Amatora ya USA mu 2020: Ni nde ari imbere - Trump canke Biden?

Joe Biden na Donald Trump

Abatora muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika biteze gufata ingingo ku wa 03 z'ukwa cumi na rimwe nimba Donald Trump ashobora kubandanya arongora igihugu mu kindi kiringo c'imyaka ine.

Uyu muperezida akomoka mu mugambwe w'aba Repubulika ahanganye n'uwitoza ku giti c'umugambwe uharanira Demokarasi (Democratic Party) Joe Biden, azwi cane ko yari icegera ca Perezida Barack Obama, ariko kandi akaba ari muri politike ya Amerika kuva mu myaka ya 1970.

Mu gihe umunsi w'amatora utera wegereza, ibigo bikurikirana amatora bibandanya birondera kumenya ingene ibintu bimeze mu gihugu mu kubaza abatora uwo bipfuza guha amajwi.

Tuzobandanya dukurikirana ibizova mu majwi ngereranyo kandi tugerageze kurabira hamwe ivyo ashobora n'ivyo adashobora kutwereka ku bijanye n'uwushobora gutsinda aya matora.

Section divider

Biden niwe aza imbere ku rwego rw'igihugu

Amajwi ngereranyo ku rwego rw'igihugu ni inzira nziza yerekana ukungene uwuhiganwa akunzwe mu gihugu cose muri rusangi, ariko ntibivuga ko ari yo nzira yo kwerekana ibizova mu matora.

Nk'akarorero, mu 2016 amajwi ngereranyo yashira Hillary Clinton imbere, kandi mu matora yarasumbije Donald Trump amajwi hafi imiliyoni zitatu, ariko yaratsinzwe - ibi bikaba ari ukubera umukuru w'igihugu atorwa n'intumwa zitora (college electoral), vyumvikana ko gusumvya amajwi uwo muhiganwa bidasigura ko uba utsinze amatora.

Muri kino gihe, Joe Biden ari imbere ya Donald Trump mu majwi ngereranyo ku rwego rw'igihugu kuva mu ntango z'uno mwaka. Kuva mu mezi aheze, yashikanye ibice 50%, rimwe rimwe akaba yagiye asumvya uwo bahiganwa ku bice 10.

Ninde ari imbere mu majwi?

News image

ABADEMOKARATE

BIDEN

52%

News image

ABAREPUBLIKANI

TRUMP

44%

Ingereranyo y'uko baza gutora ufatiye ku majwi y'umuntu umwe

Itariki
BIDEN
TRUMP
Nov 02 52 44
Nov 02 52 44
Nov 02 52 44
Nov 02 52 44
Nov 01 52 44
Nov 01 52 44
Nov 01 52 44
Nov 01 52 44
Nov 01 52 44
Nov 01 52 44
Oct 31 52 44
Oct 31 52 44
Oct 31 52 44
Oct 31 52 44
Oct 31 52 44
Oct 30 52 43
Oct 30 52 43
Oct 29 52 43
Oct 29 52 43
Oct 29 52 43
Oct 29 52 43
Oct 28 52 43
Oct 28 52 43
Oct 28 52 43
Oct 28 52 43
Oct 28 52 43
Oct 27 51 42
Oct 27 51 42
Oct 27 51 42
Oct 27 51 42
Oct 27 51 42
Oct 27 51 42
Oct 26 51 43
Oct 26 51 43
Oct 26 51 43
Oct 26 51 43
Oct 26 51 43
Oct 25 51 42
Oct 25 51 42
Oct 25 51 42
Oct 24 51 43
Oct 24 51 43
Oct 24 51 43
Oct 24 51 43
Oct 23 51 42
Oct 23 51 42
Oct 22 51 43
Oct 22 51 43
Oct 21 51 43
Oct 21 51 43
Oct 20 51 43
Oct 20 51 43
Oct 20 51 43
Oct 20 51 43
Oct 20 51 43
Oct 19 52 42
Oct 19 52 42
Oct 19 52 42
Oct 19 52 42
Oct 18 52 42
Oct 18 52 42
Oct 18 52 42
Oct 18 52 42
Oct 17 52 42
Oct 17 52 42
Oct 17 52 42
Oct 16 52 42
Oct 16 52 42
Oct 15 52 42
Oct 15 52 42
Oct 15 52 42
Oct 14 52 42
Oct 14 52 42
Oct 13 53 42
Oct 13 53 42
Oct 13 53 42
Oct 13 53 42
Oct 13 53 42
Oct 13 53 42
Oct 13 53 42
Oct 12 52 42
Oct 12 52 42
Oct 12 52 42
Oct 12 52 42
Oct 11 53 42
Oct 11 53 42
Oct 10 52 42
Oct 10 52 42
Oct 09 52 42
Oct 09 52 42
Oct 08 52 42
Oct 07 52 42
Oct 06 52 42
Oct 06 52 42
Oct 06 52 42
Oct 06 52 42
Oct 06 52 42
Oct 06 52 42
Oct 05 51 42
Oct 04 51 42
Oct 04 51 42
Oct 04 51 42
Oct 04 51 42
Oct 03 51 43
Oct 03 51 43
Oct 02 51 42
Oct 01 51 43
Oct 01 51 43
Oct 01 51 43
Oct 01 51 43
Sep 30 51 43
Sep 30 51 43
Sep 30 51 43
Sep 29 51 43
Sep 29 51 43
Sep 29 51 43
Sep 28 50 43
Sep 27 50 43
Sep 27 50 43
Sep 26 50 43
Sep 25 50 43
Sep 25 50 43
Sep 24 50 43
Sep 24 50 43
Sep 24 50 43
Sep 23 51 43
Sep 23 51 43
Sep 22 51 43
Sep 22 51 43
Sep 22 51 43
Sep 22 51 43
Sep 21 51 43
Sep 21 51 43
Sep 21 51 43
Sep 20 51 43
Sep 20 51 43
Sep 19 51 43
Sep 19 51 43
Sep 19 51 43
Sep 18 50 43
Sep 17 51 43
Sep 16 51 43
Sep 16 51 43
Sep 16 51 43
Sep 15 50 43
Sep 15 50 43
Sep 15 50 43
Sep 15 50 43
Sep 14 51 43
Sep 14 51 43
Sep 13 51 43
Sep 12 51 43
Sep 12 51 43
Sep 11 51 43
Sep 10 51 43
Sep 10 51 43
Sep 09 51 43
Sep 08 51 43
Sep 08 51 43
Sep 08 51 43
Sep 08 51 43
Sep 08 51 43
Sep 08 51 43
Sep 07 50 42
Sep 06 50 42
Sep 06 50 42
Sep 05 51 43
Sep 04 51 42
Sep 04 51 42
Sep 03 51 42
Sep 02 51 43
Sep 02 51 43
Sep 01 50 42
Sep 01 50 42
Sep 01 50 42
Sep 01 50 42
Sep 01 50 42
Sep 01 50 42
Aug 31 50 42
Aug 31 50 42
Aug 31 50 42
Aug 31 50 42
Aug 31 50 42
Aug 30 50 41
Aug 30 50 41
Aug 29 51 42
Aug 28 51 43
Aug 28 51 43
Aug 27 51 43
Aug 26 50 43
Aug 25 50 42
Aug 25 50 42
Aug 25 50 42
Aug 24 50 42
Aug 23 50 42
Aug 22 50 42
Aug 21 50 42
Aug 20 50 42
Aug 19 50 42
Aug 18 50 42
Aug 18 50 42
Aug 18 50 42
Aug 17 50 42
Aug 16 50 42
Aug 15 50 42
Aug 15 50 42
Aug 14 50 42
Aug 14 50 42
Aug 13 50 41
Aug 12 50 42
Aug 12 50 42
Aug 11 50 42
Aug 11 50 42
Aug 11 50 42
Aug 11 50 42
Aug 10 50 41
Aug 09 49 41
Aug 08 49 41
Aug 07 49 41
Aug 06 50 41
Aug 05 50 42
Aug 04 50 42
Aug 04 50 42
Aug 03 50 42
Aug 02 50 42
Aug 01 50 42
Jul 31 50 42
Jul 30 50 42
Jul 29 49 41
Jul 28 49 41
Jul 28 49 41
Jul 28 49 41
Jul 27 50 42
Jul 26 51 41
Jul 25 51 41
Jul 24 51 41
Jul 23 51 41
Jul 22 50 41
Jul 21 50 41
Jul 21 50 41
Jul 20 50 41
Jul 19 51 41
Jul 18 51 41
Jul 17 50 41
Jul 16 50 41
Jul 15 50 41
Jul 15 50 41
Jul 14 50 40
Jul 14 50 40
Jul 13 51 40
Jul 12 51 40
Jul 12 51 40
Jul 11 49 40
Jul 10 49 40
Jul 09 49 40
Jul 08 49 40
Jul 07 50 41
Jul 07 50 41
Jul 06 49 41
Jul 05 49 40
Jul 04 49 40
Jul 03 49 40
Jul 02 49 40
Jul 01 50 41
Jun 30 50 41
Jun 30 50 41
Jun 30 50 41
Jun 29 50 41
Jun 28 49 41
Jun 27 50 40
Jun 26 50 40
Jun 25 50 41
Jun 24 50 41
Jun 23 50 40
Jun 23 50 40
Jun 22 50 41
Jun 22 50 41
Jun 21 50 41
Jun 20 50 41
Jun 19 50 41
Jun 18 51 41
Jun 17 50 41
Jun 16 50 41
Jun 16 50 41
Jun 15 49 41
Jun 14 50 42
Jun 13 49 41
Jun 12 49 41
Jun 11 49 42
Jun 10 49 42
Jun 09 49 42
Jun 08 49 42
Jun 07 49 42
Jun 06 49 42
Jun 05 49 42
Jun 04 49 42
Jun 03 49 42
Jun 03 49 42
Jun 03 49 42
Jun 02 48 41
Jun 02 48 41
Jun 01 48 42
Jun 01 48 42
May 31 48 42
May 30 48 43
May 29 48 43
May 28 48 43
May 27 48 42
May 26 48 42
May 25 48 42
May 24 48 42
May 23 48 43
May 22 48 43
May 21 48 43
May 20 48 43
May 19 48 43
May 19 48 43
May 18 49 44
May 17 49 44
May 16 49 44
May 15 49 44
May 14 49 43
May 14 49 43
May 13 48 43
May 12 47 43
May 11 48 43
May 10 48 43
May 09 47 42
May 08 48 42
May 07 48 42
May 06 48 42
May 05 48 42
May 04 48 42
May 03 47 42
May 02 48 42
May 01 48 42
Apr 30 48 42
Apr 29 48 42
Apr 28 48 42
Apr 28 48 42
Apr 27 49 42
Apr 26 49 42
Apr 25 49 42
Apr 24 48 42
Apr 23 48 42
Apr 22 48 42
Apr 21 48 42
Apr 20 48 43
Apr 19 49 43
Apr 18 49 43
Apr 17 49 42
Apr 16 49 42
Apr 15 48 42
Apr 14 48 42
Apr 13 48 42
Apr 12 48 42
Apr 11 48 42
Apr 10 48 42
Apr 09 48 42
Apr 08 48 42
Apr 07 48 42
Apr 07 48 42
Apr 07 48 42
Apr 06 49 42
Apr 06 49 42
Apr 06 49 42
Apr 05 48 43
Apr 04 48 43
Apr 03 48 43
Apr 02 48 43
Apr 01 49 44
Mar 31 49 45
Mar 30 49 45
Mar 29 49 45
Mar 28 49 45
Mar 27 49 45
Mar 26 49 45
Mar 25 49 44
Mar 24 49 43
Mar 24 49 43
Mar 23 50 44
Mar 22 50 44
Mar 21 52 42
Mar 20 52 43
Mar 19 52 43
Mar 18 52 42
Mar 17 52 42
Mar 16 52 43
Mar 15 52 43
Mar 14 52 43
Mar 13 52 43
Mar 12 52 43
Mar 11 51 43
Mar 10 50 43
Mar 09 51 42
Mar 08 51 42
Mar 07 50 43
Mar 06 49 45
Mar 05 49 45
Mar 04 49 45
Mar 03 49 45
Mar 02 49 45
Mar 01 50 45
Feb 29 50 45
Feb 28 50 45
Feb 27 50 44
Feb 26 50 45
Feb 25 50 45
Feb 24 50 45
Feb 23 50 45
Feb 22 50 45
Feb 21 50 44
Feb 20 50 44
Feb 19 50 44
Feb 18 50 44
Feb 17 51 44
Feb 17 51 44
Feb 16 50 44
Feb 15 50 43
Feb 14 50 43
Feb 13 50 43
Feb 12 50 46
Feb 11 50 44
Feb 10 50 44
Feb 09 50 44
Feb 08 49 44
Feb 07 49 44
Feb 06 49 44
Feb 05 50 46
Feb 04 50 45
Feb 03 50 45
Feb 02 50 45
Feb 01 50 44
Jan 31 50 44
Jan 30 50 44
Jan 29 50 44
Jan 28 50 44
Jan 27 50 45
Jan 26 50 45
Jan 25 50 45
Jan 24 50 46
Jan 23 50 46
Jan 23 50 46
Jan 22 50 44
Jan 21 51 45
Jan 20 51 45
Jan 19 51 45
Jan 18 48 46
Jan 17 48 46
Jan 16 48 46
Jan 15 48 46
Jan 14 48 46
Jan 13 48 46
Jan 12 48 46
Jan 11 48 46

30 days until Umunsi w'itora

Ibiharuro ngereranyo vya BBC vy'amajwi biraba amajwi y'umuntu umwe umwe mu minsi indwi bigaca vyerekana aho bishobora kuganisha hafatiwe ku giharuro basanze kiri hagati na hagati.

Presentational white space

Ibi bitandukanye no mu 2016, aho ibiharuro bitari bitomoretse neza, mu gihe Bwana Trump na Hilary Clinton yari ahanganye nawe bagenda batandukanywa n'amajwi make cane, uko umunsi w'amatora wagenda wegereza.

Section divider

Ni izihe ntara zizobangurukanya?

Nk'uko umupfasoni Clinton yavyiboneye mu 2016, igitigiri c'amajwi uronka sico nkenererwa cane gusumba uburere wayaronkeyemwo.

Amatora muri Amerika

Hafi intara zose zitorera umunsi umwe, bisigura ko muvy'ukuri hariho intara nkeya abahiganwa bompi barondera gutsinda. Izi ntara rero nizo zizokwerekana uwatsinze n'uwatsinzwe, zikaba zizwi nk'intara zigize urubuga rw'intambara kubera zifise igitigiri kinini c'intumwa zitora.

Presentational white space

Muri iyi nteguro isanzwe ikoreshwa muri Amerika aho ari intumwa zitora umukuru w'igihugu, buri ntara ihabwa igitigiri c'intumwa hisunzwe igitigiri c'abayiserukira mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Intumwa zose zitora ni 538, vyumvikana ko kugira utsinde utegerezwa kugira 270.

Nk'uko iyi karata yo hejuru ivyerekana, intara zimwe zimwe zirwanirwa zifise igitigiri kinini c'intumwa, vyumvikana ko abahiganwa bafata umwanya munini cane bazikoreramwo imyiyamamazo.

Section divider

Ni nde ari imbere muri izi ntara zigize urubuga rw'intambara ?

Muri uno mwanya, ingene ibintu bihagaze muri zino ntara zifise intumwa nyinshi ni uko Joe Biden aza imbere, ariko urugendo ruracari rurerure kandi ibintu bishobora guhinduka mu kanya gato, cane cane mu gihe Donald Trump yokwinjirayo.

Aya majwi ngereranyo yerekana ko Bwana Biden ari imbere mu ntara za Michigan, Pennsylvania na Wisconsin - intara zitatu zikomeye mu vy'amahinguriro, umukeba wiwe wo mu mugambwe w'aba Repubulika akaba yahatsinze ku bice biri munsi ya 1% mu 2016.

Amajwi ngereranyo aheruka mu maleta ahiganirwa cane

Manuka urebe ibindi byinshi
Kanda ku majambo y'umutwe utondeke urutonde ufatiye ku murongo mu buryo buduga canke bumanuka
Arizona 47,9% 47,0% Trump + 3,6%
Florida 47,9% 47,0% Trump + 1,2%
Georgia 47,2% 48,2% Trump + 5,2%
Iowa 45,6% 47,6% Trump + 9,5%
Michigan 50,0% 45,8% Trump + 0,2%
Minnesota 48,0% 43,7% Clinton + 1,5%
Nevada 48,7% 46,3% Clinton + 2,4%
New Hampshire 53,4% 42,4% Clinton + 0,4%
North Carolina 47,6% 47,8% Trump + 3,7%
Ohio 46,3% 47,3% Trump + 8,2%
Pennsylvania 48,7% 47,5% Trump + 0,7%
Texas 46,5% 47,8% Trump + 9,1%
Virginia 51,7% 40,3% Clinton + 5,4%
Wisconsin 51,0% 44,3% Trump + 0,8%

Fungura bushya 'browser' yawe ubone ibiganirwaho

Aho biva: US Census Amakuru ya nyuma aheruka: 03/11

Presentational white space

Ariko, abajejwe imyiyamamazo ya Bwana Trump barafise ubwoba muri izi ntara zifise intumwa nyinshi yari yatsinzemwo cane mu 2016. Mu ntara za Iowa, Ohio na Texas yari yazitsinzemwo ku bice biri hagati ya 8 na 10%, ariko muri kino gihe ibiharuro biboneka ko vyegeranye cane.

Ariko amasoko y'akamari yoyo ntarahebura. Ibitigiri biheruka vyerekana ko habuze gato ngo Trump ashikane ibice 50%, ibi bikerekana ko hari abantu biteze ko ibintu bishobora guhinduka mu ndwi nkeya ziri imbere maze ku munsi w'amatora, ku wa 03 z'ukwa cumi na rimwe, ibintu bigahinduka.

Hagati aho, abahinga mu vya politike nta cizere kinini bafise ko ashobora gusubira gutorwa. Urubuga ngurukanabumenyi, FiveThirtyEight, rusanzwe rukora imyihwezo ya politike, ruvuga ko Bwana Biden ari we "afise amahirwe yo gutsinda aya matora, mu gihe ikinyamakuru The Economist naco nyene kivuga ko "biboneka cane" ko ashobora gutsinda Bwana Trump.

Section divider

Coronavirus yoba yaragize ingaruka ku biharuro vy'amajwi ya Trump?

Ikiza karanda ca coronavirus nirwo ruririmbo muri Amerika kuva mu ntango z'uno mwaka kandi ingene Donald Trump yavyifashemwo ntibibonwa kumwe n'abanyamigambwe.

Mu kwa gatatu kugeze hagati, abamushigikiye bariyongereye cane igihe afatiye ingingo zo mu bihe bidasanzwe, akanemerera intara imiliyaridi 50 z'amadorari kugira ngo zishobore guhagarika ikwirakwira ry'uwu mugera. Muri ico gihe, ikigo gikuru cegeranya amajwi ngereranyo Ipsos camenyesheje ko ibice 55% vy'Abanyamerika bamushigikiye.

Ariko icizere abo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi bari bamufitiye caraheze, mu gihe abo mu mugambwe w'aba Repubulika babandanije bari inyuma yiwe.

Amatora muri Amerika

Gushika mu kw'indwi, iki kigo cerekana ko bamwe mu banywanyi biwe batanguye kugira amakenga ku kungene ariko avyifatamwo - ariko ibiharuro bikaba vyarasubiye kuduga gatoya mu kwa munani n'ukw'icenda.

Presentational white space

Uwu mugera uboneka ko ari co kibazo gishobora kwizizira imitwe y'abatora, kandi abahinga bo kuri kaminuza ya Washington baherutse gusohora umwihwezo werekana ko igitigiri c'abazoba bamaze guhitanwa n'uwu mugera gishobora kuba caduze gushika ku bantu 230.000 gushika ku munsi w'amatora.

Bwana Trump yizeye ko umugambi yise Operation Warp Speed, wo kurondera urucanco hasi hejuru, rushobora gukora ibitangaza mu kwezi kw'icumi, ikintu ca nyuma gishobora gutuma amatora afata iyindi sura.

Umuhanuzi mu vy'ubuhinga muri uwo mugambi, avuga ko hari "amahirwe make cane rwose ariko ko hari icizere" ko urucanco rushobora kuba rwabonetse imbere y'igenekerezo rya 03 z'ukw'icumi na rimwe, umunsi w'amatora.

Section divider

None twokwizera aya majwi ngereranyo?

Ubu biroroshe kuyiyamiriza mu kuvuga ko yerekanye ibitari vyo mu 2016, kandi na Perezida Trump yama ayiyamiriza igihe cose. Ariko si ukuvuga ko ata kuri kurimwo.

Amajwi ngereranyo yose yegeranywa mu gihugu yerekana ko Hillary Clinton ari we yari imbere ku bice biri hejuru gatoya, ariko si ukuvuga ko bitari vyo, mu gihe tuzi ko yasumbije umukeba wiwe amajwi imiliyoni zitatu.

Abegeranya aya majwi ngereranyo barahuye n'ingorane mu 2016 - cane cane mu kunanirwa no kwerekana ingene abahiganwa bagenda basumbanya amajwi hishimikijwe ibitigiri vya za ntumwa zitora buri ntara yemerewe - ibi bikavuga ko inguvu za Trump mu ntara zimwe zimwe zifise intumwa nyinshi zitahuse ziboneka gushika mu minsi ya nyuma y'imyiyamamazo.

Muri kino gihe, ibigo vyose vyegeranya aya majwi ngereranyo vyarakosoye iki kibazo.

Ariko rero muri uno mwaka, igipfungu ni cinshi gusumba uko abantu bavyibaza kubera ikiza karanda ca coronavirus n'ingaruka zaco haba ku butunzi ndetse no ku kungene abantu bazotora mu kw'icumi na rimwe.

Rero ivyerekanwa n'aya majwi ngereranyo bikwiye kwitonderwa cane, na rirya hakiri umwanya utari muto imbere y'umunsi w'amatora nyezina.