France yatoye umuntu wa mbere yanduye bwa bwoko bushasha bwa coronavirus

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubufaransa bwemeje ko hari umuntu wa mbere yanduye ubwokobushasha bwa coronavirus bwandukira cane buherutse kwibonekeza mu Bwongereza.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bw'Ubufaransa bumenyesha ko uyo muntu ari umufaransa asanzwe aba mu gisagara ca Tours kiri hagati mu gihugu, akaba yari yavuye mu Bwongereza ku wa 19 z'uku kwa cumi na kabiri.
Ubu bushikiranganji buvuga ko uyo muntu ata bimenyetso yerekana, kandi ko yishize ukwiwe muhira.
Ubu bwoko bushasha bwa coronavirus yihinduye bwabonetse mu Bwongereza bwatumye ibihugu bitari bike bifata ingingo zo guhagarika uruja n'uruza n'ico gihugu.
Ubufaransa bwari bwazibiye imbibe zabwo ariko ku wa gatatu bwarahagaritse iyo ngingo, gusa bugasaba ko abantu babanza gupimwa ko bakomeye imbere yo gufata ingendo.
Abashoferi b'amakamyo baharurwa mu bihumbi baririye Noweri mu mamodoka yabo mu karere ka Kent barindiriye kwinjira mu Bufaransa.
Uyu muntu yanduye ubu bwoko bundi bwa coronavirus yari yapimwe mu bitaro ku wa 21 z'uku kwa cumi na kabiri, nk'uko ubushikirangani bw'amagara y'abantu bubitangaza.
Ubu bushikiranganji bwongerako y'uko uyu muntu ari Umufaransa asanzwe aba mu Bwongereza, ariko ko yumva ameze neza.
Hari n'ibindi bihugu vyamaze gutangaza ko vyamaze guterwa n'ubu bwoko bushasha bw'uwu mugera: Ejo ku wa gatanu, Ubuyapani bwatangaje ko abantu batanu mu ngenzi zari zivuye mu Bwongereza banduye. Aho ni mu gihe imbere y'aho ibihudu vya Danemark, Australia n'Ubuholande navyo nyene vyari vyamaze gutangaza ko uwo mugera wabishwayemwo.

Abantu barenga imiriyoni zibiri n'igice nibo banduye Covi-19 mu Bufaransa kuva yadutse, ikaba yahitanye abarenga ibihumbi 62, bukaba bugira indwi kw'isi mu bihugu bifise ibitigiri binini vy'abanduye.
Itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko ku wa gatandatu incanco za mbere za Pfizer-BioNTech ari ho zinjira mu gihugu zivuye mu Bubirigi.
Vyitezwe ko aba mbere batangura gucandagwa kuri uyu wa Mungu mu bigo bibiri bitunze abatama vya Sevran na Dijon.
Ikizwi kuri ubu bwoko bushasha bwa coronavirus
Ubu bwoko bushasha bwa coronavirus bwatanguye kwibonekeza mu Bwongereza mu kwezi kw'icenda, bukavugwa ko ari bwo bwatumye ibitigiri vy'abandura i Londres, mu buseruko bw'Ubwongereza no mu bumanuko bushira ubuseruko, vyiyongera ku buryo budasanzwe.
Ikigo kijejwe imibare mu Bwongereza, ONS, kivuga ko bishokoka y'uko bibiri vya bitatu vy'abandura bafise kuba bafise ubu bwoko bushasha.
Iyi coronavirus yihinduye iboneka ko ari ubwoko bushobora gukwirakwira ningoga kubera ingene bumeze.
Hagati aho, nta cemeza ko ishobora kuba ikaze gusumba iyisanzwe ihari, ivyumvikana ko incanco ziherutse gukorwa zishobora gukora no kuri ubu bwoko, nk'uko abahinga babivuga.
Ibihugu birenga 40 vyarahagaritse ingenzi zava mu Bwongereza mu ntango z'uku kwezi.
Ingendo z'indege ziva mu Bwongereza zarahagaritswe mu bihugu bitari bike harimwo Espagne, Ubuhindi na hong Kong.
Arabiya Sawudite, Omani na Koweiti vyovyo vyarageze kure, mu kwugara imbibe zavyo mu kiringo c'indwi yose.










