Ubushinwa mu myimenyerezo ya gisirikare igihe intumwa ya US iri muri Taiwan

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubushinwa buvuga ko buri mu myimenyerezo ya gisirikare hafi y'umuhora wa Taiwan mu ntumbero yo "gukingira ubusugire bwabwo" mu gihe intumwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika iri mu rugendo muri Taiwan.
Iyi myimenyerezo ibaye mu gihe icuka kibi kibandanya ciyongera hagati ya Amerika n'Ubushinwa, Amerika nayo ikabandanya ishimangira ko ifashe mu mugongo iri zinga.
Ubushinwa bufata iri zinga rya Taiwan nk'intara yabwo yiyonkoye.
Keith Krach niwe mu tegetsi mukuru w'ubunyamabanga bujejwe imigenderanire bwa Amerika agendeye iri zinga inyuma y'imyaka itari mike.
Kuri uyu wa gatanu, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bw'Ubushinwa, Ren Guoqiang, yagirije Amerika na Taiwan ko "biriko vyongereza inguvu mu gukorana, ibituma haduka imvururu", n'aho ataco yigeze avuga kuri urwo rugendo.
Yabwiye abanyamakuru ko "gukoresha Taiwan mu gushaka kugenzura Ubushinwa" canke kugerageza "kwisunga abanyamahanga mu kwiyubaka" ari vyo biri mu mitwe yabo.
Ati: "Abakina n'umuriro uzobaturira".
Bwana Ren nta nsiguro yatanze kuri iyi myimenyerezo ya gisirikare, ariko avuga ko ari "uburenganzira bwabo kandi ari nkenerwa ku gihugu mu gukingira ubusugire bwaco".
Ibaye kandi inyuma y'iyindi ikomeye yamaze iminsi ibiri ku nkengera z'ubumanuko bushira uburengero bwa Taiwan mu ndwi iheze.
Amerika ivuga ko Krachm, icegera c'umunyamabanga wa Leta wa Amerika ajejwe ibibazo vy'ubutunzi, ari muri urwo rugendo muri Taiwan mu ntumbero yo kwibuka uwahoze arongoye iri zinga Lee Teng-hui ejo ku wa gatandatu.
Mu masaha yo ku mugoroba, bitegekanijwe ko abonana n'umukuru w'iri zinga, Tsai Ing-wen aho baza gusangirira hamwe imfungurwa zo ku mugoroba ku cicaro ciwe.
Uru rugendo rubaye mu gihe imigenderanire hagati ya Amerika n'Ubushinwa yasubiye hasi cane.
Ibi bihugu bisanzwe birabana urunuka bipfa ubucuruzi kuva mu 2018, bikaba vyarateranye amajambo ku kibazo c'ikiza karanda ca coronavirus, biranagirizanya ko biriko bisumana urusaku, aho mbere Amerika yahagaritse abikekwa ko ari ba maneko b'Ubushinwa mu mezi aheze.
Iki cuka kibi caragize ingaruka mbi ku bindi bisata, kikaba caratumye mbere Amerika ifatira ingingo amakompanyi y'Ubushinwa inahagarika impusha (visas) z'abanyeshure b'abashinwa.
N'aho Amerika ata migenderanire isanzwe ifitaniye na Taiwan, itegeko ryo mu 1979 ryerekeye Taiwan ryemerera Amerika gushora ibirwanisho muri iri zinga, mbere no "kwunga ubucuti bwa hafi"
Igihe umutegetsi wa leta ya Amerika yabonana na Perezida Tsai i Taipei mu kwezi guheze, Ubushinwa bwishuranye uburakari bwinshi.
Ico gihe umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubushinwa yavuze ati:
"Turasavye dushimitse Amerika….ko itohirahira ngo yerekane ibimenyetso bitari vyo ku bijanye 'n'ubwigenge bwa Taiwan' kugira ngo yirinde gutosekaza bikomeye imigenderanire hagati y'Ubushinwa na Amerika".










