James Hamblin ni muganga abona ko ata mpamvu y'uko abantu bama boga buri mwanya

Hamblin yakoze ubushakashatsi ku kwoza umubiri bumaze no gusohorwa mu gitabo

Ahavuye isanamu, KWA HISANI YA JAMES HAMBLIN

Insiguro y'isanamu, Hamblin yakoze ubushakashatsi ku kwoza umubiri bumaze no gusohorwa mu gitabo

Muganga James Hamblin, ni umuhinga wo kurwanya indwara, akaba n'umwigisha kuri kaminuza ya Yale, ntabona igituma abantu bokwama boga buri mwanya.

Uyu muganga amaze imyaka itanu akora ubushakashatsi ku bijanye no kwinyukura ku mubiri akaba yiteze gusohora igitabu mu misi iri imbere.

"Jewe niyumva neza ni ukuri", uko niko muganga Hamblin yishuye abajijwe ingene yiyumva inyuma y'imyaka itanu amaze atoga.

Yabwiye BBC ati: "Uravamwo ukamenyera. Ni ibisanzwe".

Hamblin afise imyaka 37, akaba ari umwigisha kuri Kaminuza ya Yale mu gisata c'amagara y'abantu kandi akaba ari umuhinga wo kurwanya indwara.

Hamblin naho ahanura abantu gukaraba intoke n'isabuni kuko ari ngirakamaro, avuga yuko atari ngombwa gukaravya ibindi bice vy'umubiri kenshi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hamblin naho ahanura abantu gukaraba intoke n'isabuni kuko ari ngirakamaro, avuga yuko atari ngombwa gukaravya ibindi bice vy'umubiri kenshi

Ni umwe mu banditsi b'ikinyamakuru co muri Amerika -The Atlantic, ari naco yanditsemwo inkuru yise: "Narahevye kwoga, kandi ubuzima bwanje bwarabandanije neza".

Iyo nkuru yanditse mu 2016 ivuga iti: "Mu myaka yose tubaho kw'isi, tumara imyaka ibiri yose turiko turoga gusa. Iyumvire uwo mwanya wose, amafaranga hamwe n'amazi dutakaza".

Uno mwaka kandi, yongeye kwandika iyindi nkuru yise: "Uroga birenze urugero".

Hagati aho, ashimangira ko twokwama dukaraba intoke n'isabuni, ariko akavuga ko bidakenewe kwoga umwanya wose mu bindi bihimba vy'umubiri.

Iyo tutoga kenshi umubiri uragwirako udukoko tuzwi nka parasites, ariko siko twose tudukwegera ingorane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyo tutoga kenshi umubiri uragwirako udukoko tuzwi nka parasites, ariko siko twose tudukwegera ingorane

Yatanguye nk'ukugerageza kugira arabe ingene bigenda

Rero abajijwe icamutumye aheba kwoga, yabanje guhora hanyuma yishura ati:

"Mvugishije ukuri, ni birebire kandi vyosaba kwandika igitabo cose kugira ndabisigure. Ariko jewe nashatse kumenya ivyokurikira".

"Ndazi ko hari abantu boga gake cane kabaho. Nari nzi ko bishoboka, ariko nashatse kwigeragerezako jewe nyene kugira ngo ndabe ingaruba bishobora kungirira".

Niho mu mwaka wa 2015 yafata ingingo. None wabonye iki? Hari ingaruka wibonyeko?

Yishura ati: "N'ubu ni birebire. Uko umwanya ugenda, umubiri uramenyera gushika aho utakinuka cane n'aho utokoresha isabuni canke ibimoga".

"Ariko ikintu gikomeye ni ugutahura ko bifata umwanya muremure. Si ibintu bica biba ubwo nyene".

Imibiri yacu ifitanye isano rinini n'ubwirinzi bw'umubiri kuko ni ihuriro ry'ibiri imbere muri twebwe hamwe n'ibidukikije

Ahavuye isanamu, Empics

Insiguro y'isanamu, Imibiri yacu ifitanye isano rinini n'ubwirinzi bw'umubiri kuko ni ihuriro ry'ibiri imbere muri twebwe hamwe n'ibidukikije

Ashimangira ko ku ruhande rwiwe yagiye bukebuke. Yabanje kugabanya isabuni n'ibimoga yakoresha, hanyuma agabanya incuro yoga, kuko yahora yoga hafi imisi yose.

Ati: "Hari igihe numva ko nshatse kwoga kubera ntabiheruka kandi nkanuka cane. Ariko ivyo vyagiye bigabanuka cane rwose".

Inyuma y'imyaka ine iheze

Mu nkuru yiwe yo mu 2016, Hamblin yanditse ati: "Umunuko w'umubiri uterwa n'udukoko (bacteries) tuba ku mubiri wacu tukabeshwaho n'ukurya amavuta ava mu mubiri wacu kubera icuya".

kwoga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kwisiga amavuta ku mubiri no mu mushatsi imisi yose "hari ukuntu bihindura isano riri hagati y'aya mavuta ava mu mubiri wacu n'utu dukoko tubeshejweho nayo".

"Iyo woze ukinyukura cane, uba wononye imibereho yatwo, ibi bigatuma utu dukoko dushima kurya imikorobi ituma umubiri ugira akamoto".

Ariko haciye igihe utabikora, haragera igihe umubiri ukamenyera ntube ukinuka (...) Ntuba ukinuka nk'amazi mabi (...) usanga umota bisanzwe nk'umuntu".

Ariko mu kiganiro yatanze muri uno mwaka ku rubuga ngurukanabumenyi rwa kaminuza ya Yale, Hamblin asobanura ati: "Si ukuvuga ko ata kamoto nari mfise, ariko gusa utu dukoko turi ku mubiri wanje ntitugisohora akamoto kabi dusanzwe dusohora".

Mu kwa munani guheze, umunyamakuru wa BBC, Amy Barrett, yamubajije nimba ata mpungenge yari afise ko yashobora kuba "anuka", ariko abantu "bakamugumiriza akabanga" ntibabimubwire.

Yishuye ko yamaze igihe kirekire abaza "abagenzi, incuti n'abandi bantu yari azi ko bamugumiriza akabanga" kugira ngo arabe ko atohava aboneka ko ari we wenyene anuka.