Ingaruka z'ukwidohora kwa America muri Africa

Donald Trump speaks with African flags in the background

Ahavuye isanamu, Getty Images

John Stremlau, umwigisha wa kaminuza mu bijanye n'imigenderanire mpuzamakungu kuri kaminuza ya Witwatersrand muri Afrika y'Epfo avuga ati: "Donald Trump yarirengagije cane Afrika, ntabwo arigera agendera uyu mugabane kandi n'aho yoramuka atorewe ikindi kiringo sinibaza ko yohava agendera uyu mugabane."

Abaperezida bompi bamuboneye izuba, Barack Obama na George W Bush, baragendeye Afrika mu biringo vyabo vya mbere, ariko Trump nta mwanya arashobora gufata mu bikorwa vyiwe.

Umwigisha Stremlau avuga ati: "Abona ko atari ikintu comuraza ishinga".

Ku bantu benshi, iyi ngendo ya Trump yerekana uko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zibona Afrika ku butegetsi bwiwe.

Ubudandaji hagati ya Amerika na Afrika bwarasubiye inyuma bikomeye mu kiringo c'imyaka mike iheze, n'aho bigaragara ko ubutunzi bw'ibihugu biri munsi y'ubugaragwa bwa Sahara buri muri bwinshi butera imbere ku muvuduko udasanzwe kw'isi.

Hagati aho, aka karere ntikacitaweho na Amerika.

Amerika iraboneka ko yirabiye hirya haba mu bibazo bijanye n'intererano mu vy'amagara y'abantu, ubudandaji eka mbere n'imigenderanire.

Mu gihe Afrika iriko yibaza ingaruka ya politike ya Trump kuri Afrika, hamwe n'igishobora gukurikira inyuma y'amatora yo mu kwa cumi na rimwe, kimwe mu bimenyetso bikomeye vyerekana ko uruhara rwa Amerika rwahindutse ni ingene ubutegetsi bwiwe bwagiye guhagarika imfashanyo ya Amerika kuri Afrika mu bijanye n'amagara y'abantu.

'Sinshobora kuronka imiti yo kwirinda imbanyi ntipfuza'

Umaze kugenda amasaha abiri uva ku mugwa mukuru wa Lesotho, Maseru, niho ushobora kubona ingaruka z'izi ngingo.

Naho iki gihugu ari kimwe mu bihugu vya Afrika vyakozweko na politike ya Amerika, ibiba hano birerekana neza ingene politike ya Washington (umugwa mukuru wa Amerika) ifise ingaruka ku mugabane wose muri rusangi.

Umutumba wa Ha Mojela uzungurutswe n'imisozi, ukarangwamwo utuzu tw'ivyondo, ivuriro rimwe gusa riharangwa ryarugawe.

Ubona amarembo yugawe, amagufuri nayo yuzuye ingese, hamwe n'igikarato c'udukingirizo kiri gusa. Abagore baho ntibagira ayo bacira n'ayo bamira.

Iri vuriro ryarugawe kubera Amerika yahagaritse imfashanyo
Insiguro y'isanamu, Iri vuriro ryarugawe kubera Amerika yahagaritse imfashanyo

Malerato Nyai w'imyaka 36 y'amavuko, umugore ananutse w'agasoni, amwenyura afise n'ishavu avuga ati: "Nahora nama nza kuri rino vuriro uko amezi atatu aheze nje kurondera imiti yo kwikingira imbanyi ntashaka ariko ubu vyabaye ngombwa ko nza ndayigurira kubera ko ivuriro ryahora rimfasha ryugawe. Nta buryo mfise bwo kwama ndayigura buri kwezi kandi mfise ubwoba ko nzoruhira gusama".

Amajambo yiwe niyo avugwa n'ababanyi biwe batari bake. Umwe muri bo avuga ko afise ubwoba ko umuyabaga wiwe w'umukobwa ashobora gusama kubera ubukene bw'imiti yo kwirinda imbanyi.

Malerato Nyai
Insiguro y'isanamu, Malerato Nyai avuga ko ata buryo afise bwo kugura imiti yo kwirinda gusama imbanyi atipfuza akaba afise ubwoba ko impera n'imperuka azoruhira gusama

Politike ya Amerika yo guhagarika imfashanyo zahabwa amashirahamwe afasha muvyo gukoroza inda no kwigisha abantu ibijanye n'irondoka rijanye n'amagara meza yatumye abenshi basama imbanyi batipfuza.

Iyi politike, yatanguye ubwa mbere mu 1984 ikama ija mu ngiro igihe cose Amerika irongowe n'umukuru w'igihugu w'umu Repubulika, yasubiriye kuvyurwa mu 2017 na Perezida Donald Trump.

Ibi bivuga ko ingingo ifashwe na Washington igira ngaruka mbi cane ku bakenyezi ku mugabane wa Afrika basanzwe baba mu bihugu bibeshejweho ahanini n'imfashanyo iva hanze.

Tlali Matela wo mw'ishirahamwe Lesotho Planned Parenthood Association rifasha abantu mu bijanye no kuvyara ku rugero muri Lesotho, avuga ati: "Vyabaye ngombwa ko duheba uburere bugoye gushikamwo twahora dufasha kandi ingaruka ni mbi cane kuko hari ibitigiri binini cane vy'abasamye imbanyi batipfuza mu bakobwa n'abagore bakiri bato".

Tlali Matela, wo mw'ishirahamwe Lesotho Planned Parenthood Association, afasha abanyagihugu mu mugambi wo kurondoka ku rugero muri Lesotho
Insiguro y'isanamu, Tlali Matela, wo mw'ishirahamwe Lesotho Planned Parenthood Association, afasha abanyagihugu mu mugambi wo kurondoka ku rugero muri Lesotho

Ariko rero, ntabwo ingaruka ku bantu zigarukira ku bijanye n'ukubura uburyo bwo kuvyara ku rugero gusa mu bihugu bitari bike vya Afrika. Gutakaza imfashanyo ya Amerika vyaragize ingaruka no mu bindi bisata nko mu bijanye n'ugupima umugera wa SIDA hamwe no kuvura indwara ya kanseri yo mu gitereko.

Tlali Matela ati: "Igihe Amerika ihagarikiye imfashanyo, ni ukuvuga ko abantu twahora dufasha twaciye tubaheba...eka n'abarwaye umugera wa SIDA ntibabaye bakironswa ivya nkenerwa vyose".

Ingaruka za politike y'ubutegetsi bwa Trump yo guhagarika imfashanyo zibonekeje mu gice ca Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara gusumba ubundi burere bwose kw'isi kubera aka karere ariko karangwamwo ibitigiri binini vy'abanduye umugera wa SIDA, mu gihe uwu mugera uri kw'isonga mu ndwara zihitana abantu muri kano karere.

Impinduka muri politike y'ubudandaji

Ibibazo ntibiri mu gisata c'amagara y'abantu conyene. Imigenderanire y'ubucuruzi hagati ya Amerika na Afrika yarasubiye inyuma.

Hari ubwoba ko amasezerano yo kworohereza ibihugu vya Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara azwi nka Africa Growth and Opportunity Act, AGOA mu mpfunyapfunyo, ashobora kutabandanya inyuma ya 2025.

Aya masezerano amaze imyaka 20 yaha uburenganzira budasanzwe ibihugu hafi 40 vya Afrika gushorera ku masoko ya Amerika.

AGOA yarafashije kuvyura igisata co guhingura impuzu muri Lesotho gisanzwe carahaye akazi abantu barenga 46.000, abenshi muri bo bakaba ari abagore.

Hari abantu ibihumbi n'ibihumbi babeshejweho n'amasezerano y'ubudandaji hagati ya Amerika na Afrika
Insiguro y'isanamu, Hari abantu ibihumbi n'ibihumbi babeshejweho n'amasezerano y'ubudandaji hagati ya Amerika na Afrika

Mu gihe aya masezerano y'ubucuruzi yohagarara, abantu ibihumbi n'ibihumbi botakaza akazi kabo.

David Chen, umunya Taiwani afise ihinguriro ry'impuzu muri Lesotho akaba akoresha abakozi 1600 avuga ati: "Kizoba ikibazo gikomeye kuri twese. Ndibaza ko amasezerano ya AGOA azobandanya kuko mu gihe yohagarara bisigura ko tuzoca twugara kandi twese tugatakaza akazi".

Bwana Chen adandaza muri Amerika imyambaro yo mu mikino ngororamubiri.

Igisata co guhingura impuzu nico gisata gikomeye kiri mu minwe y'abikorera utwabo.

Bakora amasaha menshi kandi abakozi b'abagore nibo bakora cane, aho basohora ibihumbi n'ibihumbi vy'impuzu buri munsi. N'aho agahembo ari gato cane, abantu baharurwa mu bihumbi amajana babeshejweho n'iki gisata.

David Chen ati: " Bizoba bibi cane kuri twese"
Insiguro y'isanamu, David Chen ati: " Bizoba bibi cane kuri twese"

Kuba Perezida Trump atarajwe ishinga na Afrika

Mu bihugu bitari bike vya Afrika, Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntizikiri umunyamitahe wo guhurumbira. Ibi vyahaye akaryo Ubuhindi, Turukiya, Uburusiya n'Ubushinwa kwongereza akariro mu bijanye n'imigenderanire, ubudandaji n'imitahe.

Ibikorwa bitari bike vy'iterambere birangurwa n'amakompanyi y'Ubushinwa. Vyinshi muri vyo bikaba bihabwa amafaranga na leta ya Pekin/Beijing (umugwa mukuru w'u Bushinwa).

Ubushinwa buriko burubaka amabarabara, ibivuko n'ibibuga vy'indege hose muri Afrika, ibi bikabufasha gushinga imizi kuri uyu mugabane. Aha Ubushinwa buhungukira mu bijanye n'umutungo kama, ubucuti, kugira uruhara muri politike n'ubutunzi muri ibi bihugu.

Mu gihe abenshi bishimira iyi migenderanire y'Ubushinwa na Afrika, aho bavuga ko ari "inyungu ku mpande zompi", hari bamwe bagabisha ko Pekin yoba iriko igerageza gusubira gukoloniza uyu mugabane.

Lesotho irabeshejweho ku rugero runini cane n'urudandaza ikorana na Amerika
Insiguro y'isanamu, Lesotho irabeshejweho ku rugero runini cane n'urudandaza ikorana na Amerika

Imigenderanire hagati y'Ubushinwa na Afrika

Ubushinwa bwagize uruhara rukomeye muri Afrika imbere y'uko Perezida Trump ashika ku butegetsi. Ariko mu gihe c'ubutegetsi bwiwe, Pekin yarongereje inguvu.

Muri iki kiyaya kibereye ijisho ca Qacha's Nek, Lesotho, ku birometero bike uvuye ku rubibe ihana na Afrika y'Epfo, hari ibarabara ririko rirubakwa hakaba haciye umwaka ritanguye. Ni umugambi uriko urarangurwa ku ngurane y'ibanki Exim yo mu Bushinwa.

Iri barabara ry'uburebure bungana na kilometero 91 rizotwara imiliyoni 128 z'amadorari y'abanyamerika, muri ayo leta y'Ubushinwa yatanze imiliyoni 100.

Iri barabara riva mu karere kitwa Mpiti rigashika mu karere ka Sehlabathebe rizotuma vyoroha gushika mu burere bwahora bugoye gushikamwo, aho rizogabanya urugendo hagati y'ubwo burere kuva ku masaha ane gushika kuri abiri gusa.

Teboho Mokhoane wo mu gisata gikora amabarabara avuga ati: "Iri barabara rizotuma igisata c'ingenzi gitera imbere kubera rifatanya ishamba ry'ibikoko (park national) rya Sehlabathebe, umutungo ndangamurage wonyene wa Lesotho".

Ubushinwa buriko burashinga imizi bwubaka n'amabarabara, ibivuko n'ibibuga vy'indege hose muri Afrika
Insiguro y'isanamu, Ubushinwa buriko burashinga imizi bwubaka n'amabarabara, ibivuko n'ibibuga vy'indege hose muri Afrika

Intambara y'ubucuruzi hagati ya Washington na Pekin yaribonekeje neza.

Hasigaye kubona ingene iyi ntambara ikomeye izorangira. Mu gihe intumbero ya Perezida Trump ari "ugukomeza Amerika", ubutegetsi bwiwe bwarirengagije ku rugero runini imigenderanire n'akarere kamwe mu burere butera buduga kw'isi.

Igisigaye ni ukuraba ico ibizova mu matora yimirije muri Amerika bizoba bisigura.