iyi ndwi agasanga yaranduye.
Uyu mushikiranganji w'amagara y'abantu, yarawunyoye imbere y'abantu kugira atange akarorero, yongera atanga uruhusha rwo kuwukoresha mu guhagarika ikwirakwira ry'uwu mugera.
Uyu mupfumu yakoze uwu muti usanzwe urimwo ubuki n'urubuto rw'igiterwa citwa muscarde avuga ko yeretswe mu ndoto ingene yowuhingura.
Abaganga bo muri ico gihugu bari biyamirije amakuru yavuga ko uwu muti ukora, ariko itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bamwirukiye kugira ngo awubaronse.
Umupfasoni Wanniarachchi yipimishije covid-19 incuro zibiri, kandi inyishu zose zaje zerekana ko yanduye, nk'uko bitangazwa na Viraj Abeysinghe, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu yabibwiye BBC.
Uyu mushikiranganji yaciye asabwa kwitaramura, eka n'abamwegereye bose baciye bataramurwa.
Iyi nkuru y'umupfasoni Wanniarachchi yaje haciye amasaha make Sri Lanka yemeje ikoreshwa rya rwa rucanco rwahingurwa na Oxford/AstraZeneca. Incanco za mbere zitegekanijwe gushika mu gihugu mu ndwi iza.
Sri Lanka si co gihugu conyene abantu bafise ibibanza mu butegetsi bahimirije imiti itemejwe mu kuvuga ko ivura Covid-19.
Mu mwaka uheze, umukuru w'igihugu ca Madagascar Andry Rajoelina yaraneguwe igihe ahimiriza umuti kama yavuga ko ushobora kuvura uwu mugera. Yarerekanywe ariko aratanga uwo muti mu banyagihugu ba ntahonikora bo ku mugwa mukuru w'ico gihugu.
Kuva iki kiza cadutse, hari abategetsi batari bake b'ibihugu bikomeye bamaze kucandura. Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson hamwe n'uwahoze ari umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, bose bari mu banduye iki kiza mu bihe bitandukanye mu mwaka uheze.










