Igipolisi ca Namibia cahagaritse imyiyerekano yo kwiyamiriza ihohotera ry’abagore

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igipolisi mku mugwa mukuru wa Namibia, Windhoek, cateye vya vyuka bikoroza amosozi n'amasasu ya plastiki ku bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ihohotera rikorerwa abagore.
Iki gihugu kiri mu bihugu bifise ibitigiri binini kw'isi vy'abagore bafatwa ku nguvu, mu gihe ku mugwa mukuru Windhoek haharurwa abagore barenga 200 bahohoterwa mu ngo buri kwezi.
Imyiyerekano y'urutavanako yatanguye ku wa kane mw'isekeza ryakorewe ku mbuga hwaniro risaba Perezida Hage Geingob ko yofata amategeko adasanzwe kubera ihohoterwa rishingiye ku gitsina.
Ejo k uwa gatandatu, abagore amajana n'amajana barihaye ibarabara bagana kuri kimwe mu bigo vy'ubudandaji bikomeye i Windhoek, ariko iyi myiyerekano ikaba yarasambuye n'igipolisi.
Hari abatari bake bahagaritswe mu gihe bamwe mu bari muri iyi myiyerekano bavuga ko bahohotewe n'abapolisi.
Imbere y'aho, umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Namibia, Monica Kalondo, yari yashigikiye iyi myiyerekano.
Eka no mu bindi bisagara imyiyyerekano nk'iyi yarabaye.






