Ubwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 mu bindi bihugu bine vya Africa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibihugu vya Botswana, Zambia, Gambia and Kenya bimaze kubona ko vyinjiranywe n'ubwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 watanguye gutorwa muri Afrika y'Epfo mu mwaka uheze nk'uko bitangazwa na OMS, ishami rya ONU riraba amagara kw'isi.
"Bishoboka n'uko uwo mugera umaze gushika mu bihugu vyinshi muri Africa ariko bikaba bitaramenyekana. Turiko turakorana n'abahinga mu bigo vyiga ibipimo (laboratoires) bitandukanye bifise ubushobozi bukwiye bwo kubona uwo mugera kugira birushirizeho gucungera."
Ivyo Dr Moeti yabibwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yatanze mu buryo bwo kuri internet.

Umuyobozi mukuru w'amagara y'abantu muri Kenya , Patrick Amoth , yabwiye BBC ko ubwo bwoko bwatowe ku bantu babiri bo muri Afrika y'Epfo bakoze urugendo muri Kenya harahese ukwezi.
"Mu bipimo bisanzwe bikorwa ku muntu wese yinjiye mu gihugu, twarashoboye kubona uwo mugera mu bipimo twabafashe''. Abo bantu babiri ubu barasubiye muri Afria y'Epfo" mk'uko Dr Amoth abandanya abivuga.
Afrika y'Epfo nico gihugu kigeramiwe n'iyo ndwara kurusha ibindi vyose muri Africa.
Umugwi w'abashakashatsi bo muri kaminuza zitatu zo muri Africa y'Epfo ukorana n'urwego rw'igihugu ruraba ivy'indwara zandukira watoye ko incanco zihari gushika ubu zoba zidashobora gukinga kwandura ubwo bwoko bushaha.






