Donald Trump aranegurwa ku ngingo yo kuva mu bitaro aja kuramutsa abantu

Abahinga mu vyo ubuvuzi baranegura ingingo ya Donald Trump yo gusohoka akava mu bitaro mu rugendo ruto agiye kuramutsa abanywanyi biwe mu gihe akiriko aravurwa Covid-19.
Hari amakenga ko uyu mukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko, n'aho yari yambaye agapfukamunwa, ashobora kuba yataye mu kaga abakozi biwe bari kumwe mu modoka.
Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu White House/Maison Blanche, Judd Deere, avuga ko "abaganga bari bamenyesheje ko ata ngorane uru rugendo rwiwe ruteye".
Hagati aho, ibibazo ni vyinshi ku kungene amagara ya Bwana Trump yifashe inyuma y'amajambo atandukanye yamuvuzweko mu mpera z'indwi iheze.
Mu kiganiro yagiranye n'imboneshakure yo muri Amerika, Fox News, umukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu Mark Meadows avuga ko abaganga biteze gufata ingingo uno munsi mu masaha ari imbere nimba Perezida Trump ashobora kuva mu bitaro Walter Reed ariko aravurirwamwo hafi ya Washington.
Bwana Meadows avuga ko yari vuganye na Trump kandi ko amagara yiwe atari yifashe nabi. Yatwawe mu bitaro ku wa gatanu ku mugoroba, haciye amasaha make amenyesheje ko yanduye umugera wa coronavirus.
Indwara yiwe yataye mu kaga ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza, mu gihe yiteze guhangana n'umukeba wiwe wo mu mugambwe w'Abaharanira Demokarasi, Joe Biden, mu matora ategekanijwe ku wa 03 z'ukwa cumi na rimwe.
Hari abegereye Perezida Trump, harimwo n'umugore wiwe Melania, abafasha bakuru ndetse n'abakenguzamateka b'aba Repubulika, bapimwe bagasanga baranduye uwu mugera.
Aciye ku rubugua rwiwe rwa Twitter, umugore wiwe aho ari ukwiwe muri Maison Blanche, yanditse ati: "Ndiko ndatora mitende, nzobandanya kuruhukira muhira".
Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abantu hafi imiliyoni 7.4 nibo bamaze kwandura Covid-19, mu gihe hafi 210.000 nabo bamaze kuhasiga ubuzima, nk'uko vyerekanwa n'ishure kaminuza Johns Hopkins isanzwe ikurikiranira hagufi ibijanye n'iki kiza karanda.
Abahinga bavuga ko uru rugendo ruto yagize hanze y'ibitaro rwahonyanze amategeko ajanye n'ingingo za guma mu rugo mu gihe ariko aravurwa uwu mugera, kandi ko afise kuba yashize abakozi biwe mu ngorane zo gushobora kwandura.
Muganga James Philips asanzwe akora muri ivyo bitaro Perezida Trump ariko aravurirwamwo yanditse kuri Twitter ati: "Iyo SUV ya Perezida ntabwo irinda amasasu gusa, ahubwo irinda n'ibitero vy'ubumara. Urugero rwo kwandura Covid-19 imbere mu modoka ni runini cane co kimwe n'uko yoba ari hanze y'ibigo vy'ivuriro".
"Abo bari kumwe mu modoka ni ngombwa ko bashirwa ukwabo mu kiringo c'imini 14".
Abo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi nabo nyene baneguye uru rugendo, aho umwe mu bashingamateka Hakeem Jeffries yanditse kuri Twitter ati: "Dukeneye ubutegetsi. Ntidukeneye abaja kwifotoza".
Ariko Judd Deere yashigikiye ingingo ya Bwana Trump, avuga ko "ingingo zikenewe zose zari zafashwe muri ico gikorwa kugira ngo bakingire umukuri w'igihugu hamwe n'abo bari kumwe bose".
Ku rundi ruhande, imboneshakure NBC yo muri Amerika ivuga ko Melania Trump asanzwe ari muri guma mu rugo muri Maison Blanche akaba afise ibimenyetso bito, kandi ko yahisemwo kwirinda kuja kuraba umugabo wiwe mu bitaro kugira ngo ntahave yandukiza abakozi.
Ku wa gatandatu, umwe mu bategetsi atashatse ko izina ryiwe ritangazwa yabwiye NBC ati: "Afise Covid, ibi vyoshira mu kaga abakozi bomutwara hamwe n'abaganga bomujana aho umugabo wiwe arwariye".
Hari amakenga kuri ibi vyavuzwe n'abaganga mu ntango, ko Donald Trump ashobora kuva mu bitaro uno munsi ku wa mbere.










