Burundi: CNL ntishimishwa n'ivyo Perezida Ndayishimiye avuga ku bantu bayo bafatwa mu gihugu

Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ata murwi wateye igihugu
Insiguro y'isanamu, Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ata murwi wateye igihugu

Umugambwe CNL uvuga ko inyishu yatanzwe n'umukuru w'igihugu ku banywanyi bawo bafatwa irya n'ino mu gihugu idashimishije, ukavuga ko bafatwa ataco bagirizwa ku mvo za politike.

Térence Manirambona avugira uwu mugambwe avuga ko muri kino gihe, hagize akantu kose kabaye abanywanyi b'umugambwe CNL baca batangura gufatwa, kandi ko iki ataco yigeze akivugako.

Bwana Manirambona avuga ko, hampande y'abantu babo barenga 50 bamaze gufatwa, n'abandi babandanya bafatwa mu ntara zimwe zimwe nka za Gitega, Muramvya na Mwaro, kandi bakabazwa ibijanye n'iyi mirwi y'inyeshamba zateye igihugu batazi, mu gihe kandi n'umukuru w'igihugu avuga ko ata murwi wateye igihugu.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru n'abanyagihugu ejo ku wa gatanu, umukuru w'igihugu yabajijwe ku bantu bafatwa abenshi muri bo bakaba ari abanywanyi b'umugambwe CNL, inyuma y'aho hari abantu bavugiye ko bateye igihugu, umuhari RED Taraba ukaba ari wo wabiyitiriye.

Mu nyishu yatanze, Perezida Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ata murwi wateye igihugu, ko ahubwo ari abasuma, abicanyi, inkozi z'ikibi, kandi ko ari uburenganzira bwa leta kurondera ababikora.

Avuga ko abafatwa bafatwa ku mvo z'amatohoza, akavuga ko ari uburenganzira bwa leta bwo kubaza abo yiketse ko hari ico babiziko, kugira ngo "bumve ko mwafashanije canke kugira ngo tumenye irengero ryabo".

Ati: "Rero, iyo leta iriko irakora amatohoza ku kintu, ntushobora kuvuga ngo naka yafashwe, ahubwo uvuga uti reka turabe ico yagirizwa".

Nayo kubona umuhari RED-Tabara ubiyitirira, Perezida Ndayishimiye avuga ko ari mu ntumbero yo kubatera intege kugira bumve ko bafise inguvu.

Avuga kandi ko ibi biri mu kageso k'abanyapolitike ko kwama biyitirira inkozi z'ikibi.

Avugana na BBC, Bwana Manirambona atangazwa n'uko umukuru w'igihugu yishuye avuga ko ata murwi uhari wateye igihugu, ariko abanywanyi ba CNL bafatwa babazwa "ivy'abaroberi".

Bwana Manirambona ati: "Biragaragara ko ari politike! Wombwira gute ko igihugu cose aba CNL bariko barafatwa?"

"Uno munsi mu gihugu gifise imigambwe 34, wombwira gute ko akantu kose gakomye mu Burundi, umuntu wa mbere wo kubaza ari umu CNL?"

Aremera ko hatabuze abanywanyi b'umugambwe CNL bashobora kugwa mu makosa nk'abandi bantu bose, ariko avuga ko gushika ubu abanywanyi b'uyu mugambwe bafatwa ata mvo n'imwe igaragara.

Ati: "Abantu ni abantu, ni ibisanzwe ko umuntu apfa ikintu n'uwundi, ariko ivyo tubona ubu, nta makosa agaragara".

Umugambwe CNL kandi ntutahura ingene hari abiyitirira abo bantu, ariko hakaza gufatwa abanywanyi bawo, aha ni mu gihe umuhari RED -Tabara uherutse kuvuga ko ari wo ubazwa uyo murwi.

Bwana Manirambona avuga ko CNL ari umugambwe wemewe n'amategeko, kandi ukorera ibikorwa vyawo ku mugaragaro bisunze amategeko, ariko ugasanga abanywanyi bawo barafashwe ataco babahora, babahora gusa ko ari abanywanyi ba CNL.

Ati: "Hariho abatagira n'ababagiriza, ugasanga bamaze indwi zibiri canke zirenga ata n'umwe arashobora kumwagiriza ikosa kanaka, ntibanarengutswe imbere y'ubutungane ngo bamenye ico bagirizwa, abandi nabo bakagirizwa ibintu bitagira ifatiro".

"Nk'ukubona bafata umuntu bamwagiriza ngo wewe uririmbira umugambwe, none tuvuze ko yafashwe kubera ari uwacu wumva tuba twihenze, mu gihe tuzi ko kuririmbira umugambwe atari ikosa?".

Bwana Manirambona avuga ko hari n'abafatwa ata kintu na kimwe bafise bamwagiriza bakaza kurondera ivyo bamwagiriza mu nyuma.

Ati: "Dufise benshi bavundiye mu busho, bafashwe ataco bagirizwa mugabo mu nyuma bakarondera ivyo bapfundapfundika".

Terence Manirambona avuga ko hari n'abantu babo bejejwe n'ubutungane ariko ntibaheza ngo barekurwe.

Bwana Manirambona abona ko ibiriko biraba ku banywanyi babo bifise intumbero yo gucuvya umugambwe wabo kubera ijunja ufise mu gihugu, mu gihe "n'umukuru w'igihugu yavuze ko atipfuza kubona imigambwe itavuga rumwe na leta".