Covid-19: Uganda yatumyeko incanco imiliyoni zibiri

Coronavirus Vaccine

Ahavuye isanamu, Reuters

Uganda yatumyeko incanco zirenga imiliyoni zibiri za covid mu gihe abandura iyo ngwara baguma bongerekana muri ico gihugu, ubu bakaba bashitse ku 25.000.

Inkuru ziva ku rubuga rwigenga zisubiramwo uwurongoye ibikorwa vy'amagara y'abantu muri Uganda,Henry Mwebesa, avuga ati:" Ubushikiranganji bwasavye incanco za covid-19 za AstraZeneca buciye mw'ishirahamwe Global Vaccine Alliance (GAVI), ico gikorwa kikaba giteye ku ntambwe ya nyuma."

Dr Mwebesa yongeyeko ati:"Uru n'urucanco (AstraZeneca) reta izi neza ko rwagenzuwe n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS riranarwemeza… Birahambaye kumenya ko incanco zonyene zemejwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu hamwe na WHO ari zo zonyene zoshobora guhabwa abanyagihugu ba Uganda."

Uganda yiteze kugabirwa incanco imiliyoni zibiri n'ishirahamwe GAVI mu ntango z'umwaka wa 2021 ariko "iriko iregeranya amahera yo kugura nyinshi z'abanyagihugu bose".

Igitigiri c'abandura ku musi kiguma ciyongera, mu gihe ico gihugu kiriko kiritegurira amatora rusangi azoba itariki 14 z'ukwezi kwa mbere mu 2021.

Bamwe mu banyepolitike baragirijwe ko banse gukurikiza amategeko yo kwikingira mu gihe c'imyiyamamazo.