Ubwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 mu bindi bihugu bine vya Africa

Uruja n'uruza rw'abantu nico coba catumye ubwo bwoko bushasha bukwira mu bindi bihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uruja n'uruza rw'abantu nico coba catumye ubwo bwoko bushasha bukwira mu bindi bihugu

Ibihugu vya Botswana, Zambia, Gambia and Kenya bimaze kubona ko vyinjiranywe n'ubwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 watanguye gutorwa muri Afrika y'Epfo mu mwaka uheze nk'uko bitangazwa na OMS, ishami rya ONU riraba amagara kw'isi.

"Bishoboka n'uko uwo mugera umaze gushika mu bihugu vyinshi muri Africa ariko bikaba bitaramenyekana. Turiko turakorana n'abahinga mu bigo vyiga ibipimo (laboratoires) bitandukanye bifise ubushobozi bukwiye bwo kubona uwo mugera kugira birushirizeho gucungera."

Ivyo Dr Moeti yabibwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yatanze mu buryo bwo kuri internet.

Africa y'Epfo nico gihugu ca mbere co muri Africa catowemwo ubwoko bushasha bwa corona,ubundi bwoko bwatowe mu Bwongereza na Brezil
Insiguro y'isanamu, Afrika y'Epfo nico gihugu ca mbere co muri Afrika catowemwo ubwoko bushasha bwa corona,ubundi bwoko bwatowe mu Bwongereza na Brezil

Umuyobozi mukuru w'amagara y'abantu muri Kenya , Patrick Amoth , yabwiye BBC ko ubwo bwoko bwatowe ku bantu babiri bo muri Afrika y'Epfo bakoze urugendo muri Kenya harahese ukwezi.

"Mu bipimo bisanzwe bikorwa ku muntu wese yinjiye mu gihugu, twarashoboye kubona uwo mugera mu bipimo twabafashe''. Abo bantu babiri ubu barasubiye muri Afria y'Epfo" mk'uko Dr Amoth abandanya abivuga.

Afrika y'Epfo nico gihugu kigeramiwe n'iyo ndwara kurusha ibindi vyose muri Africa.

Umugwi w'abashakashatsi bo muri kaminuza zitatu zo muri Africa y'Epfo ukorana n'urwego rw'igihugu ruraba ivy'indwara zandukira watoye ko incanco zihari gushika ubu zoba zidashobora gukinga kwandura ubwo bwoko bushaha.