Nigeria: UN iriyamiriza itegeko ryo gushahura abafata abana ku nguvu

Bachelet

Ahavuye isanamu, EPA

Umukuru w'umurwi ujejwe uburenganzira bwa kiremwa muntu mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Michelle Bachelet, ariyamiriza itegeko riherutse kwemezwa muri leta ya Kaduna ritegekanya ibihano ruhasha ku bafata abana ku nguvu.

Iri tegeko rivuga ko umuntu w'igitsinagabo akuze azokwagirwa n'icaha co gufata ku nguvu umwana ari munsi y'imyaka 14 azoshahurwa mbere anahabwe igihano c'urupfu.

Umuntu w'igitsinagore akuze azokwagirwa n'icaha co gufata ku nguvu umwana azocibwa uturingoti dutwara intanga-ngore (trompes de Fallope) mbere ahabwe igihano c'urupfu.

Mw'itangazo yasohoye avuga ati: "Ibihano nk'ibi vyo gushahura hamwe no gukata uturingoti dutwara intanga-ngore ntibizoshobora gukuraho inzitizi zose zituma abantu bataronka ubutungane, kandi nta n'uko bizokuraho ico caha".

Yongerako kandi ati: "Gushahura no gukata uturingoti dutwara intanga-ngore bihonyanga amategeko mpuzamakungu ajejwe agateka ka zina muntu abuza iyicarubozo canke n'ubundi bwoko bw'ibihano buhohotera kiremwamuntu".

Amezi makeya aheze yaranzwe n'imyidogo myinshi y'abanyagihugu bidoga ko abenshi mu bafata abana ku nguvu batabihanirwa muri Nijeriya.

Kaduna ni yo leta yonyene yo muri Nijeriya yafashe itegeko nk'iri ryerekeye uguhana abafata abana ku nguvu.