FAO iragabisha ko inzige zishobora gusubira gutera Afrika y'Ubuseruko.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibiguri bishasha vy'inzige mu bumanuko bwa Ethiopia n'uburaruko bwa Kenya biriko birakwiragira mu bindi bice vy'akarere ka Afrika y'Ubuseruko nk'uko bitangazwa n'ishami rya ONU riraba ivy'uburimyi kw'isi FAO.
Mu makuru mashasha yasohoye ku wa mbere, FAO yavuze ko izo nzige zitarakura ziriko zimuka ziva aho zavyariwe mu buseruko bwa Ethiopia no mu majahagati ya Somalia zikwiragira mu ntara ya SNNP ya Ethiopia no mu bice vya Kenya vyo mu buraruko no ku nkengera y'ibahari.
FAO ivuga iti : "Gushika ubu inzige ziri mu ntara zine za Kenya (Wajir,Garissa,Marsabit hamwe n'ubu bwa vuba muri Isiolo). Izo nzige ziguma zivyara, kandi ziri no mu bumanuko bushira ubuseruko hafi ya Taita Taveta no ku nkengera z'ibahari".

Ahavuye isanamu, Alamy
FAO igabisha ko ibiguri bimwe bishobora gukwira Kenya bigashika no muri Tanzania , Sudan y'Epfo na Uganda muri uku kwezi kwa mbere.
Ibitero vy'inzige birageramira cane ivyo kurya mu karere. Mu mwaka uheze ako karere katakaje imirima myinshi iriwe n'izo nzige.
ONU yabwiye ibihugu bigeramiwe gukora ibishoboka kugira bafate ingamba zo kubuza izo nzige gushwara akarere no kubandanya zirwira.
FAO ivuga ko ata bwoba bwinshi buhari ko izo nzige zishikira amajahagati ya Kenya canke kumbure ubumanuko bushira ubuseruko bwa Sudan y'Epfo muri uku kwezi kwa mbere.
Iryo shami rya ONU rivuga ko haja hamaze kuvugwa ko hari ibiguri vy'inzige zitarakura zoba zarashitse mu ntara ya Mwanga mu buraruko bushira ubuseruko bwa Tanzania itariki 8 z'uku kwezi.
FAO ivuga ko izo nzige zishitse ahantu hameze neza zica zikura zigata amagi zikazoberagura izindi mu kwa kabiri no mu kwa gatatu.










