Africa muri ino ndwi mu mafoto: 30 z'ukwa cumi - 5 z'ukwa cumi na rimwe 2020

Ihitamwo ry'amafoto meza yo muri ino ndwi ku mugabane no hanze yawo:

Umugabo ariko arasukura paruwasi ya Saint Paul de Grand Yoff i Dakar itariki 31 z'ukwa cumi 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu gihe amasengero yitegurira gusubira kwugurura muri Senegal nyuma yo kwugarwa mu kwirinda coronavirus, kuwa Mungu umukozi ariko arasukura isengero ku murwa mukuru Dakar
Abapolisi b'urwego rw'igipolisi ca Afrika y'epfo (SAPS) bariko barasesa amaritiro 2000 y'inzoga zidakurikije amategeko mu bikorwa bitandukanye, i Tshwane, itariki 30 z'ukwa cumi 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuwa gatanu, muri Afrika y'epfo abapolisi i Tshwane bariko baramena amaritiro 2000 y'inzoga batse abazifise ata ruhusha, bazimena mu muserege
Umunye Australiya akinira Toulouse yahuje ubwayi na Meafou (hagati) arwanira umupira mu gihe umunye Afrika y'epfo wa Stade Francais yahuje na Gerbrandt Grobler (ibubamfu) mu rukino rwa rugby rwo mw'ihiganwa French Top 14 hagati ya Stade Francais na Toulouse ku kibuga ca Jean-Bouin i Paris itariki 1 z'ukwa cumi na rimwe 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu rukino i Paris kuwa Mungu, umunye Afrika y'epfo Gerbarandt Grobler, yambaye ivy'irabura, arwanira umupira igihe Stade Francais yariko irakina na Toulouse i Paris.
Umuntu yicaye kw'ikamyo mu gihe abashigikiye umugambwe uri ku butegetsi Chama Cha Mapinduzi bigina intsinzi y'umukandida wabo mu matora y'umukuru w'igihugu i Zanzibar mu micungararo y'umuji wa Stone Town, itariki 30 z'ukwa cumi 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abashigikiye umugambwe uri ku butegetsi muri Tanzania, Chama Cha Mapunduzi, bahuriye hamwe kuwa gatanu baje kwigina intsinzi y'abakandida babo mu matora y'umukuru w'igihugu i Zanzibar, atumvikanyweko na bose…
Abasirikare ba Tanzaniya mw'ikarasisi mu muhango wo kurahiza umukuru w'igihugu wa Zanzibar ku kibuga ca Amani i Amaani, Zanzibar, itariki 02 z'ukwa cumi na rimwe 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …nyuma y'iminsi itatu kwigina vyabaye ivy'icese, mu muhango wo kurahiza umukuru w'igihugu mushasha wa Zanzibar, Hussein Mwinyi.
Umugore ariko aradandaza ibivyera itariki 30 z'ukwa cumi, 2020 ku soko nkuru ya Adjame, buca haba amatora y'umukuru w'igihugu wa Cote d'Ivoire.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imvura nyinshi kuwa gatanu ntiyabujije uyu mudandaza w'ibifyera kubandanya akora, kw'isoko rya Adjamé mu muji mukuru wa Cote d'Ivoire, Abidjan…
Umudandaza wo mw'ibarabara aciye imbere y'umurongo w'abaje gutora imbere b'ibiro vy'amatora i Abobo, umuhana w'i Abidjan, itariki 31 z'ukwa cumi 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …umunsi ukurikira, mu kindi gice c'umuji abantu baratonze kugira batore mu matora y'umukuru w'igihugu…
Umuntu ariko aratora ku biro vy'amatora i Abobo, umuhana wo muri Abidjan, itariki 31 z'ukwa cumi 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …kwitabira amatora biri ku rugero rwa 54% mu matora abatavuga rumwe na leta banse kwitabira…
Ivorian anti-riot police prepare to disperse opposition supporters in Blockhauss, Abidjan, on October 31, 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …kuri uwo munsi nyene abapolisi bakumira imyigaragamvyo bagiye mu mabarabara ya Abidjan ngo bashwiragize abatavuga rumwe na leta…
Umugabo ariko araririra mu nzu yiwe yasambuwe i Toumodi, hagati muri Cote d'Ivoire, itariki 3 z'ukwa cumi na rimwe 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …hanyuma kuwa kabiri, amazu yarasambuwe mu migumuko hagati y'ababa mu mihana yegeranye ishigikiye abanyepolitike batandukanye i Toumodi, hagati muri Cote d'Ivoire…
Umuntu atwaye ikinga ariko arasoma icapa kw'ikamyo yaturiwe gihamgarira abantu guhagarika ubugizi bwa nabi kw'isoko rya Toumodi itariki 4 z'ukwa cumi na rimwe 2020.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …umunsi ukurikira umufotozi yafashe icapa kiri kw'ikamyo yahiye gihamagarira guhagarika ubwicanyi.